92.The Night

  1. Ndarahiye kw’Ijoro ripfuka ibintu vyose
  2. No k’Umutaga utanga umuco wayo
  3. No kuwaremye ikigabo n’ikigore
  4. Yuko ibikorwa vyanyu bitandukanye
  5. Umwe atanga nugutinya Imana yiwe
  6. N’ukwemera ijambo ryiza
  7. Tuzo mworohereza inzira yukuja mw’ijuru
  8. N’uwigira ingumyi ntiyiteho kubindi biremwa nkawe
  9. N’uguhakana ibintu vyiza
  10. Tuzo mworohereza inzira y’ukuja muriro udahera
  11. N’amatungo yiwe ntaco azomumarira mugihe azoba ariko aranyikira mu muriro udahera
  12. Mu vy’ukuri nikuri twebwe kuba menyesha ibiremwa vyose inzira nziza hamwe n’inzira y’ishari
  13. Mu vy’ukuri twebwe turafise Ijuru n’Isi
  14. Rero nimugabe n’umuriro udahera waka n’inguvu nyinshi cane
  15. Ntawuzo winjira mwo atari umuntu mubi
  16. Ariwe ahakana n’ukuyiha umugongo iyi dini y’ukuri
  17. Nuwu gamburukira Imana yiwe y’ukuri azokingirwa nuwo muriro udahera
  18. Uwutanga amatungo yiwe kugira ngo yisukure
  19. Mugihe ata n’umwe yamugiriye ineza kugira ngo abe aramuriha iyo neza
  20. Atari ukurondera impuhwe z’Umuremyi wiwe mutagatifu
  21. Rero azoronka ikizo muhumuriza