91.The Sun

  1. Ndarahiye kw’Izuba no kumishwarara yaryo
  2. No k’Ukwezi kugu kurikira
  3. No k’Umutaga uku boneshereza
  4. No kw’Ijoro mugihe kuripfuse
  5. No ku Majuru hamwe n’uwayubatse
  6. No kw’Isi hamwe n’uwayishashe
  7. No k’umutima hamwe n’uwawuringanije
  8. Hanyuma arawubwira amabi y’awo n’ivyiza vyawo
  9. Ntankeka arafise intsinzi uwasukuye umutima wiwe
  10. Kandi ntankeka yarahomvye uwa cinyije umutima wiwe
  11. Ba Thamuda barahakanye Umuremyi wabo kubera ukuzimira kwabo
  12. Mugihe yahagarara umwe mubabisha babo mukuru
  13. Aho niho intumwa y’Imana yababwira iti:- iyi n’Ingamiya y’Imana ni muyireke hamwe n’ibinyobwa vyayo
  14. Mugabo barayihakanye iyo ntumwa y’Imana barayica, kuri ivyo rero Umuremyi wabo aca arabahonya kubera ibicumuro vyabo nukuba hanagura burundu
  15. Kandi ntibatinya ingaruka yavyo