90.The City

  1. Ndarahiye kuri iki gisagara c’Imakkat
  2. Na wewe uzomanuka muri iki gisagara nyene
  3. Ndarahiye kukintu cavyaye, hamwe nicavutse
  4. Yuko twaremye ikiremwa muntu mungorane nyinshi cane
  5. Mbega yiyumvira yuko ata n’umwe yoshobora kumufata
  6. Avuga ati:- narononye amatungo menshi cane
  7. Mbega yiyumvira yuko ata n’umwe amubona
  8. Mbega ntitwamuhaye amaso abiri
  9. N’ururimi hamwe n’iminwa ibiri
  10. Tumwereka inzira zose uko ari zibiri
  11. Mbega yarawusatuye uwo musozi
  12. None n’igiki kizo kumenyesha uwo musozi
  13. N’uguha umushumvyi uburenganzira bwiwe n’iteka rimukwiye
  14. Canke ukamurisha k’umusi w’ikigoyi
  15. Impfuvyi y’umugenzi n’iyitari iyumugenzi
  16. Canke umukene ataco yifashije
  17. Hanyuma abe mubemeye Imana yiwe y’ukuri, nukuburirana ukwihangana nukuburirana mukugiriranira ikigongwe
  18. Abo nibo bantu bo kuruhande rw’amahoro
  19. Mugabo abahakanye amajambo yacu matagatifu, abo nibo bantu bo kuruhande rw’ishari
  20. Umuriro wugarijwe kumpande zose uzoba uri hejuru yabo