89.The Dawn

  1. Ndarahiye k’Umutwenzi
  2. No kumisi icumi
  3. No ku bintu bibiri bibiri, canke kuri kimwe kimwe
  4. No kw’Ijiro rirenganye
  5. Hari muri ibi, indahiro k’uwufise ubwenge agatinya
  6. Mbega ntiwabonye ingene Umuremyi wawe yagiriye bene Aadi
  7. Abo bene Irama bari bafise amazu mare mare
  8. Abo bantu bataremwe nk’abandi bantu mubindi bisagara
  9. Na Thamuda aribo babaje imisozi kumbuga zabo
  10. Na Fir’auni nyene amazu nk’inkingi zikiriho n’ubu
  11. Abagize amabi mubisagara
  12. Hanyuma bararengeje urugero muri ivyo bisagara kumabi atako avurwa
  13. Kuri ivyo Umuremyi wawe yarabakubise inkoni imwe gusa y’ibihano
  14. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe ari mw’iperereza
  15. Mugabo umuntu Umuremyi wiwe yamuhaye ibibazo n’ukumuha iteka n’ukumuha imigisha nawe agaca avuga ati:- Muremyi wanje wampaye iteka ntangere
  16. Nigihe imuhaye ibibazo nukumu gabaniriza imigisha yiwe, aca avuga ati:- Muremyi wanje uramaramaje
  17. Suko, ahubwo mwebwe ntimuraba impfuvyi n’ijsho ry’ikigongwe
  18. Kandi mwebwe ntimwihimiriza kurisha abakene
  19. Kandi murarya ibisigi vy’abantu n’igihababu cinshi cane
  20. Kandi murakunda amatungo k’urugero rurengeje ibintu vyose
  21. Suko bimeze, mugihe Isi izo manyagurwa ibimanyu manyu
  22. N’Umuremyi wanyu azoshika ari kumwe n’Abamarayika bari kumirongo n’iyindi
  23. Rero kuri uwo musi hazo shikirizwa wa muriro udahera witiriwe Jahannamu, kuri uwo musi umuntu azokwibuka, mugabo uko kwibuka kwiwe kuzo mumarira iki
  24. Azovuga ati:- iyo ntanguza ineza kubera ubuzima bwanje
  25. Rero uwo musi Imana ntizohana umuntu uwariwe wese nkuko Imana ihora ihana
  26. Kandi ntizo boha uwariwe wese nkuko ihora ibaboha
  27. Ewe mutima uhumuye
  28. N’ugaruke ku Muremyi wawe wizeye yuko utekaniwe, n’Imana nayo itekanirwe na wewe
  29. Rero niwinjire mumirwi y’abantu beranda
  30. Winjire mw’Ijuru ryanje