88.The Overwhelming

  1. Mbega warashikiwe n’inkuru y’ivyago bizopfuka ibiremwa vyose
  2. Uwo musi amaso y’abantu azoba afise ibimaramare vyinshi cane
  3. N’ukugira imirimo ikoma komeye cane iruhisha
  4. Binjire mu muriro udahera waka cane
  5. Bazonyweshwa muri ayo mariba abira ukuri kwama
  6. Ntabifungurwa bazoba bafise atari ibifungurwa vy’amahwa gusa
  7. Ntibivyibuhisha canke ngo bikure ikigoyi
  8. Amaso y’abandi bantu kuri uwo musi w’imperuka azoba asayangana neza
  9. Azoba yashimiwe kubera ibikorwa vyabo bagize
  10. Zizoba ziri mw’ijuru ry’iteka ntangere
  11. Ntizizo kwumva muri ayo majuru ibidafise akamaro
  12. Harimwo amariba y’amazi ashunguruka neza
  13. Harimwo n’inyegamo z’iteka zitaramuwe hejuru
  14. N’ibirahuri bishinguwe neza
  15. N’imisego itondeshejwe kumirongo n’iyindi
  16. N’ibirago bishashwe neza biteye igomwe
  17. Mbega ntibitegereza igene Ingamiya yaremwe
  18. N’Amajuru ingene yareruwe
  19. N’Imisozi igene yatsimbatajwe
  20. N’Isi igene twayaguye
  21. Rero niwibutse mu vy’ukuri wewe n’uwibutsa abantu gusa
  22. Wewe suwo kubaca imvutu
  23. Mugabo uwusubiye inyuma n’uguhakana Umuremyi wiwe w’ukuri
  24. Imana izo muhana ibihano bininiya cane
  25. Mu vy’ukuri ingaruka yabo niyizoba iwacu
  26. Hanyuma ntankeka iharurwa ryabo riri hejuru yacu