87.The Most High

  1. Ninahaza izina ry’Umuremyi wawe mutagatifu
  2. Uwaremye ibintu vyose nukubi ringaniza
  3. Nukugerageza kimwe kukindi, nukukirongora
  4. Niya nagishije ivyakatsi vyose
  5. Hanyuma nukuyigira ivyumye n’ibara ryirabura
  6. Tuzo kwigisha kandi ntuzo kwibagira
  7. Mugabo Imana ibishatse niyo ifise ubumenyi bw’ibiboneka hamwe nibita boneka
  8. Natwe tuzo kworohereza idini ryoroshe
  9. Rero nubashikirize ubwo butumwa nibwaba bushoboka
  10. Ntankeka azokwibuka uwutinya Imana yiwe y’ukuri
  11. Uwufise ibihano vyinshi azoba kure y’ubwo butumwa
  12. Uwuzo kwinjira mu muriro udahera muniniya cane
  13. Hanyuma muri uwo muriro udahera ntazopfa canke ntazoba muzima
  14. Mu vy’ukuri aramaze kuronka intsinzi uwisukuye n’amabi
  15. Akibuka izina ry’Umuremyi wiwe n’ugusenga
  16. Mugabo mwebwe mukunda cane ubuzima bwo ngaha kw’Isi
  17. Mugihe ubuzima bwo mw’ijuru aribwo bwiza gusumba kandi buramba
  18. Mu vy’ukuri ibi vyose, biri mu bitabu vy’akahise. hamwe n’intumwa y’Imana
  19. Ibitabu vy’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Mussa (iii)