86.The Morning Star

  1. Ndarahiye ku Majuru hamwe n’icoza mw’Ijoro
  2. None n’igiki kizo kumenyesha ico kintu kizoza mw’Ijoro
  3. N’Inyenyeri yaka cane
  4. Nta mutima w’Umuntu uwariwe wese atari uko ufise uwuwu cungereye hejuru yiwe
  5. Ahubwo umuntu niyirabe neza, yaremwe mu kintu nyabaki
  6. Yaremwe mumazi asunitswe
  7. Avuye hagati y’amagufa y’umugongo n’igikiriza
  8. Mu vy’ukuri Imana irafise ubushobozi bw’ukumugarura
  9. Umusi hazoserurwa amabanga y’abantu bose
  10. Rero nta bushobozi azoba afise canke umufasha
  11. Ndarahiye kubicu bizana imvura
  12. No kw’Isi isaduka ikazana ibiterwa
  13. Yuko iyi Qur’ani ntagatifu, n’imvugo itandukanya ukuri kwama
  14. Kandi si ibijajuro
  15. Mu vy’ukuri n’abagira ingeso kuzindi
  16. Nanje izo ngeso zabo ndazitereye kure
  17. Nubahe abo bahakanyi b’Imana y’ukuri, umwanya mutoyi gusa