85.The Constellations

  1. Ndarahiye ku Majuru afise Inyenyeri
  2. No k’umusi w’isango bemerewe
  3. N’uwuzoba icabona kuki boneshwa
  4. Barahonejwe abantu batoteje aba Isilamu bari kubirindiro vyabo vyo mubinogo
  5. Bifise umuriro w’inkwi nyinshi cane
  6. Mugihe bari bicaye ngaho
  7. Nabo bitegereza ivyo bagirirwa abo ba Isilamu
  8. Nabo batara bona inabi iyariyo yose kuri bo, atari ukwemera Imana yabo ariyo nyene intsinzi n’uguhayagizwa bimwe bikwiye
  9. Ikaba ariyo nyene ubwami bw’Amajuru n’Isi, n’Imana niyo ibona ibintu vyose
  10. Mu vy’ukuri bamwe batoteza aba Isilamu b’abagabo hamwe naba Isilamu kazi, hanyuma ntibasabe imbabazi, abo bantu bazoronka ibihano vyo mu muriro udahera witiriwe Jahannamu, kandi bazoronka ibihano biba turira neza cane
  11. Mu vy’ukuri bamwe bemera Imana yabo y’ukuri, nukugira ibikorwa vyiza ntankeka bazoronka imirima irimwo inzuzi zica imbere yabo, iyi niyo ntsinzi niniya
  12. Mu vy’ukuri uguhana kw’Umuremyi wawe kurakaze cane
  13. Niyo yatanguje kurema ibiremwa vyose naniyo izobagarura
  14. Nayo niyo ifise ikigongwe cinshi, n’ugukunda ibiremwa vyayo vyose
  15. Nyene inyegamo y’iteka ntagatifu
  16. Umugizi w’ukugira ico yishakiye cose
  17. Mbega warashikiwe n’inkuru z’ingabo z’abatemera Imana yabo y’ukuri
  18. Ariwe Fir’auni hamwe na Thamudu
  19. Mugabo abahakanye Imana yabo y’ukuri bagumye badadaza gusa
  20. N’Imana iraba kikuje kumpande zose
  21. Ahubwo iyi ni Qur’ani ntagatifu
  22. Kuri urwo rubaho rushinguwe neza