84.The Splitting Open

  1. Igihe Amajuru azo satagurika
  2. Nigihe azo tega amatwi arekuriwe n’Umuremyi wayo
  3. N’Isi nayo mugihe izo sanzazwa
  4. N’ugukura ivyari muriyo igasigara igaragara
  5. Igatega amatwi ku Muremyi wayo n’ukwemererwa
  6. Wa muntu we ! mu vy’ukuri wewe urita kurutare kugeza aho muzohura n’Umuremyi wawe, rero ivyo bikorwa vyawe uzobisanga iwe
  7. Nayo uwuzo habwa igitabu ciwe m’ukuboko kwiwe kw’iburyo
  8. Rero uyo muntu azo harurwa n’ibiharuro vyoroshe cane
  9. Kandi azosubira ku bantu biwe mugihe azoba afise akanya kuneza ntangere
  10. Mugabo uwuzo habwa igitabu ciwe imugongo
  11. Uyo muntu azo saba urupfu
  12. Kandi azo kwinjira mu muriro udahera
  13. Kuko yari afise akanya muneza hamwe n’abiwe
  14. Yiketse yuko atazo garuka ku Mana yiwe
  15. N’ukubera iki atagarukira Umuremyi wiwe yamye amubona
  16. Rero ndarahiye k’ugutukura kw’izuba bugorovye
  17. No kw’Ijoro hamwe nivyo ryegeranye
  18. No k’Ukwezi mugihe gukwijije imisi yakwo
  19. Muzo hura n’ivyabaye hamwe n’ibindi
  20. None bafise iki ko batemera
  21. Mugihe basomewe iyi Qur’ani ntagatifu ntibayi gamburukira
  22. Mugabo bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri baguma bahakana gusa
  23. N’Imana niyo ifise ubumenyi bwivyo begeranya
  24. Rero n’ubabwire ibihano bibabaza cane
  25. Dukuyemwo abemeye Imana bimwe bivuye k’umitima yabo n’ukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bazoba bafise impembo idahera