83.Defrauding

  1. Uguhonywa kw’abantu kuzoba shikira kuba zimba abandi
  2. Mugihe bipimiye ku bantu bakira ibipimo bikwiye
  3. Mugabo bapimiye abantu kumagemeri canke kuminzani baca bagabanya ko
  4. Mbega ntibiyumvira yuko bazo zurwa
  5. K’umusi uzoba ari umusi mukuru
  6. K’umusi abantu bose bazohagarara imbere y’Umuremyi w’ibiremwa vyose
  7. None sivyo, mu vy’ukuri inyandiko z’abantu babi ziri mu gitabu citiriwe Sijjini
  8. None n’ijambo nyabaki rizo kumenyesha ico gitabu citiriwe Sijjini y’uko ari ikintu nyabaki
  9. N’igitabu canditswe mwo ibikorwa vy’abantu babi
  10. Kuri uwo musi ibihano bikaze cane bizoshikira ku bantu bahakana
  11. Abahakana umusi w’impembo
  12. Kandi ntawuhakana atari uwarenze imbibe zagenywe n’Imana, kandi bafise ibicumuro
  13. Asomewe amajambo yacu matagatifu aca avuga ati:- izo n’ingeso z’abantu baho hambere
  14. None sivyo ! Ahubwo bashize ku mitima yabo ingutu kumabi bahora bagira
  15. None si uko ! mu vy’ukuri bazo hagarikwa kuri uwo musi w’imperuka n’Umuremyi wabo
  16. Hanyuma bazokwinjira mu muriro udahera
  17. Hanyuma babwirwe bati :- ibi nivyo mwahora muhakana
  18. None sivyo ! mu vy’ukuri inzandiko z’abantu beranda ziri mugitabu citiriwe Iliyyiin
  19. None n’ijambo nyabaki rizo kumenyesha kugira ngo umenye iyo Iliyyin yuko ari ikintu nyabaki
  20. N’igitabu canditswe mwo ibikorwa vy’abantu beranda
  21. Ababibona ni barya batumire batumiwe n’Imana
  22. Mu vy’ukuri abagira ineza bazoba bari mu migisha myiza ntangere
  23. Bicare kunyegamo z’iteka barabana
  24. Uzobona ibimenyetso vy’imigisha ku maso yabo
  25. Bazo nyweshwa ibinyobwa vyugawe n’imipfundikizo myiza
  26. Mu nyuma yivyo ivyo binyobwa nivyo bizana akamoto kitiriwe Miski, mugabo mu kuronka ibi vyose nibahiganwe abahiganwa bose
  27. N’ivangwa ryiyo Miski rivanzwe n’amazi yitiriwe Tasniim
  28. Naryo n’isoko bazonywera mwo abantu begeranywe n’Imana
  29. Mu vy’ukuri bamwe bahora bagira ibicumuro bahora batwenga abemeye Imana yabo y’ukuri
  30. Baciye hambavu yabo, baca bakubitana ingohe babacokora
  31. Bagarutse ku bantu babo, bagaruka bafise akamwemwe ntangere
  32. Baba bonye baca bavuga bati:- mu vy’ukuri abo bantu nibo bazimiye aribo ba Isilamu
  33. Nayo abahakanyi b’Imana y’ukuri ntibarungitswe kuba Isilamu kugira ngo baba cungere
  34. Uno musi abemeye Imana yabo y’ukuri, bazo batwenga aba hakanye Imana yabo y’ukuri
  35. Bazoba bari hejuru y’inyegamo z’iteka barabana kumigisha yabo
  36. Mbega abahakanyi b’Imana y’ukuri, barahawe impembo yivyo bahora bagira