82.The Cleaving

  1. Igihe amajuru azo satagurika
  2. N’inyenyeri igihe zizo hunguruka
  3. N’ibiyaga igihe bizo saturwa
  4. N’intatemwa z’abantu igihe zizo zurwa
  5. Umutima w’umuntu uzomenya ico watanguje kugira hamwe n’ico wasigaje inyuma
  6. Wewe muntu! ni igiki kiguhenda n’Umuremyi wawe mutagatifu
  7. Uwakuremye nuku kugira neza, hanyuma nuku kuringaniza neza
  8. Mw’ishusho iryariryo ryose yishakiye niko yakuringanije
  9. None si uko, ahubwo mwebwe nimwe muhakana uwo musi w’impembo
  10. Mu vy’ukuri hejuru yanyu hari abantu babashigikiye
  11. Bafise iteka kandi bandika
  12. Bafise ubumenyi bwivyo mugira vyose
  13. Mu vy’ukuri abagira ineza bose bazoba bari mumahirwe
  14. N’abagizi b’inabi bose bazoba bari mu muriro udahera
  15. Bazo kwinjira muriwo k’umusi w’impembo
  16. Kandi ntibazowuva mwo
  17. N’igiki kizo kumenyesha uwo musi w’impembo yuko uzoba ari umusi wa ryari
  18. Kandi n’igiki kizo kumenyesha uwo musi w’impembo y’uko uzoba ari umusi wa ryari
  19. N’umusi waho umutima w’umuntu utazo shigikira umutima w’uwundi muntu kukintu icarico cose, n’itegeko ryuwo musi rizoba ari iry’Imana gusa