81.The Overthrowing

  1. Igihe izuba rizo zingwa zingwa
  2. N’Inyenyeri nazo mugihe zizo hunguruka
  3. N’Imisozi nayo mugihe izo gendeshwa
  4. N’Ingamiya ziri mumezi yazo mugihe zizo tabwa
  5. N’Ibikoko vyo mw’ishamba mugihe bizo kwegeranywa
  6. N’ibiyaga navyo mugihe bizoturirwa
  7. N’Imitima y’abantu nayo mugihe izoteranywa n’imibiri yavyo
  8. N’umwana w’umwigeme yahambwe akiri muzima mugihe azo bazwa
  9. Kucaha nyabaki yatumwe agandagurwa
  10. N’ibitabu vy’ibikorwa vy’abantu mugihe bizokwizwa ku bantu bose
  11. N’ifukisho ry’Ijuru mugihe rizo fukurwa
  12. N’Umuriro udahera witiriwe Jahannamu mugihe uzo huherwa
  13. N’Ijuru igihe rizo kwegerezwa
  14. Umutima w’umumwe wese uzo menya ico washikirije
  15. Rero ndarahiye kunyenyeri zisubira inyuma
  16. Zigenda hanyuma zika zimangana
  17. No kw’Ijoro mugihe ryinjiye
  18. No mugitondo mugihe hakeye
  19. Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu n’amajambo yazananye n’intumwa y’Imana ntagatifu Jibrilu (iii)
  20. Afise inguvu n’icubahiro c’iteka imbere y’Imana
  21. Agamburukirwa iyo mw’Ijuru hanyuma akaba yizigirwa
  22. Yuko mugenzi wanyu atari umusazi
  23. Mu vy’ukuri yaramubonye Umumarayika Jibrilu (iii) kurugero rw’amaso ruboneka neza
  24. Kandi s’ingumyi w’ibintu bitazwi
  25. Kandi aya s’amajambo ya Shetani yirukanywe mumigisha y’Imana
  26. None muja hehe
  27. Ntiyari kuba iyi Qur’ani ntagatifu atari uko ari icibutso ku bantu bose
  28. Uwushaka muri mwebwe gufata inzira igororotse
  29. Namwe ntimuzo kwemera atari uko Imana Umuremyi w’ibiremwa vyose yabishatse