80.He frowned

  1. Yarazinze mumaso yiwe n’uguhindukiza amaso yiwe
  2. Kubera yuko yashikiwe n’impumyi
  3. None n’igiki cakumenyesheje nkumbure azo kwisukura
  4. Canke azo kwibuka ico cibutso gishobore kumufasha
  5. Nayo uwuzo bona yuko ataco akeneye mw’idini arimwo
  6. Ari wewe umwitaho gusumba
  7. Kandi sikuri wewe natasukuka
  8. Mugabo uwukwituye
  9. Nawe atinya
  10. Na wewe nt’umwiteho
  11. Oya sivyo, mu vy’ukuri iyi Qur’ani n’impanuro
  12. Kuwukunda uwariwe wese azonyurwa
  13. Kumpapuro z’iteka
  14. Zatewe iteka kandi zisukuwe
  15. Ziri muminwe y’abanditsi b’Imana
  16. Bafise iteka kandi baninahaza Imana yabo y’ukuri
  17. Umuntu yaratakaye mukubandanya n’ubuhakanyi bwiwe
  18. Niku kintu nyabaki yamuremye mwo
  19. Kw’ima ry’intanga niryo yamuremye mwo n’ukumuha ububasha bukwiye
  20. Hanyuma imworohereza inzira yoroshe
  21. Hanyuma iramwica nukumushira mu ntatemwa yiwe
  22. Hanyuma mugihe izoshakira izo muzura
  23. Oya! ntaraheza ivyo yamutegetse Umuremyi wiwe
  24. Umuntu niyitegereze ibifungurwa vyiwe
  25. Mu vy’ukuri twebwe twasukiye amazi kunguvu tuyakuye mubicu
  26. N’ukumanyagura Isi ibimanyu manyu
  27. Muriyo tunagisha ibifungurwa bitandukanye vy’intete
  28. N’imizabibu hamwe n’ivyakatsi biribwa
  29. N’imizayituni hamwe n’imitende
  30. N’imirima irimwo ibiti vyegeranyeko n’ibindi
  31. N’ivyamwa hamwe n’ivyatsi vy’ibitungwa
  32. Mukuba nezereza mwebwe bantu hamwe n’ibikoko vyanyu
  33. Mugihe hazoshika ijwi rikaze cane ribabaza amatwi
  34. N’umusi waho umuntu azohunga mwene wabo
  35. Na nyina wiwe hamwe na Se wiwe
  36. N’umutambukanyi wiwe hamwe n’ibibondo vyiwe
  37. Umuntu wese muribo kuri uwo musi azoba afise ibimuhagije wenyene
  38. Kuri uwo musi ayandi maso y’abantu azoba asayangana
  39. Azo twenga asusurutse neza
  40. N’ayandi maso kuri uwo musi, azoba afise inkungugu kuriyo
  41. Umwijima ukaze cane uzoba ubapfutse
  42. Abo nibo bahakanyi b’Imana y’ukuri b’inkozi z’ibibi