79.Those who drag forth

  1. Ndarahiye kuri ba bamarayika bakwega n’inguvu imitima y’abantu babi
  2. No kuri barya bakura imitima y’abantu beranda n’ubwitonzi ntangere
  3. No kuri barya bogana niyo mitima bayitwara ningoga na ningoga
  4. N’ukuyi shikana n’ingoga na n’ingoga iyo bayishikana
  5. N’ukuzigirira ibikenewe kuriyo
  6. Umusi izovuzwa inzamba yambere ikazojugumiza ibintu vyose
  7. Hanyuma hakurikire inzamba igira kabiri
  8. Kuri uwo musi imitima y’abantu izo diha diha kubera ubwoba
  9. Amaso yayo azoba yunamye hasi
  10. Abahakanyi b’Imana y’ukuri bazo vuga bati:- mbega ni vy’ukuri twebwe tuzosubizwa nk’uko twari tumeze aho hambere
  11. Naho twoba turi amagufa masa yamaze kuribwa hagati yayo
  12. Bazo vuga nkaba tyoza aya majambo bati:- ingaruka y’ibi vyose n’uruhombo kuri twebwe
  13. Mu vy’ukuri uwo musi w’imperuka uzobaho hakubiswe akaruru kamwe gusa
  14. Mu mwanya abantu bose bazoba bari kw’Isi nshasha
  15. Mbega uramaze gushikirwa n’inkuru y’intumwa y’Imana Mussa (iii)
  16. Mugihe Umuremyi wiwe yamuhamagarira mu mwaba mutagatifu witiriwe Twuwa
  17. Imubwira iti:- n’ugende kwa Fir’auni, mu vy’ukuri niwe yimonogoje n’ubwishime bwiwe
  18. Umubwire uti:- mbega wewe ugomba kwisukura
  19. Nanje nzokurongora ku Muremyi wawe kugira ngo uyi gamburukire
  20. Rero yaramweretse ibimenyetso bikuru bikuru
  21. Mugabo kuri ivyo vyose yarabi hakanye ariyonkora
  22. Mu nyuma yarasubiye inyuma atangura kwihangana kugira ngo azitire abantu ntibakurikire intumwa y’Imana Mussa (iii)
  23. Yarakoranije abantu abahamagara
  24. Avuga ati :- ni jewe Muremyi wanyu mukuru
  25. Aho niho Imana yamufata mukuboko kwiwe mukuriha kumvugo yiwe ya nyuma hamwe n’imvugo yiwe yambere
  26. Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo utuzwa kuri bamwe batinya Imana yabo y’ukuri
  27. Mbega ni mwebwe mufise iremwa rikomeye gusumba, canke Amajuru ? Niyo yayubatse
  28. Irerura ayo Majuru kubungane bwayo n’ukuzigira neza
  29. N’ugushiramwo umwijima w’Ijoro ryawo, n’uguserura Umutaga wayo
  30. Munyuma yaho Isi arayisasa
  31. Ayikuramwo amazi yayo, hamwe n’amarisho yayo
  32. N’Imisozi yose arayi hagarika
  33. Kugira ngo ibanezereze mwebwe bantu hamwe n’ibikoko vyanyu vyose
  34. Mugihe hazoshika uwo musi uhambaye
  35. Umusi umuntu azokwibuka ivyo yagize vyose
  36. N’umuriro ukaze cane uzo kwerekanwa k’umuntu uwariwe wese awubona
  37. Nayo wamwononyi
  38. Yakunda cane ubuzima bwo ngaha kw’Isi
  39. Mu vy’ukuri umuriro udahera witiriwe Jahannamu niho hazoba hari ubwicaro bwiwe
  40. Nayo umwe yatinya guhagarikwa imbere y’Umuremyi wiwe n’ukubuza umutima wiwe n’amatamariro y’ibintu bibi
  41. Rero mw’Ijuru niho hazoba ubwicaro bwiwe
  42. Barakubaza umusi w’umuhero w’Isi n’ukuboneka kwawo kuzoba ryari
  43. Kuri hehe kugira ngo dushobore kuwuvuga
  44. Inyuma y’ubumenyi bwayo bwose buri ku Muremyi wawe
  45. Wewe uri mubatuza abantu gusa k’uwutinya uwo musi w’imperuka
  46. Umusi bazowubona bazoba nk’abaticaye ng’aha kw’Isi atari umugoroba umwe wonyene gusa canke umutaga wawo gusa