78.The Announcement

  1. Babazanya inkuru nyabaki
  2. Ya nkuru niniya
  3. Ariyo batumvikana ko
  4. Ni bageze ngaho, ubu vuba bazo menya ukuri kwayo
  5. Kandi ni bageze ngaho, kuko ubu vuba bazo menya ukuri kwama
  6. Mbega ntitwagize iy’Isi kuba nk’ubusaswa
  7. N’Imisozi kuba nk’inkingi
  8. Turema abagabo n’abagore
  9. Tugira itiro ryanyu nk’Urupfu
  10. Tugira Ijoro nk’impuzu mwipfuka
  11. Tugira Umutaga nk’ukuzuka
  12. Twubaka hejuru yanyu Amajuru indwi akoma komeye
  13. Tugira itara ryaka rifise ubushuhe bukaze cane
  14. Dushungurura amazi ashunguruka avuye mubicu
  15. Kuriyo tunagishe bimwe mu bijanye n’ibiterwa
  16. N’imirima irimwo ibiti vyegeranye n’ibindi
  17. Mu vy’ukuri k’umusi w’intahe wagenewe isango ryayo ntabanduka
  18. Umusi hazovuzwa inzamba namwe muzorenguka muri mumirwi n’iyindi
  19. N’amajuru azo kwugururwa abe imiryango n’iyindi
  20. N’imisozi izo kurwaho ibe nk’amazi ubonera kure
  21. Mu vy’ukuri umuriro witiriwe Jahannamu urindiriye abantu b’inkozi z’ibibi
  22. N’ubwicaro bw’abononyi
  23. Bazo kwicaramwo imyaka myinshi ibinjana n’ibinjana
  24. Ntibazo honjeramwo akabeho canke ibinyobwa
  25. Atari amazi abira cane hamwe n’amashira
  26. N’impembo ikwiranye neza n’ibikorwa vyabo
  27. Mu vy’ukuri ntibatinya uguharurwa n’Imana
  28. N’uguhakana amajambo yacu matagatifu y’Imana bimwe bihanitse
  29. Mugihe ibintu vyose twabifashe nka nkama mukuvyandika
  30. Uno musi nimuhonje ibihano, natwe ntaco tuzobongereza atari ibihano kubindi
  31. Ntankeka abagamburukira Imana yabo y’ukuri, bashiriweho intsinzi y’ukuri
  32. Imirima hamwe n’imizabibu
  33. N’amasugi afise abagabo babo
  34. N’ibirahuri vyuzuyemwo ibinyobwa vyiza vyiza
  35. Ntibazo kwumva muri ayo majuru amajambo y’insaku canke amajambo y’ubuhakanyi
  36. Bazohembwa n’Umuremyi wawe impembo ihagije
  37. Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, nyene impuhwe nyinshi, batazoshobora kuvugana nayo
  38. Umusi imitima y’abantu bose izohagarara, hamwe n’Abamarayika bose bari kumirongo, hakaba hatazovuga kuri uwo musi atari nyene impuhwe azoba yahaye uruhusha rw’ukuvuga nawe akazo vuga amajambo y’ukuri
  39. Uwo niwo musi w’ukuri, rero uwushaka nafate inzira agende ku Muremyi wiwe
  40. Mu vy’ukuri twebwe turabakebuye n’ibihano biri hafi y’ugushika, umusi waho umuntu azobona ivyagizwe n’amaboko yiwe uko ari abiri, hanyuma umuhakanyi w’Imana azovuga ati:- iyo nibera ivu