77.The Emissaries

  1. Ndarahiye kumiyaga izanwa buhoro buhoro
  2. No kumiyaga ihinda kunguvu nyinshi cane
  3. No kumiyaga igurura ibicu, ikabigurura nkuko Imana ibishaka
  4. Iga tandukanisha kure na kure ivyo bicu
  5. Ndarahiye kuba Marayika bashikiriza ubutumwa bw’Imana ku ntumwa z’Imana
  6. Mugukura impamvu kanaka canke gutuza
  7. Mu vy’ukuri ibi mwemerewe ntankeka bizoshika
  8. Mugihe inyenyeri zizo hanagurwa imico yazo
  9. N’amajuru igihe azo manyagurika
  10. N’imisozi igihe izo vungagurika
  11. N’intumwa z’Imana igihe zizo kwegeranywa
  12. Ni k’umusi uwuhe bagenewe ico gihe
  13. N’umusi w’intahe y’ukuri
  14. None n’igiki kizo kumenyesha uwo musi w’intahe y’ukuri
  15. N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  16. Mbega ntitwahoneje abantu ba kera burundu
  17. Hanyuma dukurikiza ko abandi bantu
  18. Uko niko tuzobagira abandi bazoba bari mumakosa
  19. N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  20. Mbega ntitwabaremye mumazi ahoya hoya
  21. Hanyuma tuyashira ahantu haturuye
  22. Kugeza kukiringo kizwi
  23. Natwe tugereranya umwanya w’ukuboneka kw’ikibondo, natwe ni beza mukugereranya
  24. N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  25. Mbega twebwe ntitwagize iy’Isi kugira ngo twegeranye abantu bose
  26. Mubiri bizima hamwe n’ivyapfuye
  27. No muriyo duhashira mwo imisozi mire mire itsimbataye neza hasi n’ukubanywesha amazi meza y’umusarara
  28. N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  29. Ni mugende kuri vya bihano mwahora muhakana
  30. Ni mugende muri ca gitutu c’umuriro gifise impande zitatu
  31. Ntikibapfuka ico gitutu canke ntikibahengeshanya n’ukwaka kuwo muriro udahera witiriwe Jahannamu
  32. Mu vy’ukuri uwo muriro udahera utanga imishwarara yawo ingana nk’amazu
  33. Nkuko womengo n’ingamiya ifise ibara ry’umuhondo
  34. N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  35. Uno musi n’umusi waho ata nakimwe bavuga
  36. Kandi ntibazo habwa uruhusha kugira ngo bisigure
  37. N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  38. Uwu n’umusi w’intahe y’ukuri, twabegeranije mwese hamwe n’ababayeho imbere yanyu
  39. Ni mwaba mufise izindi ngeso ni muzigire hejuru yanje
  40. N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  41. Ntankeka aba ninahaza Imana yabo y’ukuri bazoba bari mu bitutu n’imyonga
  42. N’ivyamwa bakunda
  43. Ni mufungure kandi munywe n’akanya muneza ntangere, kubera ivyo mwahora mugira
  44. Uku rero niko duhemba abagira ineza
  45. N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  46. Ni mufungure kandi mwinezereze gatoyi gusa, mu vy’ukuri mwebwe muri abononyi
  47. N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  48. Babwiwe bati :- ni mupfukame, ntibigera bapfukama namba
  49. N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  50. Mbega n’ibiganiro nyabaki inyuma yibi biganiro vy’amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani bazo kwemera