76.Man

  1. Mu vy’ukuri ikiremwa muntu carahitiwe n’umwanya muremure w’imyaka myinshi kita raba ikintu na kimwe kivurwa kuri we
  2. Mu vy’ukuri twaremye umuntu biturutse kumbuto y’ubuzima ivanzwe ni y’umugabo hamwe ni y’umugore, kugira ngo tumugirire ibibazo, kuri ivyo tumugira uwumva n’ukubona
  3. Mu vy’ukuri twebwe twara murongoye mu nzira zose azoba arimwo aba uwushima canke uwuhakana
  4. Mu vy’ukuri twebwe twaraba teguriye abahakanyi b’Imana y’ukuri, iminyororo hamwe n’imigozi y’umuriro ukaze cane
  5. Mu vy’ukuri abantu beranda bazonywa ibinyobwa bivanzwe mwo n’akamoto kitiriwe Kafuri
  6. Iyo Kafuri n’umwonga uzonywa mwo abantu beranda b’Imana ukazo shunguruka mwo amazi afise ishunguruka ryiza nkuko bipfuza
  7. Abo bantu ni bamwe bakwijije ibikenewe vyabo n’ugutinya umusi w’ishari ryawo uzo kwiragira hose
  8. Naba gaburira ibi fungurwa aboro hamwe n’impfuvyi hamwe n’imbohe, mugihe nabo ku bwabo bakunda ivyo bifungurwa
  9. Mu mitima yabo bavuga bati:- tuba risha ibi bifungurwa kugushaka impuhwe z’Imana gusa, kuko ntidushaka kuri mwebwe impembo iyariyo yose canke yuko mwodushimira
  10. Mu vy’ukuri twebwe dutinya ku Muremyi wacu uwo musi w’ingorane n’uburuhe
  11. Mu vy’ukuri Imana izoba kingira n’ishari ryuwo musi n’ukuba huza n’imigisha yayo hamwe n’akanya muneza ntangere
  12. Imana izo baha akaganuke k’imirima yo mw’ijuru hamwe n’impuzu zihwahutse kubera ukwigumya kwabo
  13. Iyo mw’ijuru bazo kwegamira kunyegamo z’iteka, nti bazobona yo izuba rikaze cane , canke imbeho ikaze cane kuribo
  14. N’ibitutu vyayo bizoba biri hafi cane kuri bo, hamwe n’ivyamwa vyegeranye kubindi bishunguruka bigerekeranye kubindi kugera hasi
  15. Bazo cishirizwa ibikoresho vy’umwakaka hamwe n’ibikombe bibonerana
  16. N’ibirahuri vy’umwakaka vyujujwe kurugero rumwe rukwiye
  17. Iyo mw’ijuru bazonyweshwa ibinyobwa bivanzwe mwo n’ikirungo citiriwe Tangawizi
  18. Urwo n’uruzi ruri mw’ijuru rwitiriwe Sal’sabila
  19. Bazo kikuzwa n’imisore isharije, ubabonye womengo n’ubutare bwitiriwe Ilulu za sanzajwe
  20. Ubonye ibirimwo, uzoca ubona imigisha hamwe n’ubwami bw’Imana bunini cane
  21. Hejuru yabo barafise impuzu zihwahutse z’ibara ry’urwatsi rubisi, hamwe n’izindi zihwahutse ziremereye gatoyi, kandi bazokwambikwa ingori z’umwakaka, n’Umuremyi wabo azoba nywesha ibinyobwa vyiza cane
  22. Mu vy’ukuri iyi niyo mpembo yanyu yibijanye n’ibikorwa vyanyu vyemewe
  23. Mu vy’ukuri twebwe twakumanuriye iyi Qur’ani ntagatifu ibice bice
  24. Rero n’urindire intahe y’Umuremyi wawe, kandi ntugamburukire umwe muribo mubagira ibicumuro canke uwuhakana Imana yiwe y’ukuri
  25. Ni wibuke izina ry’Umuremyi wawe mu gitondo no ku mugoroba
  26. Mw’ijoro naho uyunamire ushize umutwe wawe hasi, kandi uyi ninahaze mw’ijoro mumwanya muremure
  27. Mu vy’ukuri aba bantu bikundira ubuzima bwo ngaha kw’Isi gusa, n’ugusiga inyuma yabo umusi ugoye cane kuribo
  28. Twebwe twabaremye n’ugushira mwo ubushobozi mubihimba vy’imibiri yabo, dushatse twoshobora kuzana abandi bantu atari bo bameze nkabo
  29. Mu vy’ukuri iki n’icibutso, rero kuwushaka azofata inzira imushikana ku Muremyi wiwe
  30. Kandi ntimushobora gushaka icarico cose Imana itabishatse, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
  31. Yinjiza uwo yishakiye mu migisha yayo, naba hemukiye imitima yabo yarabateguriye ibihano bibabaza cane