75.The Resurrection

  1. Ndarahiye k’umusi w’umuhero w’isi
  2. Kandi ndarahiye k’umutima widoga
  3. Yibaza umuntu yuko twebwe tutazo kwegeranya amagufa yiwe
  4. Kubera iki, twebwe turashoboye kuringaniza amasonga y’intoke ziwe
  5. Mugabo umuntu ashaka gusa guhakana ibiri imbere yiwe gusa
  6. Akabaza nk’agahemo uwo musi w’umuhero w’Isi uzobera
  7. N’umusi ijisho ry’umuntu rizobona nk’umuravyo
  8. N’ukwezi mugihe kuzo fatwa
  9. N’Izuba hamwe n’Ukwezi bizo huzwa ariko gufatwa
  10. Umuntu azo vuga kuri uwo musi ati:- ni uruhe ruhande rw’ukwirukira
  11. Oya! Nta hantu hukwirukira
  12. Kuri uwo musi ingaruka ya vyose ni ku Muremyi wawe gusa
  13. Kuri uwo musi umuntu azobwirwa kuvyo yagize aho hambere, hamwe nivyo yagize mu nyuma yaho
  14. Ahubwo umuntu niwe cabona c’umutima wiwe
  15. Naho atanga ivyitwazo vyiwe vy’ububeshi
  16. Ntunyiganze ururimi rwawe mu kuru girira ivyihutirwa bimanuka
  17. Mu vy’ukuri ni kuri twebwe kuwegeranya n’ukuwigisha
  18. Mugihe twebwe tugusomera, wewe n’ukurikize uko gusomwa kwavyo
  19. Hanyuma ni hejuru yacu kubikwereka
  20. Sivyo none, ahubwo mwebwe nimwe mukunda ubuzima bwaha kw’isi
  21. N’ukureka ubuzima bwo mw’ijuru
  22. Amaso y’abandi kuri uwo musi azoba asayangana
  23. Araba Umuremyi wabo
  24. N’ayandi maso kuri uwo musi azo kwizinga
  25. Azomenya yuko azoshikirwa n’ivyago bivuna agatiri gongo
  26. Sivyo none! Uku mugira mugihe umutima uzoshika kumagufa y’ibitugu vyabo
  27. Hazovurwa hati :- ni nde ashobora kuvura uyu murwayi
  28. Nawe akamenya yuko ari umwanya w’urupfu
  29. Mugihe hazokurikizwa umurundi k’uwundi
  30. Kuri uwo musi n’ugucungerwa gusa, n’ukujanwa k’Umuremyi wawe
  31. Ntiyemeye canke ntiyasenze
  32. Ahubwo yarahakanye n’ugusubira inyuma
  33. Hanyuma yaragiye ku bantu biwe nawe yijanda jandira
  34. Uramaze gushikirwa n’ibihano vy’Imana, mbega biramaze kugushikira
  35. Hanyuma uramaze gushikirwa n’ibihano vy’Imana, mbega biramaze kugushikira
  36. Mbega wiyumvira yuko umuntu azorekwa gutya nyene agende akagirire
  37. Mbega ntiyari ima ry’intanga ryatewe
  38. Hanyuma riba ikimanyu c’amaraso, hanyuma Imana ira murema nuku muringaniza ari umuntu akwiye
  39. Hanyuma imugira impande zibiri, z’ukuba umugabo n’umugore
  40. Mbega ntiyari kuba uyo ariwe nyene ubushobozi bw’ukuzura abashengeye bose