74.The Cloaked One

  1. Wewe wipfutse amahuzu
  2. Haguruka utuze abantu
  3. Uninahaze Umuremyi wawe
  4. Usukure n’impuzu zawe
  5. N’amabi yose ntuyiteho
  6. Kandi ntugire ineza kubiremwa kugira ngo uronke umusesekara w’amaronko ngaha kw’isi
  7. Kubera Umuremyi wawe, wewe niwigumye gusa
  8. Niha vuzwa inzamba y’umuhero w’isi
  9. Kuri uwo musi uzoba ari umusi uhambaye cane
  10. Kubahakanyi b’Imana y’ukuri, uwo musi ntuzoba woroshe kuribo namba
  11. Jewe n’undeke hamwe nuwo niremeye jewe nyene
  12. Ndamuhezagire aronke amatungo menshi
  13. N’ibibondo biboneka ahariho hose
  14. Ndamugirira ibintu vyiwe neza cane
  15. Hanyuma yizera yuko nzomwongereza
  16. Oya! Mu vy’ukuri yahora ahakana amajambo yacu meranda
  17. Rero nzo muhana n’ibihano bininiya cane
  18. Mu vy’ukuri yariyumviriye n’ugupima
  19. Arahonywa, none ni gute yateguye mugutyoza iyi Qur’ani
  20. Kandi yarahonejwe, none ni gute yateguye mugutyoza iyi Qur’ani
  21. Hanyuma yaritegereje
  22. Hanyuma arazinga mumaso yiwe kugeza naho haboneka iminkanyari
  23. Hanyuma ukuri aguha umugongo wiwe n’ukwishima cane
  24. N’ukuvuga ati:- ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari uburozi bwabuwe
  25. Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari amajambo y’umuntu asanzwe
  26. Ubu vuba nzomuta mu muriro udahera
  27. None n’igiki kizo kumenyesha uwo muriro udahera
  28. Udasigaza nico usigaza
  29. Uwo muriro nuwu babura urukoba rimwe na rimwe
  30. Hejuru yuwo muriro udahera hariho abawucungera bashika kw’icumi n’icenda
  31. Ntitwashizeho abacungera uwo muriro udahera atari abamarayika, kandi ntitwagize igitigiri cabo cumi n’icenda atari uko ari ikibazo kuri barya bahakanye Imana yabo y’ukuri kugira ngo bashirwe n’abahawe ibitabu imbere yanyu, n’abemeye Imana yabo y’ukuri bagumane ukwemera kwabo, kandi ntibagire amakenga bamwe bahawe igitabu imbere yanyu canke aba Isilamu n’abazoba bafise indwara mu mitima yabo hamwe n’abahakanye Imana yabo y’ukuri baze bavuge bati:- Imana yashatse kugira iki kuri kano karorero? Uku rero niko Imana ireka umuntu akazimira kuwo yishakiye n’ukurongora uwo yishakiye, kandi nta numwe afise ubumenyi bw’ukumenya ingabo z’Umuremyi wawe atariyo yonyene gusa, kandi ntivyari kuba atari ikimenyetso kubiremwa vyose
  32. Sivyo none ? Ndarahiye k’ukwezi
  33. N’Ijoro rikeye
  34. No mugitondo hakeye
  35. Mu vy’ukuri uwo muriro udahera n’umwe mungorane niniya zihambaye cane
  36. N’igabisho ku bantu
  37. K’uwushaka muri mwebwe n’atanguze kuja imbere canke aje inyuma
  38. Umutima w’umwumwe wese uzo kwugaranirwa mu muriro udahera kubera ibikorwa bibi wakoze
  39. Dukuye mwo abantu b’iburyo
  40. Abo bantu bazoba mu mirima babazanya
  41. Kubera abantu babi
  42. N’ikintu nyabaki cabatwaye mu muriro udahera
  43. Bazo vuga bati:- ntitwari mu bantu bahora basenga
  44. Kandi ntitwahora duha abakene ibifungugwa
  45. Kandi twahora twibira mu bicumuro hamwe n’abahora bibira
  46. Kandi twahora duhakana yuko ata musi w’uguciribwa imanza
  47. Kugeza n’aho dushikirwa n’urupfu
  48. Ntaco bizofasha uko gusaba kw’abasabira abaribo bose
  49. Mbega bafise iki ? Ntibitaho kuri rino tuza
  50. Nkuko umengo n’indogobwe zigenda ningoga na ningoga
  51. Ziruka nk’intare
  52. Umwe wese muribo agomba yuko ahabwa impapuro zizoba zanditswe ko
  53. Oya! kuri bo ntibatinya umuhero w’Isi
  54. Oya ! Si uko, mu vy’ukuri ubwo n’ubwibutso
  55. Rero uwushaka azokwibuka
  56. Ntibazo kwibuka atari uko Imana yabishatse, kuko niyo ikwiwe gutinywa n’ukugira imbabazi