73.The Enshrouded One

  1. Wewe wipfutse amahuzu
  2. Nuhagarare mw’ijoro mugabo mu mwanya mutoyi gusa
  3. Igice c’iryo joro canke ugabanye gatoyi
  4. Canke wongerezeko gatoyi, hanyuma usome iyi Qur’ani ntagatifu nkuko bitegetswe
  5. Mu vy’ukuri twebwe tuzo kumanurira imvugo iremereye cane
  6. Mu vy’ukuri ukwikangura mw’ijoro n’ukugira ibisabisho bihurana neza n’umushaha hamwe n’amajambo yayo ahumuriza cane
  7. Mu vy’ukuri k’umurango urafise ibikorwa vyinshi cane
  8. Nurivuge izina ry’Umuremyi wawe kandi witeho kuriyo bimwe vy’ukuri
  9. Umuremyi w’ubuseruko nuburengera zuba, ntayindi isengwa atariyo yonyene gusa, rero n’uyigire kuba ariyo igukingiye
  10. Ni wigumye kuri ivyo vyose bavuga abo bahakanyi b’Imana, kandi ubikure ko ube kure yabo n’amahoro
  11. N’undeke jewe hamwe nabo bahakanyi baronse amahirwe, hanyuma ubahe ikiringo kigufiya gusa
  12. Mu vy’ukuri twebwe turafise ibihano hamwe n’umuriro udahera waka cane
  13. N’ibifungurwa biniga mu muhogo hamwe n’ibihano bibabaza cane
  14. K’umusi waho Isi hamwe n’Imisozi izo nyiganzwa, n’Imisozi ikazoba nk’iyegeranijwe nk’umusenyi udafadika
  15. Mu vy’ukuri twebwe twaraba zaniye intumwa y’Imana y’icabona kuri mwebwe, nkuko twamutwariye intumwa y’Imana kwa Fir’auni
  16. Mugabo Fir’auni yariyonkoye kuntumwa y’Imana natwe tura muhana ibihano bininiya cane
  17. Mwebwe nimwa hakana, mushobora gute kwikingira n’ivyago vy’umusi uzogira ibibondo kuba banaze imvi nk’abatama
  18. Amajuru azo satagurika kuri uwo musi, amasezerano yayo azo kurikizwa atagisivya
  19. Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu n’ubutumwa bw’Imana, rero uwushaka azo kwigirira inzira yiwe nziza ku Muremyi wiwe
  20. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi buhagije yuko wewe uhagarara hafi y’ibice bibiri vy’ica gatatu c’ijoro, canke igice cayo n’uwundi mwanya ugahagarara kugice cica gatatu, na bamwe mu bantu muri kumwe nabo bagira nk’ibi hamwe na wewe, n’Imana niyo itegura neza ukugene uburebure bw’ijoro n’umutaga bungana, kandi niyo ifise ubumenyi buhagije yuko udashobora kugira ivyo, ikaba yarabagiriye ikigongwe kuri ivyo, rero ni musome ibiba yabaye kiborohereye kuri mwebwe mu majambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani, kuko irafise ubumenyi yuko bamwe muri mwebwe bazoba bakitswe n’amagara, abandi nabo bazoba bari mu rugendo ngaha kw’Isi barondera imigisha y’Imana, n’abandi nabo barwana mu nzira y’Imana, rero ni musome kubi boroheye muri ico gitabu gitagatifu, c’Imana hanyuma muhagarike amasengesho yanyu n’ugutanga imperezwa zanyu, hanyuma mubegurire Imana ikimanyu ciza, n’ineza iyariyo yose muzo yitanguza kubera imitima yanyu muzoyisanga ku Mana ari nziza cane, kandi ifise imigisha mininiya cane, kandi musabe ikigongwe ku Mana yanyu, mu vy’ukuri Imana niyo ifise imbabazi nyinshi cane n’impuhwe zihagije