72.The Jinn

  1. Vuga uti:- naramenyeshejwe kuri jewe yuko umurwi umwe w’ibisigo wumvise amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani uca uvuga uti:- mu vy’ukuri twumvise amajambo ya Qur’ani y’igitangaza
  2. Irongora k’uburongozi, kuri ivyo natwe turayemeye kandi ntituzo kwigera tugereranya Imana n’ikindi kintu hamwe n’Umuremyi wacu
  3. Kandi mu vy’ukuri iteka ry’Umuremyi wacu riratewe iteka rihagije cane kuko itigeze yigirira umukenyezi canke ikibondo
  4. Mu vy’ukuri abadafise ubwenge muri twebwe bamye bavuga amajambo yarengeje urugero hejuru y’Imana
  5. Natwe twamye twiyumvira yuko abantu hamwe n’ibisigo batazo besha hejuru y’Imana
  6. Mu vy’ukuri hari abagabo mubiremwa vy’Imana bikingira kubagabo b’ibisigo, kuri ivyo babongereza ingorane zidasanzwe
  7. Mu vy’ukuri biketse nkuko mwiketse mwebwe yuko Imana itazo zana iyindi ntumwa y’Imana iyariyo yose
  8. Natwe twarakoze kumajuru tuyabona acungerewe n’abafise inguvu hamwe n’inyenyeri zisa yangana
  9. Mu vy’ukuri twahora twicara mu nyubakwa kugira ngo twumvirize mugabo uwashaka kwumviriza ubwo nyene yahasanga ibishirira vy’umucanwa bimu rorereye
  10. Natwe ntavyo twari tuzi yuko bashakirwa ishari bamwe baba ngaha kw’isi, canke Umuremyi wabo abashakira uburokoke
  11. Mu vy’ukuri muri twebwe harimwo abantu beza n’abandi muri twebwe bateye ukundi, rero turi mu nzira zitandukanye
  12. Natwe twari tuzi yuko tudashobora gutsinda Imana kuri iy’Isi kandi tudashobora kumwiyaka ngo twiruke
  13. Natwe mugihe twumva ubwo burokoke twaciye tubwemera rero uwemeye Umuremyi wiwe ntazotinya kuzimbwa canke kwegekwako ibicumuro vy’uwundi muntu
  14. Natwe harimwo bamwe muri twebwe bemeye kuba aba Isilamu hakaba n’abandi muri twebwe baguma bajuragirika bamaze kuba aba Isilamu abo nibo barondeye uburokoke
  15. N’abajuragirika abo bazoba ari inkwi zo mu muriro udahera witiriwe Jahannamu
  16. Iyo bafata nka nkama inzira igororotse twari kuba nywesha amazi menshi
  17. Kugira ngo tubagerageze kuri ivyo vyose n’uwutitaho mu kwibuka Umuremyi wiwe, izomu sunika mubihano bigoye cane
  18. Mu vy’ukuri amasengero yose nay’Imana, rero ntimusenge uwariwe wese hamwe n’Imana y’ukuri
  19. Mu vy’ukuri umushumvyi w’Imana Muhammadi (aui) igihe yahagarara asaba Umuremyi wiwe bari hafi yukumurwako
  20. Vuga uti:- Jewe nsenga Umuremyi wanje gusa, kandi sinda mugereranya n’ibindi bintu
  21. Vuga uti:- jewe sindabaganza kugira ngo ndabagirire inabi, canke kubarongora
  22. Vuga uti:- ntankeka ntan’umwe ashobora kunkingira n’Imana, kandi sinzoronka ibwicaro bw’amahoro atari kuriyo yonyene gusa
  23. Mugabo mugushikiriza ubutumwa buvuye ku Mana hamwe n’amategeko yayo, hamwe n’abazokwiyonjorora ku Mana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa yayo ntankeka bazoronswa umuriro udahera witiriwe Jahannamu bazowubamwo mu buzima bwabo bwose
  24. Kugeza aho bazobonera ivyo bemerewe, niho bazotahura uwariwe afise umufasha uhoya hoya n’uwufise igitigiri gitoyi
  25. Vuga uti:- sindabizi yuko ivyo mwemerewe biri hafi canke Umuremyi wanje azo biha ikiringo kirekire
  26. Niyo nyene ubumenyi bw’amabanga yose, kandi ntiyereka uwariwe wese amabanga yayo
  27. Dukuye mwo intumwa yayo yemereye, uyo niyo yashiriye ho abamu kingira bari imbere yiwe n’inyuma yiwe
  28. Kugira ngo atahure yuko bashikanye ubutumwa bw’umuremyi wabo, n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo bafise vyose, kandi niyo yafashe nka nkama igitigiri c’ibintu vyose