71.Noah

  1. Mu vy’ukuri twebwe twararungitse intumwa y’Imana Nuhu (iii) ku bantu biwe, yuko yobatuza imbere yuko bashikirwa n’ibihano bibabaza cane
  2. Nawe avuga ati:- emwe bantu banje, mu vy’ukuri jewe ndi uwutuza mboneka neza kuri mwebwe
  3. Yuko mwosenga Imana yanyu y’ukuri, muyigamburukire kandi munyubahe
  4. Izoba girira ikigongwe kubicumuro vyanyu, kandi izoba tebereza kugeza k’umwanya wagenewe, mu vy’ukuri naho impanuka yoturuka ku Mana ntikingirwa nk’iyo mwobimenya
  5. Intumwa y’Imana Nuhu (iii) yavuze iti:- ewe Muremyi wanje, mu vy’ukuri abantu banje jewe nabashikirije ubutumwa ijoro n’umutaga
  6. Mugabo ubutumwa bwanje nta nakimwe bwongereje atari uku mpunga gusa
  7. Nuko naba hamagara kugira ngo ubagirire ikigongwe, baca baziba amatwi yabo bakoresheje intoke zabo, n’ukwipfuka impuzu zabo hose, baca bongereza babandanya guhakana n’ukwishima kwinshi cane
  8. Kandi jewe naraba hamagaye k’umugaragaro
  9. Hanyuma ndabatera akamo k’ijwi rirerire, kandi ndavugana nabo mu mwiherero
  10. Ndababwira nti:- ni musabe ikigongwe ku Muremyi wanyu, mu vy’ukuri niyo ifise ikigongwe cinshi gusumba
  11. Izoba zanira ibicu bisesa gurika imvura nyinshi cane
  12. Kandi izobaha amatungo hamwe n’ibibondo, kandi izobaha n’imirima, kandi ibagirire n’inzuzi
  13. Mubaye gute, nta rupfasoni mugirira Imana
  14. Mugihe ariyo yabaremye muri ubu buryo n’ubundi
  15. Mbega nti mubona ingene Imana yaremye Amajuru uko ari indwi agerekeranye kuyandi
  16. N’ukugira Ukwezi muri kwo kube ari umuco, n’ukugira Izuba kuba ari itara
  17. N’Imana yaraba nagishije kw’isi ibiterwa
  18. Hanyuma izoba subiza muri yo kandi izo bakuramwo
  19. N’Imana yarabagiriye Isi kuba ikintu ciza mwasasiwe
  20. Kugira ngo mugire kuriyo mu nzira z’agutse
  21. Intumwa y’Imana Nuhu (iii) yavuze iti:- Muremyi wanje, mu vy’ukuri abo bantu banje biyonkoye kuri jewe, kandi bakurikiye abafise amatungo yabo n’ibibondo vyabo ata kindi babongereje atari uruhombo gusa
  22. Baca bagira ingeso niniya z’uguta idini
  23. N’abababwiye aba bakurikiye bati:- ntimusige Imana zanyu canke ntimusige uwitwa Waddan hamwe na Suwa’a, na Yaghutha na Yauqa na Nas’raa
  24. Nabo bakaba baratakaje abantu benshi, rero ntubongereze aba hemukiye imitima y’abo atari ukuzimirira kure
  25. Rero kubera amakosa yabo baciye bibizwa mumazi n’ukwinjizwa mu muriro udahera, kandi ntiba ronse ababa tabara imbere y’Imana
  26. N’intumwa y’Imana Nuhu (iii) yagumye abandanya avuga ati:- Muremyi wanje, ntusige uwariwe wese kuri iy’Isi muri abo bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  27. Mu vy’ukuri niwaba siga abo bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri bazo zimiza abantu bawe barongotse, kandi ntibazo kwibaruka atari ibibondo bibi cane vy’abahakanyi b’Imana y’ukuri nkuko kwabo
  28. Muremyi wanje, jewe n’ungirire ikigongwe hamwe n’abavyeyi banje, hamwe n’uwinjiye munzu yanje nawe ari umu Isilamu, hamwe naba Isilamu b’abagabo hamwe naba Isilamu kazi, kandi ntu bongereze abahemukiye imitima yabo atari ukuba honya gusa