70.The Ascending Stairways

  1. Uwabajije abaza kubijanye n’ibihano bizoba
  2. Kubera abahakanyi b’Imana y’ukuri bada shobora kuwu hagarika uwo musi
  3. Bivuye ku Mana nyene iteka rikuru cane
  4. Abamarayika hamwe n’imitima y’abantu bose yama iduga iwe k’umusi waho ikiringo cayo ari imyaka ibihumbi mirongo itanu
  5. Rero ni wigumye kuwigumya neza
  6. Mu vy’ukuri uwo musi w’umuhero w’isi bo bawubona yuko uri kure cane
  7. Natwe tuwubona yuko uri hafi cane
  8. Umusi amajuru azoba nk’ubutare bw’umujumpu bwashaye cane
  9. N’Imisozi ikazoba nk’isufi zaguruwe ziri mukirere
  10. N’umugenzi ntazo baza mugenzi wiwe
  11. Naho bogirwa ngo babonane nuwuri mumakosa azokwipfuza yuko yo kwikombora n’ibihano vy’uwo musi w’umuhero w’Isi mu gutanga ibibondo vyiwe
  12. N’umukenyezi wiwe hamwe na bene wabo
  13. N’abagenzi biwe bamukikuje kumpande zose
  14. N’ibiri kw’isi vyose hanyuma arokoke
  15. Mugabo sivyo, mu vy’ukuri uwo n’umuriro waka neza cane
  16. Ubabura urukoba rw’umubiri rimwe na rimwe
  17. Uzo hamagara kuwahindukije umugongo wiwe nuguhindukira mu kutitaho inyigisho z’amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani
  18. N’uwegeranije amatungo yiwe hanyuma akayaziganya
  19. Mu vy’ukuri umuntu yaremwe n’igihababu cinshi
  20. Mugihe ashikiwe n’ishari niho aca asimbwa n’umutima
  21. Ashikiwe n’amahirwe aca yigungira ko
  22. Dukuye mwo abasenga Imana yabo y’ukuri
  23. N’abatsimbataza amasengesho yabo
  24. N’abafise mu matungo yabo harimwo igice cabo kizwi neza
  25. Kubera uwasavye n’uwigumya mu kudasega
  26. N’abemera umusi w’impembo
  27. N’abatinya ibihano vy’Umuremyi wabo
  28. Mu vy’ukuri ibihano vy’Umuremyi wabo si ivyu kurokoka kw’umuntu w’umunyavyaha
  29. N’abapfuka ibitsina vyabo
  30. Dukuye mwo abakenyezi babo canke bamwe batunzwe bari mu minwe yabo y’iburyo, abo nibo badatabwako umwikomo
  31. Mugabo abipfuza kuronka ibitari ibi, abo nibo barenga imbibe zagenywe n’Imana
  32. Naba ziganya ivyabo hamwe n’amasezerano yabo
  33. Naba hagaze neza mukuba ivyabona vyabo
  34. Naba bunga bunga amasengesho yabo
  35. Abo nibo bazoba bari mu mirima bafise urupfasoni ntangere
  36. Bafise iki bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri mugihe bagukanuriye amaso yabo gusa
  37. Imirwi y’abantu n’iyindi izoba iri k’uruhande rw’iburyo n’ibubamfu
  38. Mbega umwe wese muribo yizeye yuko azo kwinjizwa muri iryo juru ry’imigisha
  39. Oya! Sivyo, mu vy’ukuri twebwe twabaremye muvyo bazi
  40. Rero ndarahiye ku Muremyi wo m’ubuseruko bwose no mu burengero bwose yuko twebwe tubishoboye
  41. Kubahindura abari intungane gusumba abahahora, natwe ntitunaniwe
  42. Rero nimubareke biyagire ayamuhe bateko bafyinate, kugeza naho bazobona umusi wabo bemerewe
  43. Umusi bazova mu ntatemwa zabo ningoga na ningoga nkuko birukira aho basiganirwa ho
  44. Amaso yabo azoba yunamye apfutswe n’ibimaramare, uwo niwo musi bahora bemererwa