69.The Reality

  1. Icabaye c’ukuri
  2. Nico cabaye c’ukuri n’igiki
  3. N’igiki kizo kumenyesha ico kintu cabaye c’ukuri
  4. Bene Thamudu na bene Aadi barahakanye umusi w’umuhero w’isi
  5. Rero abo bene Thamudu barahonejwe kuvyago bininiya cane
  6. Nayo bene Aadi barahonejwe n’igihuhusi gikaze cane kida kingirwa
  7. Wabatwaye amajoro indwi n’imitaga umunani, ubwo nyene uda hengeshanije, ugasanga abantu baguye igihumure nkakumwe kw’ibishitsi vy’imitende vyaguye hasi bimeze nk’imiroha
  8. Mbega wabonye umwe muribo yasigaye
  9. Na Fir’auni hamwe n’abamyeho imbere yiwe nabo mubisagara vyahinduwe, nabone baragize amakosa
  10. Bariyonkora kuntumwa z’Umuremyi wabo ari naho yabafata kunguvu zitabaho
  11. Mugihe umwuzurire w’amazi washika, twebwe twarabadugije tuburiza muri ico kigenda aribwo bwato
  12. Kugira ngo kibe icibutso kuri mwebwe, n’ugutwi kwumva kwumvire ho
  13. N’igihe hazovuzwa inzamba izovuzwa rimwe gusa
  14. N’Isi hamwe n’Imisozi bizo kurwaho n’ugusenyurwa rimwe gusa
  15. Kuri uwo musi ibizoba bizoba vyamaze kuba
  16. N’amajuru azo manyagurika, rero kuri uwo musi Amajuru azoba ahoyahoya cane
  17. N’Abamarayika bazoba bari hambavu yayo majuru n’Abamarayika b’ubwoko umunani nibo bazorerura inyegamo y’iteka y’Umuremyi wawe
  18. Kuri uwo musi mwese muzo kwerekwa naho hatazo nyegezwa amabanga yanyu yose
  19. Rero uwuzo habwa igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo azovuga n’akamwemwe kenshi ati:- ni musome igitabu canje
  20. Mu vy’ukuri ndazi yuko nzohabwa ibiharuro vyanje
  21. Nawe azoba ari mu buzima bw’akanyamuneza ntangere
  22. Mw’ijuru ritagatifu
  23. Ivyamwa bigerekeranye kubindi bizoba hafi kuribo
  24. Nimufungure muteko munywe n’umunezero ntangere, kubera ibikorwa mwagize muri iyo misi yahera
  25. Mugabo uwuzohabwa igitabu ciwe mukuboko kwiwe kw’ibubamfu azovuga ati :- Yo! Iyo ntohawe iki gitabu canje
  26. Kandi sinari kumenya ikihe giharuro canje
  27. Iyo urupfu rumarira ivyanje vyose
  28. Amatungo yanje ntaco yamariye
  29. Ubutegetsi bwanje bwara ntakaranye
  30. Ni mumufate mumushire ko iminyororo
  31. Hanyuma mumujugunyire mumuriro udahera
  32. Kandi abe yaboshwe n’umunyororo ufise uburebure bw’imetero mirongo indwi muce mu mwinjiza yo
  33. Mu vy’ukuri ntiyigeze yemera Imana yiwe ntagatifu
  34. Kandi ntiya himiriza abandi kugira ngo arishe abakene
  35. Rero uno musi ngaha ntamukunzi muhire n’umwe afise
  36. Nta n’ibifungurwa afise atari amazi y’amashira gusa
  37. Ntiba gufungura ivyo bifungurwa atari abanya vyaha
  38. Rero ndarahiye kubintu mubona
  39. N’ivyo mutabona
  40. Mu vy’ukuri aka n’akamo kazanywe n’intumwa y’Imana ifise iteka rininiya cane
  41. Kandi s’imvugo y’umwanditsi w’amajambo y’ubuhizi nkuko mu bivuga, nani bakeyi cane muyemera
  42. Kandi s’amajambo y’umurozi nkuko mubivuga, ni gakeyi cane kuri mwebwe kugira ngo mushobore kwemera ubu butumwa
  43. N’imanurwa rivuye ku Muremyi w’ibiremwa vyose
  44. Iyo yiyadukiza kuri twebwe bimwe mu majambo asanzwe gusa
  45. Ntankeka twebwe twari kumu cakira n’ukuboko kw’iburyo
  46. Kandi mu vy’ukuri twari kumuca umutsi mukuru w’umutima wiwe
  47. Kandi nta n’umwe muri mwebwe yari kutubuza mukuta mufata
  48. Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu n’ubutumwa ku bantu bagamburukira Imana yabo y’ukuri
  49. Mu vy’ukuri twebwe turazi neza yuko muri mwebwe harimwo abahakanyi
  50. Uzoba ari umubabaro ku bantu batemera Imana yabo y’ukuri
  51. Mu vy’ukuri uku n’ukuri nyakuri
  52. Rero n’uninahaze izina ry’Umuremyi wawe ariwe mukuru. Igisomwa c’Ukuduga. Ikigabane ca (29). Camanukiye IMakkat. Gifise imirongo