68.The Pen

  1. Nuun, (Insiguro y’iyi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwayo bwose n’Imana yonyene gusa). Kandi ndarahiye kw’ikaramu hamwe nivyo bandikisha ko
  2. No kumigisha y’Umuremyi wawe, wewe nturi umusazi
  3. Mu vy’ukuri wewe urafise impembo idahera
  4. Kandi ntankeka wewe urafise ingeso nziza cane
  5. Rero ubu vuba uzo bona, nabo nyene bazobona
  6. Ni nde afise ibisazi muri mwebwe
  7. Mu vy’ukuri umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’uwazimiye munzira yiwe, kandi irabazi cane abarongotse
  8. Rero ntuba gamburukire abahakanyi b’Imana y’ukuri
  9. Bagomba yuko wo borohereza nabo bakorohererwa
  10. Kandi ntugamburukire uwurahira cane nawe ari mu bantu batishoboye
  11. Umuvuzi w’insaku agenda asasagaza urwanko mu bantu
  12. Akingira imigisha nugu hemukira ibiremwa nkawe, n’uguhakana Imana yiwe
  13. Nyene umutima ukomeye, kuri ivyo vyose ni nk’ikintu cashinguwe ahantu mugabo ntigishingurwe neza
  14. Kubera yuko afise amatungo n’ibibondo
  15. Mugihe asomewe amajambo yacu matagtifu avuga ati:- aya niya majambo y’ububeshi bw’abantu ba kera
  16. Tuzo mushira ko inkovu kw’izuru ryiwe
  17. Mu vy’ukuri abo bantu tuzobaha ibibazo nkuko twashize ko ibibazo kubari bafise imirima, mugihe barahira yuko bazo kwimbura kuri iyo mirima nihashika mu gitondo
  18. Kandi ntibabwiye n’umukene numwe
  19. Rero warashikiwe n’ivyago bivuye ku Muremyi wabo nabo basinziriye
  20. Uwo murima uba nk’uwahiye
  21. Bukeye bara hamagarana
  22. Yuko bogenda hakiri kare ku murima wanyu nimwaba mushaka kwimbura
  23. Baragiye bongorerana
  24. Yuko uno musi ata mukene yinjira
  25. Baragenda mugitondo biyumvira yuko bafise ububasha bw’ukuba buza ba bakene
  26. Mugihe babona wa murima baciye bavuga bati:- ntankeka twebwe twazimiye
  27. Canke batwankiye
  28. Umwe mubagira neza yavuze ati:- mbega sinaba bwiye yuko mu garuka ku Muremyi wanyu mu musabe ikigongwe
  29. Nabo ba mwishura bati:- iteka ni ry’Umuremyi wacu, mu vy’ukuri twara hemukiye imitima yacu
  30. Baca bahangana n’abandi baterana imyikomo
  31. Bavuga bati:- uru n’uruhombo rwacu, mu vy’ukuri twari twararenze imbibe z’Imana
  32. Nkumbure Umuremyi wacu azo duhindurira uwundi murima mwiza gusumba uwu, mu vy’ukuri twebwe turiyegereje ku Muremyi wacu
  33. Uku niko biba ibihano vy’Umuremyi wawe, n’ibihano vy’umusi w’imperuka ni bininiya cane gusumba nkiyo bobi menya
  34. Mu vy’ukuri abagamburukira Imana yabo y’ukuri, bazoba bafise ijuru rifise imigisha y’Umuremyi wabo
  35. Mbega tubagire abagamburutsi nk’abononyi
  36. Mbega mubaye gute, muca intahe gute
  37. Canke murafise igitabu musomamwo
  38. Yuko muzoronka ivyo mwipfuza
  39. Canke murafise amasezerano kuri twebwe azoguma ho kugeza k’umusi w’imperuka yuko muzoronka ivyo mwiganzira
  40. N’ubabaze muti :- ni nde muribo yofata ingwati kuri ibi vyose
  41. Canke barafise abo bacuditse hamwe, rero nibabazane abo bacuditse hamwe niba bavugisha ukuri kwama
  42. Kuri uwo musi hazoba ibihano bikaze cane, bazo hamagarwa gupfukama bashira imitwe yabo hasi, mugabo ntibazo shobora
  43. Amaso yabo azoba araba hasi, agahinda nako kabapfuke, mu vy’ukuri bahora bahamagarwa gupfukama bashire imitwe yabo hasi mugihe bari mubantu beranda
  44. Nundeke hamwe n’abahakana ibi biganiro, tuzoba kwega buhoro buhoro mubihano vyacu ku hantu batazi
  45. Ndabahaye umwanya, mu vy’ukuri ububasha bwanje bura komeye cane
  46. Canke urabasaba impembo nabo bakarengerwa nayo magarama
  47. Canke kuribo hariho ubumenyi bw’amabanga bahawe bw’intumwa z’Imana bandika
  48. Rero n’utenyenye kw’itegeko ry’Umuremyi wawe, kandi ntube nk’uwamizwe n’ifi, mugihe yatabaza Imana yiwe nawe ageramiwe nabi cane
  49. Iyo adashikirwa n’imigisha ivuye ku Muremyi wiwe, ntankeka yari gutabwa ku nkengera y’ikiyaga nawe atabwa ko umwikomo
  50. Mugabo Umuremyi wiwe niwe yamugenye nukumugira mu bantu b’intungane
  51. Nayo ba bahakanyi b’Imana y’ukuri, baregereza kuguhuvya n’amaso yabo, mugihe bumvise ubutumwa bwawe nuguca bavuga bati:- mu vy’ukuri uyu muntu n’umusazi
  52. Ntivyari kuba ibi vyose atari uko iyi Qur’ani ntagatifu ari icibutso kubantu bose