67.The Sovereignty

  1. Araninahajwe uwufise muminwe yiwe ubwami bwose, kandi niwe nyene ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
  2. Niwe yaremye urupfu hamwe n’ubuzima kugira ngo ibagerageze imenye uwariwe muri mwebwe afise ibikorwa vyiza gusumba, nayo niyo nyene ubushobozi n’ikigongwe
  3. Niwe yaremye Amajuru yose uko ari indwi agerekeranye kuyandi, mbega ntubona itandukaniro iryariryo ryose mukurema kwa nyene imigisha, rero n’uhindukize amaso yawe ugume uvuga uti:- mbega urabona mwo ikosa
  4. Kandi garura amaso yawe kenshi na kenshi, hanyuma iryo jisho ryawe rizo garuka riteterewe nawe warushe
  5. Mu vy’ukuri twarasharije iri Juru riri hafi n’amatara, kandi twagize gutyo kugira ngo dukubite amashetani, kandi twabashiriye ho ibihano biteguye vy’umuriro waka n’inguvu nyinshi cane
  6. N’abahakanye Umuremyi wabo w’ukuri, hariho ibihano vy’umuriro udahera witiriwe Jahannamu n’ingaruka mbi imeze gute
  7. Ni batabwa muriwo bazo kwumva isumo ryawo n’ingene umoka
  8. Uregereje gusaduka kubera ishavu ryawo no hejuru y’abantu babi, uko hatawe mwo umurwi w’abantu babi, aba wucungereye nabo bazoba baza bati :- mbega ntimwashikiwe n’uwutuza
  9. Nabo bazo kwishura bati:- mbega ni kuki twashikiwe n’uwutuza? Mugabo twebwe twarahakanye n’ukuvuga duti:- Imana nta nakimwe yamanuye, namwe ntaho muri atari mubuzimire buniniya cane
  10. Bazovuga bati :- iyo tuba twumva canke iyo tuba dufise ubwenge ntitwari kuba abantu bo mumuriro udahera
  11. Baremeza ibicumuro vyabo, rero uguhonywa kwabo kuraba kwiye abo bantu bo mu muriro udahera
  12. Mu vy’ukuri bamwe batinya Umuremyi wabo nabo batamubona bazoronka imbabazi n’impembo niniya cane
  13. Nimugire amabanga y’imvugo zanyu canke muziserure, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubumenyi bw’ibiri mubikiriza vyanyu
  14. Ntamenye uwaremye nayo ariyo ifise ubumenyi bw’ibitazwi hamwe n’ibizwi
  15. Niyo yagize Isi ngo ishobore gukora kubera mwebwe, rero ni mugenzure kumpande zayo zose, kandi mufungure kumigisha yayo, no kuriyo niho twese tuzo subirayo
  16. Mbega mwiyumvira yuko muri mumahoro ku Mana iyo mw’ijuru itazoba cinyiriza kw’Isi, mukaza mubona Isi iranyiganze
  17. Canke mwiyumvira yuko muri mumahoro ku Mana iri mw’ijuru ubwami bwiwe ni buniniya yuko itazoba zanira igihuhusi kivanzwe mwo umusenyi n’amabuye, niho muzomenya ituza ryanje
  18. Ntankeka barahakanye abariho imbere yabo, mbega kwabaye gute ugushavura kwanje
  19. Mbega ntibabona inyoni ziri hejuru yabo ingene zigorora amababa yazo n’ukuyazinga, nta n’umwe azi zitirira atari Imana nyene imigisha myinshi, mu vy’ukuri niyo ibona ibintu vyose
  20. Canke n’izihe ngabo zanyu zishobora kuba kingira atari nyene imigisha myinshi? Ntaba hakanyi b’Imana yabo y’ukuri atari uguhendwa gusa
  21. Canke ni nde azobaha imigisha mugihe ibazitiriye iyo migisha yayo ahubwo babandanya mu bwiyonkore bwabo n’urwankano gusa
  22. Mbega uwugenda ajunjamitse umutwe wiwe atamerewe neza, mbega niwe mweranda, canke uwugenda atumbereye inzira igororotse
  23. Vuga uti:- niyo yabaremye n’ukubaha amatwi n’amaso hamwe n’imitima, rero nibakeyi cane bashima iyo ngabirano yanyu
  24. Vuga uti:- niyo yabatandukanije kw’Isi, niwe niho muzo kwegeranywa
  25. Nabo bavuga bati:- niryari iryo sango nimwaba mu vugisha ukuri
  26. Vuga uti :- ubumenyi bwavyo buri ku Mana, kandi mu vy’ukuri jewe ndi umutuza gusa n’uwuba sobanurira
  27. Mugabo mugihe bazo kibonera kiri hafi, amaso y’abahakanye Imana yabo y’ukuri azo mara mara hanyuma havurwe hati:- ibi nivyo mwahora musaba
  28. Vuga uti:- ni mumbwire yuko Imana niya mponya jewe, hamwe nabo turi kumwe, canke itugiriye impuhwe zayo, none ni nde azoba kingira abo bahakana Imana yabo y’ukuri n’ibihano vy’Imana bibabaza
  29. Vuga uti:- Imana niyo nyene impuhwe nyinshi twebwe tuyemera n’ukuyizera, nubu vuba muzo menya uwuri m’ubuzimire buri k’umugaragaro
  30. Vuga uti:- mwebwe mubona gute nkiyo amazi yanyu yoba yibijwe mu kuzimu, none ni nde yobazanira amazi meza y’isoko