38.The letter Saad

  1. Swaad, (Insiguro y’iyi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwayo bwose buzi Imana yonyene gusa). Ndarahiye kuri iyi Qur’aani ntagatifu ifise ubutumwa nyakuri
  2. Mugabo abahakanye Umuremyi wabo bari mu bishima nugu higanwa
  3. Twahoneje abantu bangahe imbere yabo, batako bakoma induru mugabo umwanya w’ukurokoka wamaze guhera
  4. Baratangaye mugihe bashikirwa n’uwutuza ava muribo hanyuma abatemera Imana yabo y’ukuri bavuze bati:- uyo muntu n’umurozi kandi n’umubeshi
  5. Yagize Imana zose kuba ari Imana imwe gusa, ntankeka iri n’ijambo ry’igitangaza
  6. Baciye bitahira bamwe mubakuru babo bavuga bati:- nimwigire kandi mwigumanire n’izo Mana zanyu, mu vy’ukuri iri n’ijambo rikenewe
  7. Twebwe ntitwigeze twumva ibi bintu yuko muri iyi migenzo yacu yanyuma, kandi ntivyamye ho ibi vyose atari uko ari ivyadutse gusa
  8. Niwe wenyene yamanuriwe ubu butumire gusa natwe ntitwabuhabwa, mugabo abo bantu bari bafise amakenga gusa kubera ubutumire bwanje, ahubwo ntibara honja ibihano vyanje
  9. Mbega barafise ububiko bw’imigisha y’Umuremyi wawe, nyene ubushobozi atanga vyose
  10. Canke barafise ubwami bw’Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, rero nibafate inzira ibashikana yo
  11. Izi n’ingabo zizo gendeshwa ningoga muvyondo vy’abahakanyi vyagendeshejwe ningoga aho hambere
  12. Abaho hambere barahakanye abantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) nabo kuntumwa y’Imana Aadi (iii) na Fir’auni nyene amazu y’inkingi zikoma komeye
  13. Na Thamuda hamwe n’abantu bokwa Lutwi n’abantu bo mukibira c’ibiti vyinshi iyo niyo mirwi yabo
  14. Abo bose bara hakanye intumwa z’Imana, rero ibihano vyanje vyaraba shikiye
  15. N’aba ntibarindira atari akaruru kamwe gusa kukuzurwa kwabo kata rindiriza
  16. Bama bavuga bati:- Muremyi wacu, nutuzanire bimwe mubihano vyacu imbere yuwo musi wugu harurwa
  17. Nutenyenye kuri ivyo bavuga, mugabo wibuke wa muntu wacu mweranda ariwe Daudi (iii) nyene inguvu, mu vy’ukuri yari umuntu agaruka ku Mana n’ubu gamburutsi
  18. Mu vy’ukuri twebwe twara gamburukiye imisozi hamwe nawe ininahaze kuva k’umugoroba no mugitondo
  19. Hamwe n’inyoni zegereranijwe hamwe n’izindi zose zara mugamburukira
  20. Duca dushira mubwami bwiwe ubushobozi nukumuha ubumenyi bw’ugucira imanza abantu
  21. Mbega warashikiwe n’inkuru z’abari mumatati baca basimbira mucumba c’intumwa y’Imana Daudi (iii)
  22. Mugihe binjira kwa Daudi (iii) yarabatinye nabo baca bavuga bati:- ntutinye kuri twebwe turi mumatati, umwe muri twebwe yarahemukiye mugenzi wiwe, none nuducire urubanza rw’ukuri, kandi ntuhengame ahanaka kandi uturongore munzira igororotse
  23. Mu vy’ukuri uyu ni mwene wanje, afise intama z’inyana mirongo icenda n’icenda, nanje nkaba mfise inyana imwe gusa mugabo yavuze ati ndamuhe iyi rwanje ayitungire, none yananiye mu majambo
  24. Avuga ati:- ni vy’ukuri yaguhemukiye mukugusaba iyo ntungwa yawe mukwongereza kuntungwa ziwe, ntankeka abari mw’ishirahamwe benshi bama bahemukirana bamwe kubandi dukuyemwo abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, nabo bantu bari kurushi, mu mwanya intumwa y’Imana Daudi (iii) yabona yuko twamuhaye ikibazo, aca asaba ikigongwe ku Muremyi wiwe n’ugupfukama n’ubwitonzi ntangere nugu tumbera ku Muremyi wiwe
  25. Duca tumugirira ikigongwe kuri ivyo vyose, mu vy’ukuri arafise kuri twebwe icubahiro kininiya n’ahantu heza
  26. Ewe Daudi (iii) mu vy’ukuri twebwe twaguhaye ubutegetsi ng’aha kw’Isi, rero nubacire abo bantu urubanza rw’ukuri kandi ntukurikire ivyo umutima wawe ushatse ntuze ukuzimize munzira nziza y’Imana, mu vy’ukuri bamwe bazimira nuguta inzira y’Imana abo bantu bazoronka ibihano bikaze cane kubera ukwibagira kwabo wa musi wuguharurwa
  27. Kandi twebwe ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose kubusa gusa, ibi vyose nivyo bikeka bamwe batemera Imana yabo y’ukuri, rero ibihano bikaze cane vy’umuriro udahera bizoba shikira bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri
  28. Mbega tubagire bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza yuko boba bangana n’abononyi bagira ubwo bwononyi ng’aha kw’Isi, canke tubagire aba gamburukira Imana ko bangana n’abononyi
  29. Iki gitabu twakimanuye kuri wewe, kikaba gifise imihezagiro myinshi cane kugira ngo abantu bategere neza, iyumvire amajambo yaco hamwe n’abafise ubwenge nabo bategere neza
  30. Twarahaye intumwa y’Imana Daudi (iii) ikibondo citwa Suleymanu (iii) akaba yari mu bantu beza, kandi akaba yari afise n’ubwitonzi ntangere
  31. Mugihe bwagoroba yashikirijwe Ifarasi zihumuye zihagaze nazo zikaba zari zihwahutse mugihe zitegetswe kwiruka
  32. Yaciye avuga ati:- jewe nkunda ibintu vyiza mukwibuka Umuremyi wanje, mu nyuma zafarasi zinyegeza inyuma y’uruzitiro
  33. Nimu bagarure iwanje, hanyuma aca atangura kuzi hanagura kumaguru yazo no kumazosi yazo
  34. Twaramuhaye intumwa y’Imana Suleymanu (iii) duca dushiraho uwundi mubiri hejuru y’inyegamo yiwe hanyuma aragaruka wenyene
  35. Aca avuga ati:- Muremyi wanje, nungirire ikigongwe kandi umpe n’ubwami, kandi ntuze ubuhe uwariwe wese munyuma zanje, ntankeka ni wewe mutanzi wa vyose
  36. Duca tumu gamburukiza umuyaga ugenda buhoro buhoro kw’itegeko ryiwe, naho ushaka gushika hose
  37. Hamwe n’ibisigo n’abubatsi n’abibira mumazi
  38. N’ibindi bisigo biboshwe n’iminyororo
  39. Iyi n’ingabirano yacu twaguhaye tutarinze guharurirana, rero nuyitange canke uyigumye utarinze kugiriranira ibiharuro
  40. Mu vy’ukuri arafise kuri twebwe icubahiro n’ahantu heza
  41. Kandi mwibuke intumwa yacu y’Imana Ayyubu (iii) mugihe Umuremyi wiwe yamuhamagara avuga ati:- mu vy’ukuri Shetani yanshikirije ibishoboka hamwe n’ingorane
  42. Ihute nuku kuguru kwawe, naya niyo mazi apfuse yukwisukira hamwe n’ayandi yukunywa
  43. Duca tumuha abantu biwe hamwe n’abandi nkabo hamwe nabo kumigisha ivuye iwacu hamwe n’ubutumwa ku bantu bafise ubwenge
  44. Nufate amasonga y’uduti mukuboko kwawe, hunyuma uce umukubitisha umucance wawe, kandi ntute indahiro yawe, ntankeka twebwe twamusanze ari mu bantu batekereje kandi n’intore, mu vy’ukuri yari muba gamburutsi bacane
  45. Bibuke abantu bacu ariyo ntumwa yacu y’Imana Ibrahimu (iii) na Is’haqa n’intumwa y’Imana na Yaaqubu bari bafise ubushobozi n’ubwenge buhagije
  46. Mu vy’ukuri twebwe twagutoye kuri ryajambo ryiza cane ryukwibuka umusi w’imperuka
  47. Kandi ntankeka abamyeho imbere yacu, nabo nimu bantu beza batowe
  48. Kandi mwibuke intumwa y’Imana Ismaaili (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Al’yasaa (iii) n’intumwa y’Imana Dhul’qiflu (iii) n’abo bose bari mu bantu b’intungane
  49. Ubu n’ubwibutso mu vy’ukuri abatinya Imana yabo y’ukuri igituro cabo caho bazo garukira hazoba heza cane
  50. Imirima yukwicara mwo mubuzima bwabo bwose izoba yuguruye imiryango yayo kubera bo gusa
  51. Bazo kwegamira kunyegamo basaba ivyamwa vyinshi hamwe n’ibinyobwa
  52. Hamwe nabo bazoba ho n’abanega babo bahumurije amaso yabo kubatambukanyi babo
  53. Ibi nivyo mwaraganiwe k’umusi w’imperuka
  54. Mu vy’ukuri iyi niyo migisha yacu idahera
  55. Nuko rero mu vy’ukuri bamwe barenga imbibe ingaruka zabo zizoba ziri ahantu habi cane
  56. Wamuriro witiriwe Jahannamu niwo bazokwinjiramwo naho nahateguwe nabi cane
  57. N’uku bizoba rero nibahonje amazi y’amarike n’amashira
  58. N’ibindi bihano nk’ibi ni vyinshi
  59. Izi nizo ngabo zizo kwinjira hamwe namwe, mugabo ntizaronse ahantu heza zishikira mugabo zizo kwinjira mu muriro udahera
  60. Bavuze bati:- mwebwe ntakaze ryiza mufise mwebwe nimwe mwatumye turonka ibihano aho naho n’ahantu h’ubwicaro bubi cane
  61. Bavuze bati:- Muremyi wacu, abatumye tugira ibi vyose, n’ubongereze ibihano vy’incuro zibiri iyo mu muriro udahera
  62. Bazovuga bati:- vyabaye gute ko tutababona babantu twahora tubaharura ko bari mu bantu babi
  63. Erega twaraba kengereye mugabo amaso yacu ntiyababona gusa
  64. Ntankeka ibi bintu vy’amatati y’abantu bo mumuriro udahera nay’ukuri
  65. Vuga uti:- mu vy’ukuri jewe nd’uwutuza gusa, kandi ntayindi Mana itegerezwa gusengwa atariyo yonyene rudende nyene ubushobozi
  66. Umumenyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibirimwo vyose nyene ubushobozi hamwe n’ikigongwe cinshi
  67. Vuga uti:- izi n’inkuru zihambaye cane
  68. Mutitayeho namba
  69. Ntabumenyi nari mfise bw’ibiremwa bitagatifu mugihe batumvikana
  70. Simbwirwa ikintu na kimwe kuri jewe atari uko nd’umuntu atuza abantu kandi mboneka
  71. Umuremyi wawe mugihe yababwira Abamarayika ati:- mu vy’ukuri jewe nzorema umuntu ndamukuye mw’ivu
  72. Ninarangiza kurema uyo muntu nukumu huhera umutima uvuye kuri jewe, rero nimuce mumupfukamira nukumu gamburukira
  73. Bara gamburutse Abamarayika bose uko bangana bose
  74. Dukuyemwo uwitwa Ibilisi yishimye nukuba muba hakanyi b’Imana
  75. Imana yamubwiye iti:- ewe Ibilisi, n’igiki cakubujje ku gamburukira uwo naremye ku maboko yanje, mbega winamuye canke wabaye mubantu bakuru
  76. Nawe yishura ati:- jewe ndimwiza gusumba uyo waremye, kuko jewe wandemye unkuye mu muriro udahera, nawe umurema umukuye mw’ivu
  77. Imana ica ivuga iti:- nuve muri uwo muriro udahera kuko uramaze gutabwa kure n’imigisha yanje
  78. Mu vy’ukuri umuvumo wanje uzoba hejuru yawe kuri kugeza k’umusi w’imperuka
  79. Nawe yishura ati:- Muremyi wanje, numpe umwanya na mutoyi gusa kugeza k’umusi bazozurwa ibiremwa vyose
  80. Imana imubwira iti:- nivyo wewe uri mubaronse ikibanza c’ukubaho
  81. Kugeza kumwanya w’umusi wategekanijwe
  82. Nawe yishura ati:- ndarahiye k’ukuri kw’iteka ryawe ntankeka jewe abo bantu bawe nzobazimiza uko bangana bose
  83. Dukuye mwo ba bantu bawe muribo ar’intore
  84. Imana ivuga iti:- ndarahiye mvugishije ukuri
  85. Mu vy’ukuri jewe nzokwuzuza mu muriro udahera kuri wewe Shetani hamwe n’abagu kurikira muribo
  86. Vuga uti:- jewe sindaba saba impembo kuri ibi, kandi jewe sindi mu bantu bitegeka
  87. Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari ubutumwa ku bantu bose
  88. Kandi ntankeka mwebwe muzomenya inkuru ziwe mumwanya