37.Those drawn up in Ranks

  1. Ndarahiye kubatonze imirongo n’iyindi
  2. Kandi kuri barya batuza amabi yose
  3. Kandi kuri barya basoma ubutumwa bw’Imana
  4. Mu vy’ukuri Imana yanyu niyo yonyene gusa
  5. Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibimwo hagati yavyo kandi n’Umuremyi w’ubuseruko bwose
  6. Ntankeka twebwe twarasharije Ijuru riri hafi kw’isharizo ry’Inyenyeri
  7. Nukuyi kingira n’amashetani yataye umurongo
  8. Ntibashobore kwumviriza ibiremwa vyeranda no mugihe birukanywe kumpande zose
  9. Bazoshirwa kure, kandi bazoba bafise n’ibihano bitazoba vako
  10. Dukuye mwo uwusahuye ikintu gitoyi munyuma agaca akurikiranwa n’igishirira gisayangana
  11. Nimubabaze muti:- mbega nibo bafise ishusho rikomeye cane canke barya twaremye, ntankeka ni twebwe twabaremye tubakuye mw’ivu rimatanye n’irindi
  12. Mbega uratangara nabo babifata minenerwe
  13. Mugihe batujijwe ntiba gondozwa
  14. Mugihe babonye ibitangaro vyacu babifata minenerwe
  15. Nukuvuga bati:- ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari uburozi buri k’umugaragaro
  16. Mbega mugihe tuzosandaba nukuba ivu n’amagufa niko kuzoba ari ukuri kukuzurwa
  17. N’abatama bacu bakera
  18. Vuga uti:- egome muri ico gihe muzoba muri mubihano bitazoba vako
  19. Iyo mumuriro udahera hazoba hari induru yurutavana ko munyuma yaho bazobona umuhero w’Isi washitse
  20. Bazovuga bati:- yo! Uwu niwo wamusi w’impembo
  21. Uwu niwo musi wugucibwa urubanza mwahora muhakana
  22. Begeranye bamwe bahemukiye imitima yabo hamwe n’abagenzi babo hamwe nabo bahora basenga
  23. Aho gusenga Imana nimuba rongore munzira yomu muriro udahera witiriwe Jahannamu
  24. Nimuba hagarike mu vy’ukuri bazobazwa
  25. Mufise iki ko mutarokorana
  26. Kuri uwo musi bazoteterwa bimwe bitarabaho
  27. Bazokwinjira babazanya bamwe n’abandi
  28. Bavuga bati:- mu vy’ukuri mwebwe mwamye mudushikira munzira z’ukuri
  29. Nabo bishure bati:- ahubwo mwebwe bonyene ntimwari muba Isilamu
  30. Ntabubasha twari dufise hejuru yanyu mugabo mwebwe nyene mwari mubataye umurongo w’ukuri
  31. Rero intahe y’Umuremyi wacu iramaze gucibwa ntankeka tuzoyihonja
  32. Nitwebwe bonyene twabatakaje tukaba twari mubantu bazimiye
  33. Rero mu vy’ukuri kuri uwo musi bazoba bari mubihano bakoranijwe hamwe
  34. Uku niko tuzogira abo bataye umurongo
  35. Mugihe bahora babwirwa yuko atayindi Mana itegerezwa gusengwa bimwe vy’ukuri atari Imana y’ukuri baguma banana
  36. Nukuvuga bati:- yo! twebwe dusige Imana zacu kubera uyo ategura amajambo y’ubuhizi nawe ari umusazi
  37. Ahubwo yaje afise ukuri nukwemeza intumwa z’Imana zose zabaye imbere yiwe
  38. Mu vy’ukuri mwebwe ntankeka muzohonja ibihano bibabaza cane
  39. Kandi ntimuzohembwa atari kuvyo mwahora mugira
  40. Dukuyemwo abantu beranda b’Imana bagize ibikorwa vyabo vyiza
  41. Abo bantu nibo bazoronka imigisha yabo bwite
  42. Ivyamwa vy’ubwoko bwose kandi baterwe n’iteka ntangere
  43. Mumirima y’imigisha myiza
  44. Bari hejuru y’ubusaswa barabana n’abandi amaso kuyandi
  45. Bakikuzwa n’ibirahuri birimwo ibinyobwa vyiza cane
  46. Vyera derere bifise n’akanovera kuri abo bantu babinywera mwo
  47. Kuri ivyo binywobwa ntangorane n’imwe zizoba zirimwo canke ugutakaza ubwenge
  48. Bazoba bari kumwe n’abapfasoni bafise amaso meza manini maniniya
  49. Abo bapfasoni bameze nk’amagi yabitswe neza
  50. Bazohura bamwe n’abandi babazanya
  51. Hanyuma avuge umuvugizi umwe muribo ati:- mu vy’ukuri jewe nari mfise umugenzi
  52. Uwahora ambwira ati:- mbega wewe uri muri bamwe bemera Imana yabo y’ukuri
  53. Yuko mugihe twebwe tuzo sandaba nukuba ivu n’amagufa mbega twebwe tuzorihwa
  54. Nawe azovuga ati:- mbega muzo mu runguruka
  55. Nawe azo runguruka aze amubone ari hagati y’umuriro udahera witiriwe Jahannamu
  56. Hanyuma aze amubwire ati:- ndarahiye kw’izina ry’Imana wewe wari wegereje kunzimiza
  57. Iyo itaba imigisha y’Umuremyi wanje ntankeka nari kuba mubo shengezwa n’ibihano vyo mumuriro udahera
  58. Mbega na twebwe turi mu bantu bazo subira kwitaba Umuremyi wacu
  59. Atari urupfu rwacu rwaho hambere kandi twebwe ntituzo subira guhanwa
  60. Ntankeka iyi niyo ntsinzi niniya
  61. Rero akarorero nkaka niko bogira abo bogira
  62. Mbega ikaze nkiri siryiza, canke kuronka igiti citiriwe Zaqqum
  63. Mu vy’ukuri twebwe twagize ico giti nk’igihano caba hemukiye imitima yabo
  64. Mu vy’ukuri ico n’igiti kivuye hagati y’umuriro udahera witiriwe Jahannamu
  65. Ivyamwa vy’ico giti bimeze nk’imitwe y’amashetani
  66. Ntankeka bazofungura kuri ico giti no kurico buzuze inda zabo
  67. Hanyuma ntankeka bazo shikirwa kubera uburure bw’ico giti n’uruvange rw’amazi y’amarike
  68. Hanyuma mu vy’ukuri ingaruka yabo bantu yazoba ari ayo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu
  69. Mu vy’ukuri basanze abavyeyi babo barazimiye
  70. Nabo nyene baca batwarwa nugukurikira ingendo zabo
  71. Kandi ntankeka abantu benshi bakera barazimiye imbere yabo
  72. Mu vy’ukuri twararungitse abagabisha kuri abo bantu
  73. Rero nurabe uko yabaye amaherezo yabo bantu batujijwe
  74. Atari abagamburutsi b’Imana bigiriye ibikorwa vyabo vyiza
  75. Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Nuhu (iii) yaraduteye akamo, n’abamwitavye b’intungane tumeze gute twebwe
  76. Twaramurokoye hamwe n’abantu biwe bari muvyago bihambaye
  77. Twarahezagiye umuryango wiwe ngo babe aribo baguma kw’Isi
  78. Duca tumusigira ku bantu baje munyuma yiwe
  79. Amahoro y’intumwa y’Imana Nuhu (iii) asasagare kw’Isi yose
  80. Mu vy’ukuri uku niko duhemba abagira ineza
  81. Mu vy’ukuri yari mubantu bacu bemeye Imana yabo y’ukuri
  82. Munyuma yaho niho twaca twibiza bamwe n’abandi
  83. Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Ibrahimu (III) yari mumurwi wiwe
  84. Yarayikoreye idini y’Umuremyi wiwe n’umutima mwiza cane
  85. Yaramubwiye Se wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- mbega mwebwe musenga iki
  86. Kuvyiyadukije gusa vy’amamana aho yobaye Imana y’ukuri, nizo Mana mwipfuza
  87. None n’ibihe vyiyumviro vyanyu hejuru y’Umuremyi w’ibiremwa vyose
  88. Hanyuma yaciye yitegereza mu kwitegereza kunyenyeri
  89. Avuga ati:- mu vy’ukuri jewe ndarwaye
  90. Nabo baramuretse gutyo baca bamuha ibitugu barigira
  91. Nawe aca agenda mumpisho no ku Mana zabo azibwira ati:- mbega mufise iki ko muda fungura
  92. Mubaye gute ko mutavuga
  93. Hanyuma arahindukira abakubita n’ukuboko kwiwe kw’iburyo
  94. Baca baza n’ingoga na ningoga
  95. Aca ababwira ati:- oh! Mbega musenga muvyo mwibaziye kubwanyu n’amaboko yanyu
  96. Mugihe Imana ariyo yabaremwye hamwe nivyo mugira vyose
  97. Nabo bishura bati:- nimu mwubakire inyubakwa hanyuma mu mujugunyire muri uwo mukomezwa
  98. Rero bashatse kumu girira amarorerwa, mugabo duca tuba girira kuba aribo badebukiwe
  99. Nayo intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yababwiye iti:- jewe ndagiye ku Muremyi wanje niwe azondongora
  100. Ewe Muremyi wanje, numpe mu bantu bagira ineza
  101. Niho twamuha inkuru nziza y’ikibondo gitekanye
  102. Mugihe yashika kurugero rw’ukugenda nukugaruka ari kumwe nawe niho yamubwira ati:- ewe kibondo canje, mu vy’ukuri jewe nabonye mundoto zanje yuko no kubaga, rero nawe niwiyumvire neza, none wewe ubibona gute? Nawe amwishura ati:- ewe data wanje nugire nk’uko wategetswe nanje uzonsanga Imana ibishatse ndimu bantu batenyenya
  103. Bose hamwe uko ari babiri mugihe biyemeza imbere y’Imana nuguca amuryamika hasi kugira ngo amubage
  104. Muri uwo mwanya isase twaciye tumu hamagara duti:- ewe ntumwa y’Imana Ibrahimu (iii)
  105. Uramaze kwemeza yandoto yawe, mu vy’ukuri uku rero niko duhemba abagira neza bose
  106. Ntankeka iri n’igeragezo riri k’umugaragaro
  107. Rero duca dukabisha n’igikoko cukubarwa gifise iteka ntangere
  108. Duca tumusigira kubaje munyuma yiwe
  109. Amahoro y’Imana abe kuntumwa y’Imana Ibrahimu (iii)
  110. Uku niko duhemba abantu bagira ineza bose
  111. Ntankeka yari mubantu bacu bemeye Imana yabo y’ukuri
  112. Hanyuma twamuciriye agace yuko azokwibaruka intumwa y’Imana Is’haqa (iii) n’intumwa muntumwa z’ abagira ineza
  113. Duca turamu hezagira hamwe n’intumwa y’Imana Is’haqa (iii) hamwe no muruvyaro rwabo, kuko aribo babaye mubagira ineza. hamwe n’abahemukiye imitima yabo bimwe bigaragara
  114. Mu vy’ukuri twebwe twarabagiriye impuhwe intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Haruna (iii)
  115. Duca turaba rokora hamwe n’abantu babo mugihe bari mungorane zidasanzwe
  116. Duca tubakingira nabo baca baba bene intsinzi nyakuri
  117. Bose uko ari babiri twabahaye igitabu gitanga umuco
  118. Duca turabarongora munzira igororotse
  119. Hanyuma duca tubasigira mubaje munyuma yabo
  120. Amahoro y’Imana abe kuntumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe na Haruna (iii)
  121. Ntankeka uku niko duhemba abagira ineza
  122. Ntankeka bari mubantu bacu bemeye Imana yabo y’ukuri
  123. Mu vy’ukuri, intumwa y’Imana Il’yaasiiyn (iii) yari muntumwa z’Imana
  124. Mugihe yabwira abantu biwe ati:- mbega mwebwe ntimutinya
  125. Mutabaza isanamu ryitwa Baa’la, mukareka gusaba umwiza wabaremyi
  126. Imana ariyo muremyi wanyu n’Umuremyi w’abavyeyi banyu baho hambere
  127. Baramu hakanye ntankeka rero bazo shengezwa mubihano
  128. Dukuyemwo abantu b’Imana basukuwe nayo nyene
  129. Twamusigiye kubaje munyuma yiwe
  130. Amahoro y’Imana abe kuntumwa y’Imana Il’yaasiiyn (iii)
  131. Ntankeka uku niko duhemba abagira ineza
  132. Mu vy’ukuri yari mubantu bacu bemera Imana yabo bimwe vy’ukuri
  133. Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Lutwi (iii) yari muntumwa z’Imana
  134. Mugihe twamurokora hamwe n’abantu biwe bose
  135. Dukuye mwo umukenyezi ashaje mubasigaye inyuma
  136. Hanyuma niho twahonya abandi
  137. Mu vy’ukuri mwama mubacako mugitondo
  138. No mw’ijoro nyene, mbega mwebwe ntimutegera
  139. Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Yunusu (iii) yari muntumwa z’Imana
  140. Mugihe yirukira mubwato bwikoreye ibintu vyinshi
  141. Baca bagira amatora aca aba mubatsinzwe nuguca atabwa mumazi
  142. Mukanya ifi ica iramumira mugihe yari muba taweko umwikomo
  143. Iyo ataba yari mubantu basenga Imana yiwe y’ukuri
  144. Ntankeka yari kuguma munda y’iyofi kugeza k’umusi wizurwa ry’abantu bose
  145. Mugabo twaciye tumujugunya kunkengera z’ikiyaga nawe aremvye cane
  146. Duca tumu nagishiriza uruyuzi rw’itango yaguma afungura
  147. Twaramutwaye ku bantu ibihumbi ijana n’abarenga
  148. Baca baremera, nukuba nezereza kugeza kugihe caho basandabira
  149. Nimu babaze muti:- mbega Umuremyi wawe niwe afise ibibondo vy’abigeme nabo bakaba bafise ibibomdo vy’abahungu
  150. Mbega twebwe twaremye Abamarayika kuba yuko aribo bakenyezi nabo bakaba ivyabona
  151. Muragabe ku vyiyadukiza kuribo n’ivyo bavuga
  152. Imana yaravyaye, mu vy’ukuri kuribo ntankeka n’ababeshi
  153. Yoba yaratoye ibibondo vy’abigeme gusumba ibibondo vy’abahungu
  154. Mubayeho gute! Muca urubanza gute
  155. Yo! Mbega mwebwe aho muri ntimwibuka
  156. Canke mwebwe murafise ivyemezo biri k’umugaragaro
  157. Nimuzane igitabu canyu ni mwaba muvugisha ukuri
  158. Nabo bashizeho imiryango hagati yabo n’ibisigo, n’ivyo bisigo vyari vyamaze kumenya yuko atankeka kuribo bazo shengezwa
  159. Imana iri kure n’ingene bayihayagiza
  160. Dukuye mwo abantu beranda batowe n’Imana
  161. Rero ntankeka mwebwe hamwe nabo musenga
  162. Ntimushobora kuba zimiza
  163. Atari bamwe bazo kwinjira mu muriro udahera
  164. Ntan’umwe muri twebwe atari uko afise ubwicaro bwiwe buzwi
  165. Mu vy’ukuri muri twebwe harimwo abatonda ku mirongo
  166. Hariho n’abandi muri twebwe bahayagiza Imana y’ukuri
  167. Mu vy’ukuri bamye bavuga
  168. Iyo tuba dufise igitabu nkuko babifise ba bantu baho hambere
  169. Ntankeka twari kuba mu bantu beranda b’Imana bisukuye
  170. Ico gitabu baragi hakanye rero ubu vuba bazomenya
  171. Kandi ntankeka ijambo ryacu riramaze gushika ku bantu bacu bahawe ubutumwa
  172. Yuko aribo bazo rokorwa
  173. N’ingabo zacu nizo zizo tsinda
  174. Rero nimu bareke kure mu mwanya mutoyi gusa
  175. Kandi mu bitegereze gusa nabo ubu vuba bazobona
  176. Yoh! barahimiriza ibihano vyacu
  177. Rero mugihe bizo manuka kurubuga rwabo hazoba hari mugitondo kitari ciza ku bantu batujijwe
  178. Nimu bareke mumwanya mutoyi gusa
  179. Nurabe gusa, nabone ubu vuba bazobona
  180. Umuremyi wawe ari kure nivyo, Umuremyi w’iteka hamwe n’ivyo bayihayagiza ko
  181. N’amahoro y’Imana asasagare kuntumwa z’Imana zose
  182. Nihayagizwa ryose ryiza niry’Imana, Umuremyi w’ibiremwa vyose