37.Those drawn up in Ranks
- Ndarahiye kubatonze imirongo n’iyindi
- Kandi kuri barya batuza amabi yose
- Kandi kuri barya basoma ubutumwa bw’Imana
- Mu vy’ukuri Imana yanyu niyo yonyene gusa
- Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibimwo hagati yavyo kandi n’Umuremyi w’ubuseruko bwose
- Ntankeka twebwe twarasharije Ijuru riri hafi kw’isharizo ry’Inyenyeri
- Nukuyi kingira n’amashetani yataye umurongo
- Ntibashobore kwumviriza ibiremwa vyeranda no mugihe birukanywe kumpande zose
- Bazoshirwa kure, kandi bazoba bafise n’ibihano bitazoba vako
- Dukuye mwo uwusahuye ikintu gitoyi munyuma agaca akurikiranwa n’igishirira gisayangana
- Nimubabaze muti:- mbega nibo bafise ishusho rikomeye cane canke barya twaremye, ntankeka ni twebwe twabaremye tubakuye mw’ivu rimatanye n’irindi
- Mbega uratangara nabo babifata minenerwe
- Mugihe batujijwe ntiba gondozwa
- Mugihe babonye ibitangaro vyacu babifata minenerwe
- Nukuvuga bati:- ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari uburozi buri k’umugaragaro
- Mbega mugihe tuzosandaba nukuba ivu n’amagufa niko kuzoba ari ukuri kukuzurwa
- N’abatama bacu bakera
- Vuga uti:- egome muri ico gihe muzoba muri mubihano bitazoba vako
- Iyo mumuriro udahera hazoba hari induru yurutavana ko munyuma yaho bazobona umuhero w’Isi washitse
- Bazovuga bati:- yo! Uwu niwo wamusi w’impembo
- Uwu niwo musi wugucibwa urubanza mwahora muhakana
- Begeranye bamwe bahemukiye imitima yabo hamwe n’abagenzi babo hamwe nabo bahora basenga
- Aho gusenga Imana nimuba rongore munzira yomu muriro udahera witiriwe Jahannamu
- Nimuba hagarike mu vy’ukuri bazobazwa
- Mufise iki ko mutarokorana
- Kuri uwo musi bazoteterwa bimwe bitarabaho
- Bazokwinjira babazanya bamwe n’abandi
- Bavuga bati:- mu vy’ukuri mwebwe mwamye mudushikira munzira z’ukuri
- Nabo bishure bati:- ahubwo mwebwe bonyene ntimwari muba Isilamu
- Ntabubasha twari dufise hejuru yanyu mugabo mwebwe nyene mwari mubataye umurongo w’ukuri
- Rero intahe y’Umuremyi wacu iramaze gucibwa ntankeka tuzoyihonja
- Nitwebwe bonyene twabatakaje tukaba twari mubantu bazimiye
- Rero mu vy’ukuri kuri uwo musi bazoba bari mubihano bakoranijwe hamwe
- Uku niko tuzogira abo bataye umurongo
- Mugihe bahora babwirwa yuko atayindi Mana itegerezwa gusengwa bimwe vy’ukuri atari Imana y’ukuri baguma banana
- Nukuvuga bati:- yo! twebwe dusige Imana zacu kubera uyo ategura amajambo y’ubuhizi nawe ari umusazi
- Ahubwo yaje afise ukuri nukwemeza intumwa z’Imana zose zabaye imbere yiwe
- Mu vy’ukuri mwebwe ntankeka muzohonja ibihano bibabaza cane
- Kandi ntimuzohembwa atari kuvyo mwahora mugira
- Dukuyemwo abantu beranda b’Imana bagize ibikorwa vyabo vyiza
- Abo bantu nibo bazoronka imigisha yabo bwite
- Ivyamwa vy’ubwoko bwose kandi baterwe n’iteka ntangere
- Mumirima y’imigisha myiza
- Bari hejuru y’ubusaswa barabana n’abandi amaso kuyandi
- Bakikuzwa n’ibirahuri birimwo ibinyobwa vyiza cane
- Vyera derere bifise n’akanovera kuri abo bantu babinywera mwo
- Kuri ivyo binywobwa ntangorane n’imwe zizoba zirimwo canke ugutakaza ubwenge
- Bazoba bari kumwe n’abapfasoni bafise amaso meza manini maniniya
- Abo bapfasoni bameze nk’amagi yabitswe neza
- Bazohura bamwe n’abandi babazanya
- Hanyuma avuge umuvugizi umwe muribo ati:- mu vy’ukuri jewe nari mfise umugenzi
- Uwahora ambwira ati:- mbega wewe uri muri bamwe bemera Imana yabo y’ukuri
- Yuko mugihe twebwe tuzo sandaba nukuba ivu n’amagufa mbega twebwe tuzorihwa
- Nawe azovuga ati:- mbega muzo mu runguruka
- Nawe azo runguruka aze amubone ari hagati y’umuriro udahera witiriwe Jahannamu
- Hanyuma aze amubwire ati:- ndarahiye kw’izina ry’Imana wewe wari wegereje kunzimiza
- Iyo itaba imigisha y’Umuremyi wanje ntankeka nari kuba mubo shengezwa n’ibihano vyo mumuriro udahera
- Mbega na twebwe turi mu bantu bazo subira kwitaba Umuremyi wacu
- Atari urupfu rwacu rwaho hambere kandi twebwe ntituzo subira guhanwa
- Ntankeka iyi niyo ntsinzi niniya
- Rero akarorero nkaka niko bogira abo bogira
- Mbega ikaze nkiri siryiza, canke kuronka igiti citiriwe Zaqqum
- Mu vy’ukuri twebwe twagize ico giti nk’igihano caba hemukiye imitima yabo
- Mu vy’ukuri ico n’igiti kivuye hagati y’umuriro udahera witiriwe Jahannamu
- Ivyamwa vy’ico giti bimeze nk’imitwe y’amashetani
- Ntankeka bazofungura kuri ico giti no kurico buzuze inda zabo
- Hanyuma ntankeka bazo shikirwa kubera uburure bw’ico giti n’uruvange rw’amazi y’amarike
- Hanyuma mu vy’ukuri ingaruka yabo bantu yazoba ari ayo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu
- Mu vy’ukuri basanze abavyeyi babo barazimiye
- Nabo nyene baca batwarwa nugukurikira ingendo zabo
- Kandi ntankeka abantu benshi bakera barazimiye imbere yabo
- Mu vy’ukuri twararungitse abagabisha kuri abo bantu
- Rero nurabe uko yabaye amaherezo yabo bantu batujijwe
- Atari abagamburutsi b’Imana bigiriye ibikorwa vyabo vyiza
- Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Nuhu (iii) yaraduteye akamo, n’abamwitavye b’intungane tumeze gute twebwe
- Twaramurokoye hamwe n’abantu biwe bari muvyago bihambaye
- Twarahezagiye umuryango wiwe ngo babe aribo baguma kw’Isi
- Duca tumusigira ku bantu baje munyuma yiwe
- Amahoro y’intumwa y’Imana Nuhu (iii) asasagare kw’Isi yose
- Mu vy’ukuri uku niko duhemba abagira ineza
- Mu vy’ukuri yari mubantu bacu bemeye Imana yabo y’ukuri
- Munyuma yaho niho twaca twibiza bamwe n’abandi
- Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Ibrahimu (III) yari mumurwi wiwe
- Yarayikoreye idini y’Umuremyi wiwe n’umutima mwiza cane
- Yaramubwiye Se wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- mbega mwebwe musenga iki
- Kuvyiyadukije gusa vy’amamana aho yobaye Imana y’ukuri, nizo Mana mwipfuza
- None n’ibihe vyiyumviro vyanyu hejuru y’Umuremyi w’ibiremwa vyose
- Hanyuma yaciye yitegereza mu kwitegereza kunyenyeri
- Avuga ati:- mu vy’ukuri jewe ndarwaye
- Nabo baramuretse gutyo baca bamuha ibitugu barigira
- Nawe aca agenda mumpisho no ku Mana zabo azibwira ati:- mbega mufise iki ko muda fungura
- Mubaye gute ko mutavuga
- Hanyuma arahindukira abakubita n’ukuboko kwiwe kw’iburyo
- Baca baza n’ingoga na ningoga
- Aca ababwira ati:- oh! Mbega musenga muvyo mwibaziye kubwanyu n’amaboko yanyu
- Mugihe Imana ariyo yabaremwye hamwe nivyo mugira vyose
- Nabo bishura bati:- nimu mwubakire inyubakwa hanyuma mu mujugunyire muri uwo mukomezwa
- Rero bashatse kumu girira amarorerwa, mugabo duca tuba girira kuba aribo badebukiwe
- Nayo intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yababwiye iti:- jewe ndagiye ku Muremyi wanje niwe azondongora
- Ewe Muremyi wanje, numpe mu bantu bagira ineza
- Niho twamuha inkuru nziza y’ikibondo gitekanye
- Mugihe yashika kurugero rw’ukugenda nukugaruka ari kumwe nawe niho yamubwira ati:- ewe kibondo canje, mu vy’ukuri jewe nabonye mundoto zanje yuko no kubaga, rero nawe niwiyumvire neza, none wewe ubibona gute? Nawe amwishura ati:- ewe data wanje nugire nk’uko wategetswe nanje uzonsanga Imana ibishatse ndimu bantu batenyenya
- Bose hamwe uko ari babiri mugihe biyemeza imbere y’Imana nuguca amuryamika hasi kugira ngo amubage
- Muri uwo mwanya isase twaciye tumu hamagara duti:- ewe ntumwa y’Imana Ibrahimu (iii)
- Uramaze kwemeza yandoto yawe, mu vy’ukuri uku rero niko duhemba abagira neza bose
- Ntankeka iri n’igeragezo riri k’umugaragaro
- Rero duca dukabisha n’igikoko cukubarwa gifise iteka ntangere
- Duca tumusigira kubaje munyuma yiwe
- Amahoro y’Imana abe kuntumwa y’Imana Ibrahimu (iii)
- Uku niko duhemba abantu bagira ineza bose
- Ntankeka yari mubantu bacu bemeye Imana yabo y’ukuri
- Hanyuma twamuciriye agace yuko azokwibaruka intumwa y’Imana Is’haqa (iii) n’intumwa muntumwa z’ abagira ineza
- Duca turamu hezagira hamwe n’intumwa y’Imana Is’haqa (iii) hamwe no muruvyaro rwabo, kuko aribo babaye mubagira ineza. hamwe n’abahemukiye imitima yabo bimwe bigaragara
- Mu vy’ukuri twebwe twarabagiriye impuhwe intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Haruna (iii)
- Duca turaba rokora hamwe n’abantu babo mugihe bari mungorane zidasanzwe
- Duca tubakingira nabo baca baba bene intsinzi nyakuri
- Bose uko ari babiri twabahaye igitabu gitanga umuco
- Duca turabarongora munzira igororotse
- Hanyuma duca tubasigira mubaje munyuma yabo
- Amahoro y’Imana abe kuntumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe na Haruna (iii)
- Ntankeka uku niko duhemba abagira ineza
- Ntankeka bari mubantu bacu bemeye Imana yabo y’ukuri
- Mu vy’ukuri, intumwa y’Imana Il’yaasiiyn (iii) yari muntumwa z’Imana
- Mugihe yabwira abantu biwe ati:- mbega mwebwe ntimutinya
- Mutabaza isanamu ryitwa Baa’la, mukareka gusaba umwiza wabaremyi
- Imana ariyo muremyi wanyu n’Umuremyi w’abavyeyi banyu baho hambere
- Baramu hakanye ntankeka rero bazo shengezwa mubihano
- Dukuyemwo abantu b’Imana basukuwe nayo nyene
- Twamusigiye kubaje munyuma yiwe
- Amahoro y’Imana abe kuntumwa y’Imana Il’yaasiiyn (iii)
- Ntankeka uku niko duhemba abagira ineza
- Mu vy’ukuri yari mubantu bacu bemera Imana yabo bimwe vy’ukuri
- Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Lutwi (iii) yari muntumwa z’Imana
- Mugihe twamurokora hamwe n’abantu biwe bose
- Dukuye mwo umukenyezi ashaje mubasigaye inyuma
- Hanyuma niho twahonya abandi
- Mu vy’ukuri mwama mubacako mugitondo
- No mw’ijoro nyene, mbega mwebwe ntimutegera
- Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Yunusu (iii) yari muntumwa z’Imana
- Mugihe yirukira mubwato bwikoreye ibintu vyinshi
- Baca bagira amatora aca aba mubatsinzwe nuguca atabwa mumazi
- Mukanya ifi ica iramumira mugihe yari muba taweko umwikomo
- Iyo ataba yari mubantu basenga Imana yiwe y’ukuri
- Ntankeka yari kuguma munda y’iyofi kugeza k’umusi wizurwa ry’abantu bose
- Mugabo twaciye tumujugunya kunkengera z’ikiyaga nawe aremvye cane
- Duca tumu nagishiriza uruyuzi rw’itango yaguma afungura
- Twaramutwaye ku bantu ibihumbi ijana n’abarenga
- Baca baremera, nukuba nezereza kugeza kugihe caho basandabira
- Nimu babaze muti:- mbega Umuremyi wawe niwe afise ibibondo vy’abigeme nabo bakaba bafise ibibomdo vy’abahungu
- Mbega twebwe twaremye Abamarayika kuba yuko aribo bakenyezi nabo bakaba ivyabona
- Muragabe ku vyiyadukiza kuribo n’ivyo bavuga
- Imana yaravyaye, mu vy’ukuri kuribo ntankeka n’ababeshi
- Yoba yaratoye ibibondo vy’abigeme gusumba ibibondo vy’abahungu
- Mubayeho gute! Muca urubanza gute
- Yo! Mbega mwebwe aho muri ntimwibuka
- Canke mwebwe murafise ivyemezo biri k’umugaragaro
- Nimuzane igitabu canyu ni mwaba muvugisha ukuri
- Nabo bashizeho imiryango hagati yabo n’ibisigo, n’ivyo bisigo vyari vyamaze kumenya yuko atankeka kuribo bazo shengezwa
- Imana iri kure n’ingene bayihayagiza
- Dukuye mwo abantu beranda batowe n’Imana
- Rero ntankeka mwebwe hamwe nabo musenga
- Ntimushobora kuba zimiza
- Atari bamwe bazo kwinjira mu muriro udahera
- Ntan’umwe muri twebwe atari uko afise ubwicaro bwiwe buzwi
- Mu vy’ukuri muri twebwe harimwo abatonda ku mirongo
- Hariho n’abandi muri twebwe bahayagiza Imana y’ukuri
- Mu vy’ukuri bamye bavuga
- Iyo tuba dufise igitabu nkuko babifise ba bantu baho hambere
- Ntankeka twari kuba mu bantu beranda b’Imana bisukuye
- Ico gitabu baragi hakanye rero ubu vuba bazomenya
- Kandi ntankeka ijambo ryacu riramaze gushika ku bantu bacu bahawe ubutumwa
- Yuko aribo bazo rokorwa
- N’ingabo zacu nizo zizo tsinda
- Rero nimu bareke kure mu mwanya mutoyi gusa
- Kandi mu bitegereze gusa nabo ubu vuba bazobona
- Yoh! barahimiriza ibihano vyacu
- Rero mugihe bizo manuka kurubuga rwabo hazoba hari mugitondo kitari ciza ku bantu batujijwe
- Nimu bareke mumwanya mutoyi gusa
- Nurabe gusa, nabone ubu vuba bazobona
- Umuremyi wawe ari kure nivyo, Umuremyi w’iteka hamwe n’ivyo bayihayagiza ko
- N’amahoro y’Imana asasagare kuntumwa z’Imana zose
- Nihayagizwa ryose ryiza niry’Imana, Umuremyi w’ibiremwa vyose