36.Yaseen
- Ya, Siiyn, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa)
- Ndarahiye kuri aya majambo y’Imana matagatifu ya Qur’aani yateguwe neza cane
- Yuko mu vy’ukuri wewe uri muntumwa z’Imana
- Uri hejuru y’inzira igororotse
- Nimanurwa ryanyene ubushobozi n’impuhwe zihagije
- Kugira ngo ubatuze abantu batatujijwe n’abavyeyi babo, rero nibo babaye abasamajwe
- Ntankeka n’ijambo ryemejwe kuri benshi muribo, kuri ivyo rero ntibavyemera
- Mu vy’ukuri twebwe twashize iminyororo kumazosi yabo kugeza kubusakanwa bwabo, rero imitwe yabo iraramye iri hejuru
- Twashize imbere yabo uruzitiro ruri imbere yabo n’urundi ruzitiro ruri inyuma yabo duca tubafuka mumaso yabo kuribo, kuri ivyo rero ntibabona na gatoyi
- Nivyiza kuribo ubakebuye canke utabakebuye ntibazokwemera
- Woshobora kumutuza urya akurikira ubutumwa bw’Imana yamara kunyurwa nayo majambo y’Imana agaca atinya nyene imigisha naho atayibona rero numubwire uyo yuko ikigongwe hamwe n’impuhwe z’iteka ziri kuriwe
- Mu vy’ukuri twebwe tuzozura abapfuye kandi twandike ibikorwa vyabo bagira ntibize bisigare inyuma, n’ibintu vyose biri mububiko bw’igitabu cerekana ibintu vyose
- Nubagirire akarorero k’abantu bo mugisagara kanaka mugihe bashikirwa naba shikiriza butumwa
- Mugihe twabarungikira intumwa z’Imana zibiri barazi hakana natwe duca tubongereza inguvu tuba rungikira uwugira gatatu, bababwira bati:- mu vy’ukuri twebwe turungitswe kuri mwebwe
- Nabo babishura bati:- mwebwe ntaco murimwo, atari uko muri mu bantu nkatwe, nayo nyene imigisha ntanakimwe yamanuye, mwebwe muri ababeshi gusa
- Bavuze bati:- Umuremyi wacu niwe afise ubumenyi atamakenga arimwo yuko twebwe twarungitswe kuri mwebwe
- Kandi ntakiri hejuru yacu atari ugushikana ubutumwa bw’Imana buri k’umugaragaro
- Baca bavuga bati:- mu vy’ukuri twebwe ntitwumvikana kubera mwebwe nimutareka twebwe tuzoba tera iminana kandi izobashikira ivuye iwacu n’ibihano bibabaza cane
- Bavuze bati:- ukutumvikana kwanyu mwebwe nyene, yo! kuko mwibutswa mugabo mwebwe muri mu bantu mwarenze akarimbi
- Haciye haza umuntu ningoga na ningoga avuye kuruhande rwakure rw’ico gisagara avuga ati:- bantu banje nimukurikire izi ntumwa
- Nimu bakurikire babigishe batarinze kubasaba impembo iyariyo yose, mugihe abo bantu bari mubarongotse
- Nikuki ntosenga uwandemye, niwe ariho muzo subizwayo
- Mbega jewe nkurikire izindi Mana atari Imana yonyene rudende, niyaba Imana ishaka kungirira inabi, ibisabisho vyabo ntaco bizomarira n’ikintu na kimwe kandi ntibazondokora
- Ninagira gutyo nzoba ndimu bantu bazimiye mubuzimire buri k’umugaragaro
- Ntankeka jewe ndemeye Umuremyi wanyu mugabo ndabasavye mu nyumvirize
- Ababwira ati:- niwinjire mw’Ijuru, nawe yishura ati:- iyo abantu banje babimenya
- Ingene Umuremyi wanje yangiriye ikigongwe nuku mpezagira, nkaba ndimu bahawe iteka ntangere
- Ntitwa bamanuriye abantu biwe arizo ngabo zivuye mw’ijuru, inyuma yiwe kandi ntitwari mubazi manura
- Ntacabaye atari akaruru kamwe nk’isase, bose baca bara zimangana
- Vyari kuba ngombwa mukuba humuriza abo bantu batashikiwe n’intumwa y’Imana n’imwe, mugabo bamye bijajurira gusa
- Mbega ntibabona abantu isinzi twahoneje imbere yabo yuko batagaruka iwabo
- Kandi nta muntu uwariwe wese atazo shengezwa imbere yacu
- N’ikimenyetso kiri kuribo n’Isi yapfuye, tuzoyizura nugukura muriyo imbuto bazohora bafungura
- Tugira muriyo imirima hamwe n’ibiti vy’imitende n’imizabibu hamwe nugu cishamwo amariba muriyo
- Kugira ngo bafungure muri ivyo vyamwa, kandi n’amaboko yabo ntaco yakoze, mbega ntibashima
- Hahayagizwa Imana yaremye ikigabo n’ikigore muri vyose muvyo Isi inagisha no mumitima yabo hamwe nivyo batazi
- N’ijoro n’ikimenyetso kuribo kuko ariho bakura mwo umurango, mumwanya bagaca baba mumwijima
- N’izuba rigenda gushika kugituro caryo, iryo n’iteguro ry’uwufise ububasha n’ubumenyi
- N’ukwezi twagupimiye ibituro vyakwo kugeza naho gusubira kuba gutoyi cane nk’igishishwa c’icamwa c’umutende gishaje cane
- Ntazuba rishikira Ukwezi canke Ijoro ngo rirenge Umutaga, mugabo vyose biguma birerembera munzira zavyo
- N’ibimenyetso kuribo bimenyesha yuko twajanye abavyeyi babo mumato yari yuzuye mwo ibintu
- Twabaremeye ivyo burira ko bimeze nkivyo bazo kurira ko
- Nitwa shaka twoshobora kuba somesha nturi kandi ntamufasha azoba arimwo canke uwuzoba rokora
- Atari kumpuhwe zivuye iwacu hamwe nukuba girira akamaro mukiringo kigufiya
- Mugihe babwiwe bati:- nimutinye ibiri imbere yanyu hamwe n’ibiri inyuma yanyu kugira ngo muronke imihezagiro y’Imana
- Ntakimenyetso icarico cose kibashikira mubimenyetso vy’Umuremyi wabo atari uko batavyitaho
- Mugihe babwiwe bati:- nimutange muvyo Imana yabahaye, bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri baca babwira abemeye Imana yabo y’ukuri bati:- mbega tubarishe ibifungurwa mubo Imana yishakiye wenyene mwebwe ntimurimwo atari mubuzimire buri k’umugaragaro
- Nabo bavuga bati:- iri sango rizoba ryari nimwaba muvugisha ukuri
- Ntaco barindira atari ijwi rimwe gusa rizo sokora imitima yabo mugihe bazoba bariko baratongana aba nabariya
- Kandi ntibazo shobora kuraga muri ico gihe canke ngo bashobore kugaruka ku bantu babo
- Munyuma hazovuzwa inzamba, mukanya isase uzoca ubona bazutse bavuye muntatemwa zabo bagenda ningoga na ningoga bagenda ku Muremyi wabo
- Bavuga bati:- yo! mbega ni nde yatuzuye muntatemwa zacu, ibi nivyo twemerewe nayene imigisha nivyo bavuze vy’ukuri intumwa z’Imana
- Ntakizoba atari iborogo rimwe gusa, mukanya isase gusa bose bazoba bamaze gushengezwa imbere yacu
- Uwo musi rero umutima w’umwumwe wese ntuzohemukirwa n’ikintu nakimwe, kandi ntimuzo rihwa impembo iyariyo yose atari kuvyo mwahora mugira
- Mu vy’ukuri abantu bo mw’ijuru kuri uno musi bari mubikorwa vyabo biba nezereza
- Abo bantu hamwe n’imiryango yabo bari mubitutu begamiye kunyegamo z’iteka
- Bazoronkerayo ivyamwa, kandi baronkereyo ivyo bipfuza mwo vyose
- Amahoro gusa niryo jambo rizoba rivuye ku Muremyi wabo nyene imigisha
- Uno musi nimwi tandukanye nabo bantu babi
- Mbega sinaba buriye mwebwe bantu yuko muto hirahira ngo musenge Shetani mu vy’ukuri n’umwansi wanyu ari k’umugaragaro
- Yuko mwonsenga jewe Mana yanyu kuko ariyo nziza igororotse
- Ntankeka Shetani yarazimije abantu benshi cane muri mwebwe mbega ico gihe nti mwiyumvira
- Rero uwu niwo wamuriro udahera witiriwe Jahannamu mwamye mwemererwa n’Imana yanyu y’ukuri
- Uno musi uri hejuru nimu winjire mwo kubera ubuhakanyi bwanyu
- Kuri uwo musi tuzoziba iminwa yabo hanyuma amaboko yabo atuganirire ateko amaguru yabo abe ivyabona kuvyo bamye n’ivyemezo n’amaguru yabo abe kuvyo bahora bagira
- Iyo dushaka twari kunogora amaso yabo bakaguma birukira mumayira, mugabo izo nzira bazibone gute
- Iyo dushaka twari kubagira ibikoko ubwo nyene naho bari, rero ntibari gushobora kugenda iyo baja canke gusubira inyuma iyo bavuye
- Nuwo duhaye ubuzima burebure tumusubiza inyuma mw’ishusho ryiwe ryambere, mbega ibi vyose ntibabishira mubwenge bwabo
- Natwe ntitwa mwigishije amajambo y’ubuhizi kandi ntivyoba kuriwe, kandi ntiyari kuba iyi Qur’aani ntagatifu atari uko ari icibutso n’igitabu kigaragaza ibikenewe vyose k’umugaragaro
- Kugira ngo atuze uwuri muzima muribo kandi hemezwe ijambo kubatemera Imana yabo y’ukuri
- Mbega ntibabona yuko twebwe twabaremeye muvyo amaboko yacu yagize hamwe n’ibikoko batunze
- Nivyo bikoko twarabi gamburukije rero murivyo birurirwa n’ibindi navyo biraribwa
- No muri ivyo bikoko barabironkera mwo akamaro kenshi hamwe n’ibinyobwa, mbega nikuki badashima
- Bagumanye izindi Mana aho kugumana Imana y’ukuri kugira ngo bafashwe nabo
- Ntibashobora kubafasha nabo arizo ngabo zabo ziba cungereye
- Rero ntibigutere agahinda kubera amajambo yabo, ntankeka twebwe dufise ubumenyi bw’ivyo banyegeza hamwe nivyo basemerera
- Mbega umuntu ntazi yuko twamuremye mw’Ima ry’intanga? none yabaye mukeba wacu ari k’umugaragaro
- Yaradutangiyeko akarorero aribagira ukuremwa kwiwe aca avuga ati:- ni nde azozura amagufa y’abantu mugihe azoba yamaze kuvungagurika
- Vuga uti:- uwuzo yazura nurya yayaremye ubwambere, nawe n’uwufise ubumenyi bwukurema ibiremwa vyose
- Niyo yabagiriye umukomezwa uvuye mugiti kibisi mukaba kuri ico giti namwe mucatsako
- Mbega uwaremye Amajuru n’Isi mbega ntabushobozi afise bwukurema nk’aba yaremye, kubera iki nawe ari Umuremyi mukuru nyene ubumenyi bw’ibintu vyose
- Mu vy’ukuri itegeko ryiwe mugihe ishakiye ikintu icarico cose nukukibwira iti:- nube mumwanya isase kigaca kiba
- Aninahazwa ry’uwufise muminwe yiwe harimwo ubwami bw’ibintu vyose, niwe niho muzo subizwayo mwese