36.Yaseen

  1. Ya, Siiyn, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa)
  2. Ndarahiye kuri aya majambo y’Imana matagatifu ya Qur’aani yateguwe neza cane
  3. Yuko mu vy’ukuri wewe uri muntumwa z’Imana
  4. Uri hejuru y’inzira igororotse
  5. Nimanurwa ryanyene ubushobozi n’impuhwe zihagije
  6. Kugira ngo ubatuze abantu batatujijwe n’abavyeyi babo, rero nibo babaye abasamajwe
  7. Ntankeka n’ijambo ryemejwe kuri benshi muribo, kuri ivyo rero ntibavyemera
  8. Mu vy’ukuri twebwe twashize iminyororo kumazosi yabo kugeza kubusakanwa bwabo, rero imitwe yabo iraramye iri hejuru
  9. Twashize imbere yabo uruzitiro ruri imbere yabo n’urundi ruzitiro ruri inyuma yabo duca tubafuka mumaso yabo kuribo, kuri ivyo rero ntibabona na gatoyi
  10. Nivyiza kuribo ubakebuye canke utabakebuye ntibazokwemera
  11. Woshobora kumutuza urya akurikira ubutumwa bw’Imana yamara kunyurwa nayo majambo y’Imana agaca atinya nyene imigisha naho atayibona rero numubwire uyo yuko ikigongwe hamwe n’impuhwe z’iteka ziri kuriwe
  12. Mu vy’ukuri twebwe tuzozura abapfuye kandi twandike ibikorwa vyabo bagira ntibize bisigare inyuma, n’ibintu vyose biri mububiko bw’igitabu cerekana ibintu vyose
  13. Nubagirire akarorero k’abantu bo mugisagara kanaka mugihe bashikirwa naba shikiriza butumwa
  14. Mugihe twabarungikira intumwa z’Imana zibiri barazi hakana natwe duca tubongereza inguvu tuba rungikira uwugira gatatu, bababwira bati:- mu vy’ukuri twebwe turungitswe kuri mwebwe
  15. Nabo babishura bati:- mwebwe ntaco murimwo, atari uko muri mu bantu nkatwe, nayo nyene imigisha ntanakimwe yamanuye, mwebwe muri ababeshi gusa
  16. Bavuze bati:- Umuremyi wacu niwe afise ubumenyi atamakenga arimwo yuko twebwe twarungitswe kuri mwebwe
  17. Kandi ntakiri hejuru yacu atari ugushikana ubutumwa bw’Imana buri k’umugaragaro
  18. Baca bavuga bati:- mu vy’ukuri twebwe ntitwumvikana kubera mwebwe nimutareka twebwe tuzoba tera iminana kandi izobashikira ivuye iwacu n’ibihano bibabaza cane
  19. Bavuze bati:- ukutumvikana kwanyu mwebwe nyene, yo! kuko mwibutswa mugabo mwebwe muri mu bantu mwarenze akarimbi
  20. Haciye haza umuntu ningoga na ningoga avuye kuruhande rwakure rw’ico gisagara avuga ati:- bantu banje nimukurikire izi ntumwa
  21. Nimu bakurikire babigishe batarinze kubasaba impembo iyariyo yose, mugihe abo bantu bari mubarongotse
  22. Nikuki ntosenga uwandemye, niwe ariho muzo subizwayo
  23. Mbega jewe nkurikire izindi Mana atari Imana yonyene rudende, niyaba Imana ishaka kungirira inabi, ibisabisho vyabo ntaco bizomarira n’ikintu na kimwe kandi ntibazondokora
  24. Ninagira gutyo nzoba ndimu bantu bazimiye mubuzimire buri k’umugaragaro
  25. Ntankeka jewe ndemeye Umuremyi wanyu mugabo ndabasavye mu nyumvirize
  26. Ababwira ati:- niwinjire mw’Ijuru, nawe yishura ati:- iyo abantu banje babimenya
  27. Ingene Umuremyi wanje yangiriye ikigongwe nuku mpezagira, nkaba ndimu bahawe iteka ntangere
  28. Ntitwa bamanuriye abantu biwe arizo ngabo zivuye mw’ijuru, inyuma yiwe kandi ntitwari mubazi manura
  29. Ntacabaye atari akaruru kamwe nk’isase, bose baca bara zimangana
  30. Vyari kuba ngombwa mukuba humuriza abo bantu batashikiwe n’intumwa y’Imana n’imwe, mugabo bamye bijajurira gusa
  31. Mbega ntibabona abantu isinzi twahoneje imbere yabo yuko batagaruka iwabo
  32. Kandi nta muntu uwariwe wese atazo shengezwa imbere yacu
  33. N’ikimenyetso kiri kuribo n’Isi yapfuye, tuzoyizura nugukura muriyo imbuto bazohora bafungura
  34. Tugira muriyo imirima hamwe n’ibiti vy’imitende n’imizabibu hamwe nugu cishamwo amariba muriyo
  35. Kugira ngo bafungure muri ivyo vyamwa, kandi n’amaboko yabo ntaco yakoze, mbega ntibashima
  36. Hahayagizwa Imana yaremye ikigabo n’ikigore muri vyose muvyo Isi inagisha no mumitima yabo hamwe nivyo batazi
  37. N’ijoro n’ikimenyetso kuribo kuko ariho bakura mwo umurango, mumwanya bagaca baba mumwijima
  38. N’izuba rigenda gushika kugituro caryo, iryo n’iteguro ry’uwufise ububasha n’ubumenyi
  39. N’ukwezi twagupimiye ibituro vyakwo kugeza naho gusubira kuba gutoyi cane nk’igishishwa c’icamwa c’umutende gishaje cane
  40. Ntazuba rishikira Ukwezi canke Ijoro ngo rirenge Umutaga, mugabo vyose biguma birerembera munzira zavyo
  41. N’ibimenyetso kuribo bimenyesha yuko twajanye abavyeyi babo mumato yari yuzuye mwo ibintu
  42. Twabaremeye ivyo burira ko bimeze nkivyo bazo kurira ko
  43. Nitwa shaka twoshobora kuba somesha nturi kandi ntamufasha azoba arimwo canke uwuzoba rokora
  44. Atari kumpuhwe zivuye iwacu hamwe nukuba girira akamaro mukiringo kigufiya
  45. Mugihe babwiwe bati:- nimutinye ibiri imbere yanyu hamwe n’ibiri inyuma yanyu kugira ngo muronke imihezagiro y’Imana
  46. Ntakimenyetso icarico cose kibashikira mubimenyetso vy’Umuremyi wabo atari uko batavyitaho
  47. Mugihe babwiwe bati:- nimutange muvyo Imana yabahaye, bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri baca babwira abemeye Imana yabo y’ukuri bati:- mbega tubarishe ibifungurwa mubo Imana yishakiye wenyene mwebwe ntimurimwo atari mubuzimire buri k’umugaragaro
  48. Nabo bavuga bati:- iri sango rizoba ryari nimwaba muvugisha ukuri
  49. Ntaco barindira atari ijwi rimwe gusa rizo sokora imitima yabo mugihe bazoba bariko baratongana aba nabariya
  50. Kandi ntibazo shobora kuraga muri ico gihe canke ngo bashobore kugaruka ku bantu babo
  51. Munyuma hazovuzwa inzamba, mukanya isase uzoca ubona bazutse bavuye muntatemwa zabo bagenda ningoga na ningoga bagenda ku Muremyi wabo
  52. Bavuga bati:- yo! mbega ni nde yatuzuye muntatemwa zacu, ibi nivyo twemerewe nayene imigisha nivyo bavuze vy’ukuri intumwa z’Imana
  53. Ntakizoba atari iborogo rimwe gusa, mukanya isase gusa bose bazoba bamaze gushengezwa imbere yacu
  54. Uwo musi rero umutima w’umwumwe wese ntuzohemukirwa n’ikintu nakimwe, kandi ntimuzo rihwa impembo iyariyo yose atari kuvyo mwahora mugira
  55. Mu vy’ukuri abantu bo mw’ijuru kuri uno musi bari mubikorwa vyabo biba nezereza
  56. Abo bantu hamwe n’imiryango yabo bari mubitutu begamiye kunyegamo z’iteka
  57. Bazoronkerayo ivyamwa, kandi baronkereyo ivyo bipfuza mwo vyose
  58. Amahoro gusa niryo jambo rizoba rivuye ku Muremyi wabo nyene imigisha
  59. Uno musi nimwi tandukanye nabo bantu babi
  60. Mbega sinaba buriye mwebwe bantu yuko muto hirahira ngo musenge Shetani mu vy’ukuri n’umwansi wanyu ari k’umugaragaro
  61. Yuko mwonsenga jewe Mana yanyu kuko ariyo nziza igororotse
  62. Ntankeka Shetani yarazimije abantu benshi cane muri mwebwe mbega ico gihe nti mwiyumvira
  63. Rero uwu niwo wamuriro udahera witiriwe Jahannamu mwamye mwemererwa n’Imana yanyu y’ukuri
  64. Uno musi uri hejuru nimu winjire mwo kubera ubuhakanyi bwanyu
  65. Kuri uwo musi tuzoziba iminwa yabo hanyuma amaboko yabo atuganirire ateko amaguru yabo abe ivyabona kuvyo bamye n’ivyemezo n’amaguru yabo abe kuvyo bahora bagira
  66. Iyo dushaka twari kunogora amaso yabo bakaguma birukira mumayira, mugabo izo nzira bazibone gute
  67. Iyo dushaka twari kubagira ibikoko ubwo nyene naho bari, rero ntibari gushobora kugenda iyo baja canke gusubira inyuma iyo bavuye
  68. Nuwo duhaye ubuzima burebure tumusubiza inyuma mw’ishusho ryiwe ryambere, mbega ibi vyose ntibabishira mubwenge bwabo
  69. Natwe ntitwa mwigishije amajambo y’ubuhizi kandi ntivyoba kuriwe, kandi ntiyari kuba iyi Qur’aani ntagatifu atari uko ari icibutso n’igitabu kigaragaza ibikenewe vyose k’umugaragaro
  70. Kugira ngo atuze uwuri muzima muribo kandi hemezwe ijambo kubatemera Imana yabo y’ukuri
  71. Mbega ntibabona yuko twebwe twabaremeye muvyo amaboko yacu yagize hamwe n’ibikoko batunze
  72. Nivyo bikoko twarabi gamburukije rero murivyo birurirwa n’ibindi navyo biraribwa
  73. No muri ivyo bikoko barabironkera mwo akamaro kenshi hamwe n’ibinyobwa, mbega nikuki badashima
  74. Bagumanye izindi Mana aho kugumana Imana y’ukuri kugira ngo bafashwe nabo
  75. Ntibashobora kubafasha nabo arizo ngabo zabo ziba cungereye
  76. Rero ntibigutere agahinda kubera amajambo yabo, ntankeka twebwe dufise ubumenyi bw’ivyo banyegeza hamwe nivyo basemerera
  77. Mbega umuntu ntazi yuko twamuremye mw’Ima ry’intanga? none yabaye mukeba wacu ari k’umugaragaro
  78. Yaradutangiyeko akarorero aribagira ukuremwa kwiwe aca avuga ati:- ni nde azozura amagufa y’abantu mugihe azoba yamaze kuvungagurika
  79. Vuga uti:- uwuzo yazura nurya yayaremye ubwambere, nawe n’uwufise ubumenyi bwukurema ibiremwa vyose
  80. Niyo yabagiriye umukomezwa uvuye mugiti kibisi mukaba kuri ico giti namwe mucatsako
  81. Mbega uwaremye Amajuru n’Isi mbega ntabushobozi afise bwukurema nk’aba yaremye, kubera iki nawe ari Umuremyi mukuru nyene ubumenyi bw’ibintu vyose
  82. Mu vy’ukuri itegeko ryiwe mugihe ishakiye ikintu icarico cose nukukibwira iti:- nube mumwanya isase kigaca kiba
  83. Aninahazwa ry’uwufise muminwe yiwe harimwo ubwami bw’ibintu vyose, niwe niho muzo subizwayo mwese