34.Sheba

  1. Nidukengurukire Imana, kuko nivyiwe ibiri mu Majuru no kw’Isi no k’umusi w’imperuka ihayagizwa ryiza niryiwe, kandi niyo nyene ubuhizi n’ubumenyi buhagije
  2. Niyo ifise ubumenyi bw’ivyinjira kw’Isi hamwe nibiva muriyo hamwe n’ibishunguruka bivuye mw’Ijuru hamwe n’ibiduga muriyo nayo niyo nyene ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
  3. Abahakanye Imana yabo y’ukuri baravuze bati:- uwo musi w’umuhero w’Isi twebwe ntuzo dushikira, wewe nuvuge uti:- nukubera iki? K’ukuri k’Umuremyi wanje ntankeka uwo musi uzobashikira kuwufise ubumenyi bw’amabanga yose ntakizo kwinyegeza n’ikintu nakimwe naho coba gifise uburemere bw’akanyegeri kari mw’Ijuru canke kw’Isi canke ikintu gitoyi gisumba ico canke kininiya gusumba ico, nuko vyose biri mugitabu kibitomora neza kandi kiri k’umugaragaro
  4. Ize ibarihe bamwe bayemeye bimwe vy’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, abo bantu nibo bazoronswa ikigongwe n’imigisha y’iteka
  5. Nabihanganye muguhakana aya majambo yacu y’ukuri bagaca babona yuko bazodutsinda, abo bantu bazoronka ibihano bibi kandi bibabaza cane
  6. Nabahawe ubumenyi barazi neza yuko ivyamanuwe kuri wewe bivuye kumuremyi wawe arivyo vy’ukuri nayo irongora munzira y’uwufise ubushobozi kandi ininahazwa hose
  7. Nayo abahakanye Imana yabo y’ukuri bavuze bati:- mbega tubamenyeshe umuntu ababwira yuko mugihe muzota bagurwa mukaba ibimanyu manyu yuko muzoba muri murindi remwa rishasha
  8. Mbega yariyadukije n’ububeshi hejuru y’Imana canke n’umusazi, ahubwo abatemera umusi wimperuka nibo bazoba bari mubihano no mubuzimire bwakure cane
  9. Mbega ntibabona ibiri imbere yabo hamwe n’ibiri inyuma yabo biri mw’Ijuru no kw’Isi, rero iyo dushaka twari kubahonya kuri iy’Isi canke twari kumanura hejuru yabo ibimanyu vy’amajuru, ntankeka muri ibi vyose harimwo itekerezo k’umuntu uwariwe wese yigaruye ku Muremyi wiwe
  10. Mu vy’ukuri twarahaye intumwa y’Imana Daudi (iii) imigisha mininiya ivuye kuri twebwe tuvuga duti:- mwamisozi mwe, nimwitabire muri kumwe nawe mugu takambira hamwe n’inyoni zose, duca tumworohereza icuma
  11. Nuhingure inkinzo zagutse, kandi uzipime neza mukuzunga, kandi mugire n’ibikorwa vyiza, ntankeka ndabona ibikorwa vyanyu vyose mugira
  12. No kuntumwa y’Imana Suleimanu (iii) twaramu gamburukije umuyaga w’urugendo rwo mugitondo rwafata ukwezi kumwe n’urundi rugendo rwo kumugoroba narwone rwafata ukundi kwezi kumwe, duca tumu shuhiriza isoko ry’ubutare bw’umujumpu, no mubisigo vyagize ibikorwa imbere yiwe kw’itegeko ry’Umuremyi wiwe, nuwiyonkoye kw’itegeko ryacu muribo twaca tumu honjesha ibihano vy’umuriro waka cane
  13. Bahora bamugirira imirimo y’ivyo ashaka vyose haba munzitiro n’amasanamu hamwe n’ibirindi bininiya bingana nk’aho bakarabira hamwe n’amasufuriya maniniya cane adashoboka kuva aho yashizwe, rero nimukore mwa bantu b’intumwa y’Imana ya Daudi (iii) mugushimira imigisha Imana yabahaye, kandi nimu bantu bakeyi cane bashima mu bantu banje
  14. Mugihe yasandaba ntamuntu n’umwe yabamenyesheje kuri urwo rupfu rwiwe atari umuswa wariye inkoni yiwe, rero mugihe yarwa hasi niho ibisigo vyamenya yuko iyo bamenya ayo mabanga y’urwo rupfu rwiwe ntibari kwicarira muri ivyo bihano bitetereza gutyo
  15. Ntankeka ico cari icirwa ku bantu bokwa Saba’a mungo zabo no mumirima y’impande zibiri kuruhande rw’iburyo no kuruhande rw’ibubamfu, hose nimufungure kuri iyo migisha y’Umuremyi wanyu kandi muyi kengurukire n’iki gisagara ciza, n’Umuremyi wawe afise ikigongwe cinshi gihagije
  16. Mugabo ntibitayeho kumategeko y’Imana rero twaciye tuba shungurira ishunguriro rininiya ry’amazi ryatumye tubahindurira imirima yabo n’iyindi mirima ibiri harimwo ivyamwa bifise akanovera gakaze cane hamwe nayarura, n’ibindi navyo nka Ath’lin hamwe na Sid’rin n’ibindi
  17. Uku niko twahaye indishi yabo kubera ubuhakanyi bwabo natwe ntitubahana atari k’umuntu yahakanye Imana yiwe y’ukuri
  18. No hagati muribo hamwe no hagati y’ibisagara twahezagiye hamwe n’ibindi bisagara vyaboneka twashizemwo ibituro vy’ingenzi tubabwira duti:- nimubigendere ijoro n’umutaga muri mumwidegemvyo w’amahoro
  19. Mugabo bavuze bati:- Muremyi wacu, nutugirire urugendo rurerure ruri hagati y’ingendo zacu zose, nabo baca bahemukira imitima yabo ari naho twabacirako umugani nukuba shwiragiza kure nakure, mu vy’ukuri muri ivyo vyose harimwo icirwa ku bantu bigumya nugushimira Imana yabo y’ukuri
  20. Ntankeka wamwansi w’abantu bose ariwe yitiriwe Ibilisi yaremeje amakenga yayo ari hejuru yabo nabo baca baramu kurikira dukuyemwo umurwi wabemera Imana yabo y’ukuri
  21. Nawe ntabubasha yari ifise kuribo mugabo kubera yuko twagomba kwerekana uwariwe muribo yemera umusi w’imperuka n’uwufise amakenga, n’Umuremyi wawe niwe aziganya ibintu vyose
  22. Vuga uti:- nimu hamagare abo babemerera izindi Mana atari Imana y’ukuri zidafise n’uburemere bw’agakoko gafise n’uburemere bungana n’akanyegeri koba kari mw’ijuru canke kw’Isi, kandi ntaho bacuditse muri ivyo vyose, kandi ntamufasha ifise muribo
  23. Kandi ntikuzo fasha ugusabirwa kwabo imbere y’Imana atari kuri wa muntu yahawe uruhusha kugeza naho hakurwamwo ubwoba buri mumitima yabo niho bazovuga bati: Umuremyi wacu yavuze iki? Nabo bazokwishura bati:- Yavumereye ukuri nayo niyo iri hejuru y’ibintu vyose kandi niyo nkuru
  24. Vuga uti:- ni nde abaha imigisha ivuye mw’Ijuru no kw’Isi ? Na wewe nubishure uti:- n’Imana yonyene, kandi ntankeka twebwe canke mwebwe, turi hejuru y’uburongozi canke turi mubuzimire buri k’umugaragaro
  25. Vuga uti:- mwebwe ntimuzo bazwa kubicumuro twebwe twagize kandi twebwe ntituzo bazwa kuvyo mwebwe mugira
  26. Vuga uti:- Umuremyi wacu niwe azo twegeranya twese hanyuma aze aducire urubanza rw’ukuri ruzoba hagati yacu nawe niwe mucamanza afise ubumenyi bukwiye
  27. Vuga uti:- nimunyereke uwabahujije n’Imana ngo mube mubafasha biwe, ivyo rero ntibishoboka mugabo niyo yonyene Mana ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
  28. Ntitwakurungitse atari ku bantu bose, kandi ube umutanzi w’inkuru nziza hamwe n’uwutuza, mugabo abantu benshi ntavyo bazi
  29. Nabo bavuga bati:- niryari hazoba iri sango nimwaba muvugisha ukuri
  30. Vuga uti:- murafise isango ry’umusi mutazo cerezwa kuriryo sango n’isaha n’imwe canke mutazo yitanguriza imbere y’igihe cayo
  31. Baravuze b’abahakanyi b’Imana yabo y’ukuri bati:- twebwe ntituzo kwemera iyi Qur’aani namba canke ivyo bindi bitabu vyabayeho imbere y’ico gitabu, rero iyo wobabonye abo bahemukiye imitima yabo bahagaritswe imbere y’Umuremyi wabo nabo baterana imirarwe y’amajambo kuribo n’abandi, bamwe banyarucari bazobabwira bamwe bishima nukwibona mubakuru babo bati:- iyo hataba mwebwe ntankeka twari kuba aba Isilamu b’ukuri
  32. Bazovuga bamwe bishima mubakuru babo bababwira bamwe banyarucari bati:- yo! twebwe twarabazitiriye uburokoke munyuma yaho bwabashikira, ahubwo mwebwe nyene mwari mu bantu babi cane
  33. Nabamwe banyarucari bazovuga bababwira bamwe bishima aribo bakuru babo bati:- ahubwo amarorerwa mwagira y’ijoro n’umutaga mugihe mwadutegeka ngo duhakane Imana nukuyigira ngo tuyigirire abafasha bayo nabo bazonyegeza agahinda kabo bafise mugihe bazobona ibihano vyacu, natwe tuzoshira iminyororo mumazosi kuri bamwe bahakanye Umuremyi wabo w’ukuri, none hari ibindi bintu barihwa atari muvyo bahora bagira
  34. Rero natwe ntitwarungitse umuntu abatuza muri ivyo bisagara ivyarivyo vyose atari kubasangwa baho bifitiye uburyo bavuze bati:- ntankeka twebwe turiyamirije n’ibi mwarungikanywe navyo
  35. Nabo babishura bati:- twebwe turafise amatungo menshi hamwe n’ibibondo vyinshi kandi natwe ntituzohanwa
  36. Vuga uti:- mu vy’ukuri Umuremyi wanje yama yugururira imigisha kuwo yishakiye nukwima kuwo yishakiye mugabo abantu benshi ntavyo bazi
  37. Si amatungo yanyu canke ibibondo vyanyu bizobegereza iwacu kurugero rwo mw’ijuru, ahubwo uwemeye Imana yiwe y’ukuri hamwe nukugira ibikorwa vyiza abo rero nibo bazoronswa impembo niniya cane kubera ibikorwa vyiza bakoze, nabo bazoba bari mumahoro ntangere kandi bari mumazu agerekeranye kuyandi ari mw’Ijuru
  38. Nabamwe bihangana muguhakana amajambo yacu bakabona yuko bazodutsinda, abo rero nibo bazoshengezwa mubihano
  39. Vuga uti- mu vy’ukuri Umuremyi wanje yugururira imigisha yayo kuwo yishakiye ku bantu bayo kandi ikima kuwo yishakiye, n’icarico cose muzotanga niyo izobariha nayo niyo nyeranda yabatanga iyo migisha
  40. N’umusi Imana izo begeranya abantu bose hanyuma ize ibwire Abamarayika bayo iti:- mbega aba bantu bamye babasenga mwebwe
  41. Nabo bazokwishura bavuga bati:- uri kure n’ibida kwiranye na wewe, kandi ni wewe mukunzi wacu, sabo gusa ahubwo bamye basenga ibisigo na benshi muribo barabemeye
  42. Kuri uno musi benshi muribo ntibazo shobora bamwe muri mwebwe kubaha agahengwe bagenzi babo canke kuba kuriraho ingorane barimwo, kandi tuzobabwira bamwe bahemukiye imitima yabo duti:- ni muhonje ibihano vyo mumuriro udahera mwamwye muhakana
  43. N’igihe basomewe aya majambo y’Imana matagatifu yacu ari k’umugaragaro baca bavuga bati:- ntiyari kuba uyo Muhammadi (aui) atari uko ari umuntu ashaka kuba kingira hamwe nivyo bahora basenga abavyeyi banyu, nabo bishura bati:- ntivyari kuba ibi vyose atari ububeshi bwadutse giturumbuka, n’abahakanye Imana y’ukuri babwira ukuri kwabashikiye bati:- ibi vyose ntivyari kuba atari uko ari uburozi buri k’umugaragaro
  44. Kandi ntitwa bahaye ibitabu ngo babisome kandi ntitwa barungikiye uwuba tuza imbere yawe
  45. Barahakanye bamwe bamye imbere yabo kandi ntibara ronka ahantu hica cumi civyo twabahaye kuko baciye bahakana intumwa z’Imana zanje, rero ibihano vyanje vyari bimeze gute kuribo
  46. Vuga uti:- jewe ndiko ndabakebura kw’ijambo rimwe gusa, yuko mwohagarara bwuma kubera Imana muri babiri babiri canke umwe umwe hanyuma muce mwiyumvira muvuge muti:- uyu mwene wanyu si umusazi, rero ntiyari kuba atari uwuba tuza imbere yuko hashika ibihano bikaze cane
  47. Vuga uti:- impembo nabasavye nirwanyu mwebwe ntampembo yanje atari kumana yanje gusa nayo niyo cabona c’ibintu vyose
  48. Vuga uti:- ntankeka Umuremyi wanje niwe akwiragiza ukuri, akaba ariwe nyene ubumenyi bw’ivyo twebwe tutazi
  49. Vuga uti:- ukuri kwashitse, n’ikinyoma ntikizozana ikindi kintu gishasha, kandi ntikizo shobora gusubiza inguvu zaco
  50. Vuga uti:- ninaba narazimiye ntakundi, nzoba narazimiye kubera yuko nacumuriye umutima wanje wonyene, ninaba nara rongotse nukubera yuko nahawe ubutumire buvuye ku Mana, n’Umuremyi wanje ntankeka niwe yumva kandi niwe ari hafi
  51. Wokwirabira ingene bahahamutse mugihe bazobona ibihano vy’Imana babe nk’abashaka kwiruka mugabo ntamahungiro azoba ahari kuko bazofatwa mumwanya mugufiya kandi hafi cane kandi barashika na kure
  52. Nabo bazo vuga bati:- ubu rero turayemeye mugabo bazo shobora kuronka gute ubwo bw’Isilamu bari mukibanza ca kure
  53. Mugihe bari bamaze kwidohora kuva kera kandi bakaba batitayeho kumajambo ataboneka avuye ku Mana nayo bayataye ahantu hakure
  54. Hazoshirwaho uruzitiro ruzoba ruri hagati yabo no hagati y’ivyo bipfuza nkuko bagiriwe bagenzi babo baho hambere, ntankeka rero abo n’abantu bari bafise amakenga yatumye binubana kubera idini rya Isilamu