32.The Prostration

  1. Alif, Laam, Miiym. (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa)
  2. Imanurwa ry’iki gitabu gitagatifu ntamakenga arimwo yuko kivuye k’Umuremyi w’abantu bose
  3. Mbega bavuga yuko ariwe yaciyandikiye kubwiwe, ahubwo ico gitabu n’ukuri kuvuye k’Umuremyi wawe kugira ngo ugabishe abantu batashikiwe n’abagabisha imbere yawe nkumbure borongoka
  4. Imana niyo yaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri murivyo mumisi itandatu, hanyuma yiganzira kunyegamo yayo ntagatifu, mwebwe aho muri ntawubacungera canke uwubasabira atariyo yonyene gusa, mbega mwebwe ntimwiyumvira
  5. Icisha ibintu vyose biri hagati y’Amajuru n’Isi, hanyuma hakaduga iwe k’umusi umwe gusa urugero rwavyo rw’imyaka igihumbi mukoresha mwebwe mugihe c’uguharura kwanyu
  6. Niyo ifise ubumenyi bw’ibintu bitazwi hamwe n’ibiri k’umugaragaro, kandi niyo ifise ubushobozi n’impuhwe zihagije
  7. Ikaba ariyo yakoze ishusho ry’ibintu vyose nugutanguza irindi shusho ry’umuntu akoresheje ivyondo
  8. Hanyuma igira uruvyaro rwayo kw’ikanyuro ry’amazi ahoyahoye
  9. Hanyuma iramu ringaniza nukumu huheramwo umutima wiwe nukuba shiriraho amatwi n’amaso n’imitima, mugabo ugushima kwanyu ni gutoyi cane
  10. Nabo bavuga bati:- mbega mugihe tuzoba twazimiye kuri iy’Isi niho tuzosubizwa murindi shusho rishasha, ahubwo nibo batemera yuko batazohura n’Umuremyi wabo
  11. Vuga uti:- Umumarayika ajejwe urupfu azobica kuko ariwe ajejwe kuri mwebwe, hanyuma mwese muzo subizwa ku Muremyi wanyu
  12. Iyo wobonye abo bantu babi bunamitse imitwe yabo imbere y’Umuremyi wabo bavuga bati:- Muremyi wacu turamaze kukubona nukukwumva, rero nudusubize kw’Isi kugira ngo dukore ibikorwa vyiza mu vy’ukuri turavyemeje
  13. Iyo dushaka twariguha umuntu uwariwe wese uburokoke bwiwe bwite, mugabo vyemejwe n’ijambo rivuye iwanje yuko mu vy’ukuri nzo kwuzuza mumuriro udahera witiriwe Jahannamu kuri aba bose haba mubisigo canke mu bantu
  14. Rero ni muhonje ibi bihano kubera ukwibagira kwanyu kw’uwu musi w’ihuriro ryanyu, natwe tuzobibagira nugu honja ibihano vy’urutavanako kubera ivyo mwahora mugira
  15. Mu vy’ukuri abemera amajambo yacu nibarya mugihe bibukijwe kuriyo baca barwa hasi nugupfukama nuguhayagiza Umuremyi wabo nkuko imeze nabo bakaba batishima
  16. Bavyuka imbavu y’imibiri yabo mugihe bavuye mubusaswa bwabo mugihe c’ijoro kugira ngo basenge Imana yabo y’ukuri mugutinya umuriro nukwizera Ijuru ry’Imana gusa nugutanga imperezwa zabo kuvyo twabahaye
  17. Umutima uwariwo wose ntabumenyi ufise bwivyanyegejwe murivyo binezereza amaso yabo, n’impembo yivyo bahora bagira
  18. Mbega umu Isilamu w’ijunja yoba angana n’umwononyi, oya! ntibashobora kungana
  19. Abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, bazoba bafise imirima hamwe n’ubwicaro bwabo bwiza, n’integuro ryabo kuvyo bahora bagira
  20. Nabamwe bagize ivyaha vy’agahomera bunwa, ubwicaro bwabo nubwo mumuriro udahera, kuko mugihe bashatse kuva muriwo bazoca bawu subizwamwo hanyuma babwirwe bati:- nimuhonje gusa ibihano vy’umuriro udahera mwahora muhakana
  21. Mu vy’ukuri tuzoba honjesha ibihano bibayabaye imbere y’ibihano bininiya nkumbure bazo kwikubita agashi bakagaruka
  22. None ni nde muhemu mukuru gusumba uwibukijwe kumajambo y’Umuremyi wiwe hanyuma agaca ayahakana, mu vy’ukuri twebwe tujejwe kugira ingere kuyindi kubantu babi gusa
  23. Ntankeka twarahaye intumwa y’Imana Mussa (iii) igitabu, rero ntugire amakenga yuguhura n’Imana yawe, hanyuma tugira ico gitabu kuba ari indongozi kuri bene Israeri
  24. Hanyuma tugira muribo kuba indongozi zukuyobora abandi bantu kw’itegeko ryacu mugihe bigumya bakaba bemeza amajambo yacu matagatifu
  25. Muvy’ukuri Umuremyi wawe niwe azobacira urubanza rw’ukuri ruzoba hagati yabo k’umusi w’umuhero w’Isi kubijanye nivyo batahora bumvikana ko
  26. Mbega ntibira menyekana kuribo yuko hari abantu bashika kuri bangahe twebwe twahoneje imbere yabo, nabo baca mumazu yabo, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso, mbega mwebwe ntimwumva
  27. Mbega ntibabona yuko twebwe dutwara amazi kw’Isi y’ubugaragwa hanyuma kuriyo tukanagishako ibiterwa biribwa n’ibikoko vyabo hamwe nabo bonyene, mbega mwebwe ntimubona
  28. Bavuga bati:- uko guciribwa urubanza ruzoba ryari nimwaba muvugisha ukuri
  29. Vuga uti:- umusi wuguciribwa urubanza rwabahakanye Imana yabo y’ukuri, ukwemera kwabo ntaco kuzobamarira kandi ntibazohabwa umwanya wukurorera
  30. Rero ntubiteho cane kandi urorere, mu vy’ukuri nabone bararindiriye