28.The Stories

  1. Twa, Siiyn, Miiym, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa)
  2. Aya n’amajambo y’Imana matagatifu ari mugitabu kiri k’umugaragaro
  3. Tugusomera inkuru y’intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe n’inkuru ya Fir’aauni bimwe vy’ukuri kubera abantu bemera bimwe bivuye k’umutima
  4. Mu vy’ukuri Fir’aauni yarigize akagarama ruganda kuri iy’Isi, hanyuma agira abantu bayo imirwi itandukanye n’iyindi, atako acinyiza umurwi umwe muribo mugukerera ibibondo vyabo vy’abahungu nugusiga ibibondo vy’abigeme bikirizi bizima, mu vy’ukuri uyo Fir’auni yari mu bantu b’abononyi
  5. Hanyuma twashatse kubagirira impuhwe bamwe bacinyizwa kuri iyo Si nukubagira abategetsi nukubagira basamurarwa wayo mahirwe
  6. Nukubaha ingoga ngaha kw’Isi mukwereka Fir’auni hamwe na Hamana n’ingabo zabo kuvyo bahora batinya
  7. Twaramweretse nyina w’intumwa y’Imana Mussa (iii) yuko yokwonsa ikibondo ciwe no mugihe yoba amufitiye amakenga nace umushira mumwonga kandi ntatinye canke ngo agire agahinda, kuko twebwe tuzomugarura iwawe kandi tuzomugira mubazoba bari intumwa z’Imana
  8. Rero abantu bokwa Fir’auni nibo bamutoye kugira ngo abe umwansi hagati yabo n’agahinda, ntankeka Fir’auni na Hamana hamwe n’ingabo zabo bari mu bantu babi cane
  9. N’umukenyezi wa Fir’auni yavuze abwira Fir’auni ati:- ntumwice uyu azoba uwuzo nezereza amaso kuri jewe nawewe, kandi ntimumwice nkumbure azotugirira akandi kamaro, canke tumwitirire yuko ari ikibondo cacu mugihe nabo batabizi
  10. N’umutima w’umuvyeyikazi w’intumwa y’Imana Mussa (iii) usigara atakirimwo kuko yari hafi yugu serura amabanga iyo tudahumuriza umutima wiwe kugira ngo abe mubemera Imana yiwe y’ukuri
  11. Abwira mushikiwe ati:- n’umukurikire, nawe aramwitegereza ari kure yabo nabo batabizi
  12. Duca tubuza abamwonsa kuva imbere y’igihe nawe avuga ati:- mbega ndabereke abantu binyuma bazomurera kubera mwebwe, kandi bazoba beza kuriwe
  13. Duca tumusubiza kwa nyina wiwe kugira ngo amaso yiwe anezerwe, kandi ntagire agahinda, kandi amenye yuko indagano y’Imana ari iy’ukuri mugabo benshi muribo ntavyo bazi
  14. N’igihe yashika mubigero vyiwe nugukomera twaramuhaye ubwenge n’ubumenyi, uko rero niko duhemba abagira ineza
  15. Yarinjiye mugisagara mugihe abasangwa biwe bari batabizi ahasanga abantu babiri bariko bararwana, umwe yari mubagenzi biwe, uwundi nawe yari mubansi biwe, rero wamugenzi wiwe yamusavye imfashanyo kubera wamwansi wiwe, intumwa y’Imana Mussa (iii) yaciye amukubita igipfunsi aho nyene aca aracikana, aca avuga ati:- iki n’igikorwa ca Shetani, ntankeka uyu n’umwansi atakaza ari k’umugaragaro
  16. Aca avuga ati:- Muremyi wanje, ntankeka jewe nahemukiye umutima wanje rero nungirire ikigongwe, Imana nayo irakimugirira, mu vy’ukuri niyo ifise ikigongwe cinshi hamwe n’impuhwe zihagije
  17. Avuga ati:- Muremyi wanje kubera yuko wampaye imigisha jewe sinzoba umufasha w’abantu babi
  18. Buramucako nawe ari mugisagara afise ubwoba arindiriye, mukanya wamuntu yasaba imfashanyo kuriwe ejo hahise amuhamagara ati:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) nawe amubwira ati:- ntankeka wewe uri mu bantu bazimiye bari k’umugaragaro
  19. Mugihe yashaka kumufata mumaboko yiwe umwe yari umwansi wa bose uko bari babiri yaciye avuga ati:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) ugomba kunyica nkuko wishe umuntu ejo hahise, wewe ntakindi ugamije atari ukuba umuntu afise ubushobozi bw’iki gisagara kandi ntugomba yuko uba mu bantu bintore
  20. Haraje umuntu avuye inyuma y’igisagara yiruka cane aca avuga ati:- ewe ntumwa y’Imana Mussa abategetsi bakino gisagara bariko barumvikana yuko bokugandagura, rero nuve ngaha ntankeka jewe ndimu bantu bagushakira amahoro
  21. Aragenda afise ubwoba arindiriye ico mushikira avuga ati:- Muremyi wanje, nundokore naba bantu bahemukiye imitima yabo
  22. Mugihe yatumbera mugisagara ca Madyana yavuze ati:- nkumbure Umuremyi wanje yondongora munzira y’ukuri
  23. Mugihe yashikira amazi y’ico gisagara ca Madyana yahasanze umurwi w’abantu banyweshereza ibitungwa vyabo, hanyuma kuruhande rwabo ahasanga abapfasoni babiri bazitiriwe, intumwa y’Imana Mussa (iii) aca avuga ati:- mufise ingone nyabaki? Baca bamwishura bati:- twebwe ntidushobora kunyweshereza intungwa zacu kugeza aho abo bungere bose bacura ibitungwa vyabo n’umuvyeyi wacu n’uwugeze muzabukuru
  24. Aca arazi banyweshereza za ntungwa hanyuma aca asubira mugitutu avuga ati:- Muremyi wanje ntankeka jewe ndi mubakeneye amahirwe uzomanurira kuneza nziza z’abakene
  25. Aca ashikirwa n’umwe muri babapfasoni babiri barajana nawe afise isoni, avuga ati:- Umuvyeyi wanje aragutumyeko kugira ngo aguhembe impembo yawe wakoreye yukutunyweshereza ibitungwa vyacu, rero mugihe yamushikira nuku mwiganira ivyabaye vyose, yavuze ati:- ntutinye uramaze kurokoka n’abantu bahemukiye imitima yabo
  26. Aca avuga umwe muri babapfasoni babiri ati:- ewe data wanje, numukoteshe uyu nyene, ntankeka umwiza ashoboye kukodeshwa nurya afise ubushobozi kandi yizigiwe
  27. Avuga ati:- jewe ngomba ndaguhe umwe muri aba bigeme banje babiri nuguca ingero y’imyaka umunani, niwakwiza imyaka cumi bizovana na wewe mugabo jewe sinshaka kukugora kuko uzonsanga Imana ibishatse ndimu bantu bagira ineza
  28. Avuga ati:- ivyo biraheze hagati yanje na wewe mugabo ikiringo nzomarira ko sinze mperanirwe, n’Imana niyo ikingira kuri ibi vyose tuvuga
  29. Ihihe yakwiza ikiringo ciwe intumwa y’Imana Mussa (iii) yaciye afata urugendo hamwe n’umuryango wiwe basubira iwabo iyo yavuye, aca abona umukomezwa uri kumpande y’umusozi, aca abwira umuryango wiwe ati:- nimu ndorerere ng’aha muvy’ukuri nabonye umukomezwa nkumbure ndabazanira inkuru zawo canke ndabazanire igishirira cuwo mukomezwa kugira ngo mwote
  30. Mugihe yashikira uwo mukomezwa kuruhande rw’iburyo ryuwo mwaba mukibanza cahezagiwe kivuye kugiti twaciye tumu hamagara duti:- ewe Mussa, ntankeka ni jewe nd’Imana, Umuremyi w’ibiremwa vyose
  31. Nute iyo nkoni yawe hasi, rero mugihe yayibona inyiganga nk’inzoka yaciye ahindukira agenda adahindukira inyuma aca abwirwa ati:- ewe Mussa, nuze ngaha imbere mugabo ntutinye, mu vy’ukuri wewe uri mu bantu bari mumahoro
  32. Niwinjize ukuboko kwawe mundebuye yawe kuzoca gusohoka kwera derere atamwanda uriko, kandi wibangikanishe uko kuboko kwawe mugihe wiketse ikintu c’ubwoba, rero ibi bizoba ari ibimenyetso bibiri bivuye ku muremyi wawe kubera Fir’auni hamwe n’abakuru biwe, ntankeka abo n’abantu babononyi
  33. Yavuze ati:- Muremyi wanje, mu vy’ukuri jewe narishe umuntu muribo, kuri ivyo ntinya yuko bongandagura
  34. Namwene wanje Haruna (iii) niwe atomora amajambo neza gusumba jewe, rero numu rungike tube turi kumwe nawe abe umufasha wanje, mu vy’ukuri jewe ntinya yuko bazompakana
  35. Imana ica ivumera iti:- tuzoshiramwo ubushobozi kuri mwene wanyu kandi tuze tubahe intsinzi kugeza naho batazoba shikira kubera ibimenyetso vyacu kuri mwebwe hamwe nabazoba kurikira, muzoba mufise intsinzi nyakuri
  36. Mugihe Mussa (iii) yabashikira afise ibimenyetso biri k’umugaragaro baciye bavuga bati:- ibi bintu ntivyari kuba ibi mugabo ubu n’uburozi bwateguwe, kandi natwe ntitwigeze tuvyumva kubavyeyi bacu baho hambere
  37. N’intumwa y’Imana Mussa (iii) ica ivuga iti:- Muremyi wanje, urazi uwugushikiye n’uburongozi buvuye kuriwe, nuwuzoba afise amaherezo nukubaho kwiza, mu vy’ukuri aba hemukiye imitima yabo ntantsinzi bazoba bafise
  38. Nawe Fir’auni yavuze ati:- mwebwe bategetsi bakuru, sinabimenye kubera mwebwe iyindi Mana atari jewe gusa rero ewe Hamana nuncanire umukomezwa hejuru y’ivu, hanyuma uce unyubakira ikimenyetso kirekire kugira ngo mbashe kurunguruka Imana ya Mussa (iii), nanje ndamwikeka yuko ari mubantu b’ababeshi
  39. Yarishimye hamwe n’ingabo ziwe muri ico gisagara mugihe ata burenga nzira abufitiye, baca bikeka yuko batazo subizwa iwacu
  40. Natwe twaramuhanye hamwe n’ingabo ziwe, duca tubajugunyira mukiyaga, rero nimwitegereze ukugene amaherezo yabo bahemukiye imitima yabo
  41. Twabagize abategetsi bahamagara abandi mu muriro udahera no k’umusi w’umuhero w’Isi ntibazo rokoka
  42. Tuba kurikizako umuvumo w’Imana kuri iy’Isi no k’umusi w’imperuka bazoba bari mubamerewe nabi cane
  43. Ntankeka twahaye Mussa (iii) igitabu munyuma yuguhonya abantu baho hambere kugira ngo kibabere icuguruzo c’amaso y’abantu, kandi kibabere uburongozi n’imigisha kugira ngo bikebuke
  44. Kandi wewe ntiwari muruhande bw’uburengera zuba mugihe twamushira Mussa (iii) amategeko yacu, kandi ntiyari mubantu bari ngaho
  45. Mugabo twebwe twararemye abandi bantu benshi n’ubuzima bwabo kuba burebure kuribo, kandi wewe ntiwari umusangwa wakino gisagara ca Madyana wasomeramwo aya majambo y’Imana matagatifu, mugabo twebwe twahora turungika intumwa z’Imana gusa
  46. Kandi ntiwari kuruhande rw’umusozi mugihe twamu hamagara mugabo n’imigisha y’Umuremyi wawe kugira ngo ubatuze abantu bada shikirwa nuwutuza imbere yawe nkumbure bazokwibuka
  47. Kugira ngo ntimuze muhure n’ivyago kuvyo amaboko yabo yatanguje kugira baciye bavuga bati:- Muremyi wacu, mbega ni kuki uta turungikiye intumwa y’Imana natwe duce dukurikira aya majambo yawe nuguca tuba mu bantu bemera Imana yabo y’ukuri
  48. Mugabo mugihe bashikirwa n’ukuri kuvuye iwacu, baciye bavuga bati:- mbega ni kuki atahawe nkivyo yahawe Mussa (iii) mbega ntiba vyanse ivyo yahawe Mussa (iii) kuva kera nabo baca bavuga bati:- n’abarozi babiri bafashanya mu kuvuga bati:- mu vy’ukuri twese turabanka
  49. Vuga uti:- nimuzane igitabu kivuye ku Mana, murico harimwo uburongozi bwiza gusumba ibi bibiri kugira ngo ndamukurikire nimwaba muvugisha ukuri
  50. Nibatakwishura naho umenye yuko bakurikira muvyo bishakiye bonyene, none ni nde yazimiye gusumba urya arondera ivyo yipfuza ataburongozi buvuye ku Mana, mu vy’ukuri Imana ntirongora abantu bahemukira imitima yabo
  51. Mu vy’ukuri twarabakurikije amajambo kugira ngo bibuke
  52. Abo twahaye igitabu imbere y’iki ariyo Qur’aani bamwe muribo baracemera
  53. Mugihe basomewe aya majambo baca bavuga bati:- turayemeye kandi ntankeka uku niko kuri kuvuye ku Muremyi wacu mu vy’ukuri imbere y’ibi vyose twari mu bantu biyemeje imbere y’Imana
  54. Abo bantu bazoronswa impembo zabo z’incuro zibiri kubera yuko bihanganye mugukura amabi kuneza nugutanga muvyo twabahaye
  55. Mugihe bumvise ibihuha baca baja kure yabo nukuvuga bati:- twebwe dufise ibikorwa vyacu namwe mufise ivyanyu n’amahoro nabe kuri mwebwe, twebwe ntidushaka abantu b’ibijuju
  56. Mu vy’ukuri wewe ntushobora kurongora uwo wishakiye mugabo Imana niyo irongora uwo yishakiye nayo niyo ifise ubumenyi bw’abarokoka
  57. Abahakanyi b’Imana y’ukuri bavuze bati:- nitwakurikira ubwo burokoke turi kumwe nawe tuzoca dukurwa muri iki gisagara cacu, mbega ntitwabicaritse mungoro ntagatifu y’iteka y’amahoro iratirwa n’ivyamwa vy’ubwoko bwose, nukuba ari imigisha ivuye iwacu mugabo benshi muribo ntavyo bazi
  58. Twahoneje ibisagara bingahe vyigize akagarama ruganda kubera ubuzima bwabo, n’amazu yabo atabayabamwo munyuma yabo atari mu bantu bakeyi muribo, na twebwe nitwe basirwa babo
  59. N’umuremyi wawe ntahonya ibisagara ivyarivyo vyose kugeza aho arungika intumwa mugisagara cabo gikuru, hanyuma ibasomere amajambo yacu y’Imana, na twebwe ntiduhonya ivyo bisagara kugeza aho benevyo babaye abahemu
  60. Nicarico cose mwahawe mubikoresho vy’ubuzima bwo ng’aha kw’Isi hamwe n’ibisharizo vyayo gusa, mugabo ibiri ku Mana nivyo vyiza nibizosigara, mbega ntimutegera
  61. Mbega wamuntu twemerera indagano nziza kandi akazoyironka mbega azongana nuwo twahezagiye kumahirwe yo ng’aha kw’Isi gusa hanyuma k’umusi w’imperuka abe mubantu bazoshengezwa mu muriro udahera
  62. N’umusi Imana izoba hamagara hanyuma ivuge iti:- bari hehe basomambike banje mwamye mwihayisha yuko turi kumwe nabo
  63. Bazovuga bamwe bashikiwe kuribo niyo mvugo bati:- Muremyi wacu aba bantu nibo twazimije, tubazimiza nkuko natwe twazimiye rero turabikuyeko imbere yawe kandi ntibasenga twebwe
  64. Hazovurwa hati:- nimuba hamagare basomambike banyu, mubisanzwe bazo hamagarwa mugabo ntibazobitaba ariko bazobona ibihano iyo bobaye mu bantu barongotse
  65. N’umusi Imana izoba hamagara hanyuma ize ivuge iti:- mbega mwishuye iki zantumwa z’Imana
  66. Inkuru z’uwo musi bazozibagira, nabo ntibazo shobora kubazanya icarico cose
  67. Nayo uwasavye ikigongwe nukwemera hamwe nukugira ibikorwa vyiza, nkumbure yoba ari mubazoba bafise intsinzi
  68. N’umuremyi wawe arema uko yishakiye akitorera uko yishakiye, abantu ntibanegura kuko iri kure nigabanukirwa ry’ibintu ivyarivyo vyose, kandi irisukuye nabo bayi gereranya n’ibindi bintu
  69. N’umuremyi wawe arafise ubumenyi bw’ivyo ibikiriza vyabo binyegeza hamwe n’ivyo baserura
  70. Nayo niyo Mana atayindi isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene rudende, ihayagizwa ryose ryiza haba muntango canke kw’iherezo ryayo ryose nirwiwe, n’amategeko yayo yose n’amwe, mwese muzosubizwa iwe
  71. Vuga uti:- nimumbwire yuko Imana igize ir’ijoro ngo rigume ari ijoro gusa kugeza k’umusi w’umuhero w’Isi n’iyihe Mana atari Imana izoba garurira uwo muco? mbega mwebwe ntimwumva
  72. Vuga uti:- ni mumbwire yuko Imana igize umutaga ngo ugume ari umutaga gusa kugeza k’umusi w’umuhero w’Isi n’iyihe Mana atari Imana yonyene izoba garurira iryo joro? mbega mwebwe ntimubona
  73. Kubera impuhwe zayo, yarabagiriye Ijoro n’Umutaga kugira ngo muruhukire muri iryo joro nukurironderera mwo imigisha yaryo kugira ngo mushime
  74. N’umusi izoba hamagara nukuvumera iti:- bari hehe basomambike banje mwamye mwihayisha yuko turi kumwe nabo
  75. Tuzokura mu bantu babe ivyabona hanyuma tuze tubabwire duti:- nimuzane ibirego vyanyu, aho niho bazoca bamenya yuko ukuri kuri ku Mana kandi bazotakaza ivyo bahora badukana navyo
  76. Mu vy’ukuri Qaaruni yari mu bantu bo kuntumwa y’Imana Mussa (iii) mugabo yarahemutse natwe twamuhaye ububiko bw’imfunguruzo zabwo zinanira gutwarwa n’abantu bafise inguvu abantu biwe bamubwiye bati:- ntiwishime mu vy’ukuri Imana ntikunda abantu bishima
  77. Kandi urondere kuvyo Imana yaguhaye bubwicaro bwiza bwo mw’Ijuru kandi ntiwibagire igice cawe c’ubuzima bwo ng’aha kw’Isi, kandi ugire ineza nkuko Imana yabikugiriye, kandi nturondere kugira ubwononyi ng’aha kw’Isi, ntankeka Imana ntikunda abononyi
  78. Aca avuga ati:- mu vy’ukuri jewe nahawe ibi vyose kubera ubumenyi mfise, ntiyamenye yuko Imana yahoneje imbere yiwe abantu bari bafise ubushobozi kumusumvya, kandi bari bafise umurwi muniniya w’abantu kandi babi batazobazwa ibicumuro vyabo
  79. Yaraserutse ku bantu biwe nkuko yama ashariza baca bavuga bamwe bipfuza ubuzima bwo ng’aha kw’Isi bati:- iyo turonka nkuko yahawe Qaaruni, mu vy’ukuri niwe nyene imigisha mininiya
  80. Nabahawe ubumenyi bavuze bati:- oh! Impembo y’Imana niyo nziza kuwemera nukugira ibikorwa vyiza, kandi ntibazohabwa ivyo vyose atari mu bantu bihangana
  81. Twaciye duhonya uyo Qaaruni hamwe n’inzu yiwe mukuzimu, kandi ntawundi murwi wariho wukumufasha atari Imana yonyene gusa, kandi ntiyari mu bantu bashoboye kwifasha
  82. Bakaba bavuga bamwe bipfuza ubutegetsi bwiwe aho hahise bavuga bati:- ewe Mana ni wewe wongereza imigisha kuwo wishakiye ma bantu bawe, kandi ukima uwo wishakiye iyo Imana itatugirira impuhwe, ntankeka yari kuduhonya twese, mu vy’ukuri ntantsinzi y’abahakanyi b’Imana y’ukuri
  83. Iyo ngoro yo mw’ijuru tuzoyigirira bamwe badashaka kwishima kuri iy’Isi canke ubwononyi, n’impera nziza izokwegukira abantu beranda
  84. Uwuzogira ineza azoronka impembo nziza gusumba iyo neza yagize, nayo abazogira amabi ntibazo hembwa abo bagira amabi atari kuri y’amabi yabo bahora bagira
  85. Mu vy’ukuri Imana niyo yagutegetse kugira ngo ukurikire iyi Qur’aani ntagatifu mu vy’ukuri izokugarura aho bagarukira, kandi nuvuge uti:- Umuremyi wanje niyo ifise ubumenyi bw’uwuzoza azananye n’uburongozi hamwe n’uwuzoba ari mubuzimire buri k’umugaragaro
  86. Na wewe ntiwizera yuko uzoshikirizwa igitabu gitagatifu, mugabo n’imigisha y’Umuremyi wawe, rero ntube umufasha wabatemera Imana yabo y’ukuri
  87. Kandi ntibakuzitire mugukurikira amajambo y’Imana matagatifu mugihe umaze kwugururirwa, kandi uhamagare abantu kumuremyi wawe kandi ntube uri mubantu bagereranya Imana n’ibindi bintu
  88. Kandi ntusabe hamwe n’iyindi Mana, kuko atayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa, rero ibintu vyose bizopfa dukuyemwo Imana yonyene rudende, icibwa ry’urubanza riri iwe, niwe niho muzo subizwayo mwese