27.The Ant

  1. Twaa, Siiyn, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa). Aya n’amajambo ari mugitabu c’Imana gitagatifu ca Qur’aani kandi n’igitabu cuzuye mwo ibintu vyose ngira kamaro kandi n’igitabu gisigura ibikenewe vyose biri mw’idini rya Isilaamu
  2. Iyi Qur’aani n’uburongozi hamwe n’inkuru nziza ku bantu bayemera bimwe vy’ukuri
  3. Aribo bahagarika amasengesho nugutanga imperezwa zabo nabo bafise icizero c’umusi w’imperuka
  4. Mu vy’ukuri bamwe batemera uwo musi w’imperuka twebwe twarasharije ibikorwa vyabo, kuri ivyo baguma batayataya
  5. Abo nibo bazoronka ibihano bibi cane kandi abo nyene mw’ijuru nibo bazoronka uruhombo runiniya cane
  6. Mu vy’ukuri ni wewe wigishwa iyi Qur’aani ntagatifu ivuye kuwufise ubuhizi n’ubumenyi buhagije
  7. Igihe intumwa y’Imana Mussa (iii) yabwira umuryango wiwe ati:- mu vy’ukuri jewe nabonye umukomezwa, ubu vuba ndabazanira inkuru zawo canke ndabazanira igishirira cawo caka kugira ngo mwote kuri uwo mukomezwa
  8. Mugihe yawushikira yaciye ahamagarwa ati:- wewe arahezagiwe n’uwuri muri uwu muriro hamwe n’uwuri hambavu yawo, kandi haninahazwa Imana Umuremyi w’ibiremwa vyose
  9. Ewe Mussa (iii) mu vy’ukuri ni jewe Mana yawe mfise ubushobozi n’ubuhizi bukwiye
  10. Nujugunye iyo nkoni yawe, mugihe yayibona igenda genda nk’inzoka yarahindukiye asubira inyuma yiruka atarindiriye, ewe Mussa (iii) ntutinye ntankeka iwanje ntibatinya imbere yanje intumwa z’Imana
  11. Mugabo uwahemukiye umutima wiwe hanyuma agaca akabisha ineza amaze kugira amabi, mbega jewe sije mfise ikigongwe n’Impuhwe zihagije
  12. Niwinjize ukuboko kwawe mumpuzu yawe, kuzoca gusohoka gufise ibara ryera atamwanda uriko, bikaba ari mubimenyetso icenda vyo kwa Fir’auni hamwe n’abantu biwe, mu vy’ukuri bari mubantu babi cane
  13. Mugihe bashikirwa n’ibimenyetso vyacu bigaragara, baciye bavuga bati:- ubu n’uburozi buri k’umugaragaro
  14. Barayahakanye amajambo y’Imana matagatifu mugihe imitima yabo ivyemeza gutyo kubera ubuhemu bwabo n’ukwishima kwabo rero nuce uraba impera n’imperuka yabagira amabi
  15. Ntankeka twarahaye intumwa y’Imana Daudi (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Suleimanu (iii) ubumenyi baca bavuga bati:- ininahazwa ryose ni ry’Imana yaduteye iteka ntangere gusumba benshi mubiremwa vyiwe vyamwemeye
  16. N’intumwa y’Imana Suleimani (iii) niwe yatoranye ibisigi vy’intumwa y’Imana Daudi (iii) nukuvuga iti:- mwebwe bantu mwe! Twebwe twarigishijwe imvugo z’inyoni nuguhabwa ibintu vyose, mu vy’ukuri iyi n’ingabirano y’Imana iri k’umugaragaro
  17. Yaregeranirijwe Intumwa y’Imana Suleimani (iii) ingabo ziwe z’ibisigo hamwe n’abantu n’inyoni nukuzitondesha imirwi n’iyindi
  18. No mugihe bashika mumwaba w’ibikoko vy’ubunyegeri kimwe muri ivyo bikoko caravuze giti:- mwabunyegeri mwe! nimwinjire mumyobo yanyu intumwa y’Imana Suleimani (iii) ntibahonyange n’ingabo ziwe mugihe itabumva
  19. Nawe aramweyura atwenga kw’ijambo ryiwe nuguca avuga ati:- ewe Muremyi wanje, numpe ubushobozi nce ndagukengurukira kumihezagiro wampaye jewe hamwe n’abavyeyi banje, kandi mbashe kugira ibikorwa vyiza ushima kandi unyinjize mumpuhwe zawe mbe mu bantu bawe beranda
  20. Hanyuma aragenzura zanyoni ziwe nukuvuga ati:- vyakabaye gute ko ntabona yanuma, canke yabaye muyitari ngaha
  21. Mu vy’ukuri ndayihana ibihano bikaze cane canke ndayibage canke inzanire ivyemezo biri k’umugaragaro
  22. Nawe ntiyamaze igihe kirekire cane aca avuga ati:- ndatahuye ico utotahuye kandi nje nturuka mugihugu ca Saba’a ndakuzaniye inkuru y’imvaho
  23. Mu vy’ukuri sanze Umupfasoni ategeka kandi yahawe ibintu vyose, kandi akaba afise n’inyegamo y’iteka iteye igomwe niniya cane
  24. Ndamusanze ari kumwe n’abantu biwe bapfukamira izuba aho gupfukamira Imana yabo y’ukuri, Shetani nayo ikaba yarabasharijije ibikorwa vyayo hamwe nukubazitirira inzira yabo y’amahoro, kuri ivyo rero abo bantu bose ntibarongotse
  25. Nimupfukamire Imana ikura ibintu vyinyegeje biri mumajuru no kw’Isi kandi ikaba ifise ubumenyi bw’ivyo munyegeza hamwe n’ivyo muserura
  26. Ntayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa Umuremyi w’inyegamo yiwe ntagatifu
  27. Intumwa y’Imana Suleimani (iii) ica ivuga iti:- tuzoraba yuko wavugishije ukuri canke uri mu bantu b’ababeshi
  28. Nugende n’uru rwandiko rwanje uruba shikirize hanyuma ubareke uce uraba ivyo basubizanya
  29. Wamwamikazi aca avuga ati:- mwebwe bategetsi, mu vy’ukuri nzaniwe urwandiko rw’iteka
  30. Ruvuye kuntumwa y’Imana Suleimani (iii) narwo ruvuga ruti:- Kw’izina ry’Imana nyene Imigisha myinshi, na nyene Imigisha mito mito
  31. Ntimungirire ubwishime kandi muze iwanje namwe mwamaze kuba aba Isilamu
  32. Wamwamikazi asubira kuvuga ati:- mwebwe bategetsi nimu mpanure kuri ibi vyipfuzo vyanje, kuko jewe sinshaka impanuro z’umuntu uwariwe wese kugeza aho mwese muba ivyabona
  33. Nabo bamwishura bati:- ni twebwe dufise ububasha hamwe nukurwana ingwano ikaze cane, n’itegeko riri iwawe rero nurabe ico utegeka
  34. Wamwamikazi aca avuga ati:- mu vy’ukuri Abami iyo binjiye mubisagara vy’abantu baca bonona ivyo bisagara nukubagira bene ivyo bisagara kuba mu bantu barenganijwe, uko rero niko bama bagira
  35. Mugabo jewe ndabarungikiye akaganuke hanyuma nanje nzorindira ico bazogarukana izo ntumwa zanje
  36. Mugihe yashika kuntumwa y’Imana Suleimani (iii) yavuze ati:- mbega mwebwe mumfasha kumatungo? Uwayampaye nawe n’Imana nayo nimeza gusumba ivyo yahaye mwebwe, mugabo mwebwe munezerezwa n’izi nzimano zanyu
  37. Nimu bimusubize mu vy’ukuri tuzogenda n’ingabo zacu batazo shobora guhangana nazo kandi ntankeka tuzobakurayo bamaze gucika imvutu, kandi bamaze kudebukirwa
  38. Intumwa y’Imana Sulaymanu yarakoranije Abashikiranganji biwe bose avuga ati:- mwebwe bategetsi, ni nde ashobora kunzanira inyegamo yiwe y’iteka imbere yuko bashika iwanje nabo bamaze kuba aba Isilamu
  39. Umwe munkerebutsi z’ibisigo yavuze iti:- jewe nzoyigu shikiriza imbere yuku vyaguruka aho wicaye, nanje ntankeka ndafise ubushobozi bw’ivyo bintu kandi ndumwizigirwa
  40. Aca avuga umwe mubari bafise ubumenyi bw’igitabu ati:- jewe iyo nyegamo nzoyigu shikiriza imbere yuko urugohe rw’ijisho ryawe rutaranyiganga, rero mugihe yabona yanyegamo yiwe iri imbere yiwe yaciye avuga ati:- ibi vyabaye kubera ingabirano z’Umuremyi wanje kugira ngo angerageze arabe yuko no mushimira canke ndamu hakana, rero uwushima ashima kuneza y’umutima wiwe, nayo uwu hakana mu vy’ukuri Umuremyi wanje niwe nyene amatungo n’umugizi w’ineza
  41. Aca avuga ati:- iyo nyegamo y’iteka nimuyihindure hanyuma turabe yuko ashobora kuyimenya canke azoba ari mubantu ataco bazi
  42. Mugihe yashika yabwiwe ati:- mbega iyi nyegamo yawe y’iteka yoba imeze nk’iyi? Nawe abishura ati:- egome inyegamo yanje yoba imeze nk’iyi nyene natwe tukaba twahawe ubumenyi imbere yukubona, mugabo natwe twari mu bantu b’abagamburutsi
  43. Aca aramubuza nivyo yahora asenga biteye kubiri n’Imana; ntankeka yari mubantu b’abahakanyi imbere y’ico gihe
  44. Ababwira ati:- nimwinjire munzu, mugihe yinjira yabajije yuko yinjiye mwidengeri ry’amazi, aca aduza impuzu ziwe kugeza kumavi, intumwa y’Imana Suleimani (iii) amubwira ati:- mu vy’ukuri iyo n’inzu yasakajwe n’ivyirori, nawe aca avuga ati:- Muremyi wanje narahemukiye umutima wanje none ubu nditanze hamwe n’intumwa y’Imana Suleimani (iii) no kumuremyi w’ibiremwa vyose
  45. Ntankeka twebwe twara barungikiye bene Thamuda (iii) hamwe na bene Swalehe (iii) tubabwira duti:- nimusenge Imana, munyuma yaho haciye habonekana imirwi ibiri yacanyemwo
  46. Aca avuga ati:- bantu banje, ni kuki muhimiriza kugira amabi imbere yukugira ineza? None ni kuki mutigera musaba ikigongwe kumana yanyu kugira ngo ikibagirire kumpuhwe zayo
  47. Nabo bamwishura bati:- twagize Imana mbi kubera wewe nukubera abari kumwe na wewe, nawe aca ababwira uti:- ukutumvikana kwanyu kuri kumana yanyu, mugabo kuri mwebwe muri mubantu Imana iriko iragerageza
  48. Muri ico gisagara harimwo abantu icenda bigize ba sura ivu mugukara cane kuri iy’Isi, kandi ata na kimwe bagize kubijanye n’uguhuza kw’abantu n’abandi
  49. Nabo bavuga bati:- nimurahire kumana yuko tuzotera intumwa y’Imana Swalehe (iii) mw’ijoro hamwe n’abantu biwe hanyuma tuze tumubwire uwuzo sigarana n’ibisigi vyiwe, natwe tuvuga duti:- twebwe ntitwabonye ihonywa ry’abantu biwe, ntankeka twebwe turi mu bantu bavugisha ukuri kuribo
  50. Baca bategura imigambi yabo, natwe dutegura iyacu, nabo batabizi
  51. N’urabe amaherezo y’imigambi yabo uko yari imeze, natwe rero twaciye tubahonya nabo bari kumwe bose
  52. Nizo nzu zabo zara garagara kubera ubuhemu bwabo, ntankeka muri ibi vyose harimwo icigwa ku bantu bategera
  53. Twaraba rokoye mubemeye Imana yabo y’ukuri hamwe n’abayi gamburukiye
  54. N’intumwa y’Imana Lutwi (iii) mugihe yabwira abantu biwe ati:- mbega muriko muragira ibintu vy’umwanda namwe mubibona
  55. Mukarangura amabanga yabubatse n’abagabo nkamwe kubera ivuduka ry’ivyipfuzo vyanyu bibi aho mwo biranguye n’abakenyezi banyu, mu vy’ukuri mwebwe muri mu bantu ata bwenge mufise. Igisomwa c’ubunyegeri. Ikigabane ca
  56. Ntiyabaye inyishu y’abantu biwe atari uko bavuze bati:- nimu birukane abo bantu bakurikiye intumwa y’Imana Lutwi (iii) mugisagara canyu kuko bari mubantu bisukuye
  57. Twaciye tumurokora hamwe n’abamukurikiye dukuyemwo umutambukanyi wiwe duca tumushira murutonde rw’abantu bazokwicara inyuma y’abandi bose
  58. Duca tubamanurira imvura yari mbi cane nayo ikaba yari imeze gute! Yari yagenewe abantu batuzwa
  59. Vuga uti :- ininahazwa ryiza ni ry’Imana n’amahoro ashikire intumwa ziwe yitoreye, mbega Imana niyo nziza canke bamwe bayi gereranya n’ibindi bintu
  60. Canke umwe yarema Amajuru n’Isi nukuba manurira amazi avuye mubicu no kuri ivyo twaranagishije imirima iteye igomwe, namwe ntabushobozi mufise bwukunagisha ibi biti, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, rero abo bahakanyi b’Imana y’ukuri n’abantu batari kumurongo ugororotse
  61. Canke uwaremye iy’Isi ngo ibe ari ahantu hukuruhukira ho nugushira muriyo inzuzi n’imisozi, nugushira ho uruzitiro hagati y’ibiyaga bibiri, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, ahubwo benshi muribo ntana kimwe bazi
  62. Canke umwe yishura uwuri mungorane mugihe amusaba mukumukurira ingorane ziwe, nukuba gira ngo bagendesha iy’Isi, mbega hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, nigakeyi cane kugira ngo mwebwe mutegere
  63. Canke umwe yabarongora mumwijima wo kw’Isi nugutwara imiyaga mugushikiriza inkuru nziza imbere y’imigisha yayo, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose? Imana irisukuye hamwe nabayi gereranya nayo
  64. Canke uwatanguye kurema ibiremwa vyose hanyuma akazobigarura nkuko vyamye, nukubaha imigisha ivuye mw’ijuru no kw’Isi, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, nuvuge uti:- mwebwe nimuzane ivyemezo vyanyu nimwaba muvugisha ukuri kwama
  65. Vuga iti:- ntawuri mw’ijuru no kw’Isi afise ubumenyi bw’ibitariho atari Imana yonyene gusa nabone ntibazi ikihe gihe bazozurirwa ko
  66. Mbega bashikiwe ryari n’ubumenyi bwukumenya uwo musi w’imperuka, ahubwo nibo bafise amakenga y’uwo musi, ahubwo n’impumyi mukumenya uwo musi
  67. N’abahakanye Imana yabo y’ukuri bavuze bati:- mbega nitwaba twaramaze kuba ivu hamwe n’abavyeyi bacu, niho tuzozurwa
  68. Ntankeka uku niko twemerewe hamwe n’abavyeyi bacu baho hambere bikaba bitari kuba ibi vyose atari uko ari inyanduruko z’ububeshi z’abantu bakera
  69. Vuga uti:- nimugende kw’Isi yose hanyuma mwitegereze ukugene vyabaye impera n’imperuka kuri ba bantu babi
  70. Kandi ntuterwe n’agahinda, kandi ntugire ibibazo kubera ingeso zabo bagira
  71. Kandi bavuga bati:- iyi ndagano izoboneka ryari nimwaba muvugisha ukuri
  72. Vuga uti:- nkumbure iri hafi yukubashikira kuvyo mwihutira kugira ngo bibe
  73. Kandi ntankeka Umuremyi wawe niwe nyene imigisha ku bantu bayo, mugabo benshi muribo ntiba shima
  74. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’ivyo munyegeza mubikiriza vyanyu hamwe nivyo muserura
  75. Kandi ntamabanga ari hagati y’Amajuru n’Isi atari uko ari hagati y’igitabu c’Imana kigaragaza ibintu vyose
  76. Ntankeka iyi Qur’aani ntagatifu irabavuga bene Israeri kubintu vyinshi bijanye nukutumvikana kwabo
  77. Mu vy’ukuri iyi Qur’aani ntagatifu n’indongozi n’imigisha ku bantu bayemera
  78. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe azobacira urubanza rw’amategeko yayo, nayo niyo nyene inguvu n’ubumenyi buhagije
  79. Rero niwizere Imana yawe mu vy’ukuri wewe uri hejuru y’ukuri kuri k’umugaragaro
  80. Mu vy’ukuri wewe ntushobora kwumvisha abapfuye ubwo butumwa bwawe canke kwumvisha abatumva mugihe bahindukiye bigira iyo baja
  81. Kandi ntushobora kurongora impumyi ziri mubuzimire bwazo, kandi ntushobora kubumvisha atari abemera amajambo yacu y’Imana, abo rero nibo bagamburutsi
  82. N’imvugo mugihe izoba shikira tuzoba kurira igikoko ngaha kw’Isi kizoba vugisha abo bantu kubera yuko batemera amajambo yacu
  83. N’umusi tuzo kwegeranya mumirwi y’abantu bahakanye Imana yabo y’ukuri, nabone bazoshigwa mumirwi nk’abandi
  84. N’igihe bazoshika Imana izovumera iti:- mbega mwebwe mwarahakanye amajambo yanje mutabizi neza, canke mwamye mugira iki
  85. Ijambo ry’ukuri rizobashikira kubera yuko bahemutse, rero ntaco bazovuga
  86. Mbega ntibabona yuko twaremye Ijoro kugira ngo abantu baruhukire mwo hamwe n’umutaga w’umuco, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso kubantu bemera Imana yabo y’ukuri
  87. N’umusi hazovuzwa inzamba hanyuma abari mumajuru nabari kw’isi bose baze bate imitwe hirya no hino, dukuyemwo uwo Imana yashakiye ntate umutwe wiwe hirya no hino, na bose bazoyi shikira nabo bafise ibimaramare
  88. Uzobona imisozi ukibaza yuko ihumuye nayo iriko iragenda nk’ibicu, uko niko Imana ikora kuko yakoze ibintu vyose, ntankeka niyo ifise inkuru y’ivyo mugira vyose
  89. Abazozana ineza bazoronka ineza gusumba iyo, nuko kuburagizwa kw’uwo musi bazoba bari mumahoro nawo
  90. Nabazogira ububisha bwabo amaso yabo azotabwa mumuriro udahera, none ntimuhembwa atari kuvyo mwahora mugira
  91. Ntankeka nategetswe ngo nsenge Umuremyi w’iki gisagara, ariwe yagiteye iteka kandi ibintu vyose nivyiwe kandi nkaba nategetswe yuko noba mubantu babagamburutsi
  92. Kandi nsome iyi Qur’aani ntagatifu, nukuba ndi mubarongotse, nuwurongotse aba arongotse kubwiwe, nayo uwazimiye wewe nuvuge uti:- mu vy’ukuri jewe ndi mu bantu batuza abantu
  93. Kandi uvuge iti:- ihayagizwa ryose ryiza ni ry’Imana kuko ubu vuba Imana izobereka ibimenyetso vyayo kandi muzobitahura, kandi umuremyi wawe ntiyibagira kuri ibi vyose mugira