26.The Poets

  1. Twa, Siiyn, Miiym, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa)
  2. Aya n’amajambo ari mugitabu kimenyesha ibikenewe bijanye n’idini
  3. Nkumbure wota umutima wawe murudubi kubera abantu bawe batabaye aba Isilamu
  4. Iyo dushaka twari kubamanurira ibitangaro bivuye mw’ijuru hanyuma amazosi yabo akagamburuka nugukurikira bashaka canke badashaka mugabo ntidushaka kutegeka umuntu ngo abe umu Isilamu
  5. Mugabo ntibashikirwa n’icibutso gishasha kivuye kuri nyene imigisha myinshi, mugabo yama ija kure yivyo
  6. Rero mu vy’ukuri barahakanye kuri ivyo rero ubu vuba, bazoshikirwa n’inkuru z’ivyo bahora bajajurirako
  7. Mbega ntibabonye ngaha kw’Isi ingene twanagishije ibiterwa biri kuriyo n’ubwoko butandukanye bwiza
  8. Ntankeka muri ivyo harimwo ibimenyetso mugabo benshi muribo ntavyo bemera
  9. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije
  10. N’Umuremyi wawe mugihe yahamagara intumwa yiwe Mussa (iiii) amubwira ati:- nugende kuri barya bantu bahemukiye imitima yabo
  11. Abantu bo kwa Fir’auni ubabwire uti:- mbega ntibatinya Imana
  12. Nawe avuga ati:- Muremyi wanje mu vy’ukuri jewe ndatinya yuko abo bantu bompakana
  13. N’igikiriza canje ntiki nyorohereza hamwe n’ururimi wanje ntirutomora amajambo neza, rero nushikirize ubu butumwa kwa mwene wanje Haruna (iii)
  14. Nabo n’abantu bafise amakosa imbere yanje mugabo ntinya yuko bongandagura
  15. Avuga ati:- Oya sivyo, ahubwo ni mugende n’ibi bitangaro vyanje, mu vy’ukuri twebwe turi kumwe namwe kandi turabumva
  16. Rero nimugende kwa Fir’auni mumubwire muti:- ntankeka twebwe turi intumwa z’Umuremyi w’abantu bose
  17. Turungitswe yuko wobatwarira turi kumwe twese hamwe na bene Israeri
  18. Fir’auni aca avuga ati:- mbega wewe ntitwakurereye iwacu muugihe wari ukiri mutoyi hanyuma turabana twese kumyaka myinshi y’ubuzima bwawe bwose
  19. Kandi waragize ico gikorwa cawe muvyo wagize vyose uca uba mu bantu badashima
  20. Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- naragize ivyo vyose ngaho mugihe nari mu bantu bazimiye
  21. Rero nanje naciye ndabahunga mugihe natinya Umuremyi wanje ubu yarampaye amategeko kandi yarampezagiye ngombe ndi muntumwa z’Imana
  22. Kandi uwo niwo mugisha wangiriyeko impuhwe wukubashira mubuja wa bene Israeri
  23. Fir’auni yavuze ati:- ni nde uyo Muremyi w’abantu bose
  24. Intumwa y’Imana Mussa ivuga iti :- n’Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibirimwo nimwaba mwebwe muri mu bantu mwemera
  25. Fir’aauni yabwiye abantu bamukikuje ati :- mbega mwebwe ntimwumva
  26. Intumwa y’Imana Mussa (iii) aca avuga ati:- Umuremyi niwe muremyi w’abavyeyi banyu baho hambere
  27. Fir’auni aca avuga ati:- ntankeka iyo ntumwa yanyu yarungitswe kuri mwebwe n’umusazi
  28. Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- Umuremyi w’ubuseruko n’uburengera zuba hamwe n’ibiri hagati yavyo nimwaba mutegera neza
  29. Fir’auni aca avuga ati:- niwakurikira iyindi Mana atari jewe mu vy’ukuri nzokugira nk’abantu bari mwibohero
  30. Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- mbega naho nokuzanira ikintu kiri k’umugaragaro
  31. Fir’auni nawe amwishura ati:- nukizane niwaba uri mu bantu bavugisha ukuri kwama
  32. Intumwa y’Imana Mussa (iii) ica ijugunya inkoni yiwe, mukanya isase ica ihinduka inzoka nyakuri iri k’umugaragaro
  33. Ica isokorora ukuboko kwayo mumpuzu mumwanya isase guca kurera derere kubantu bakubonye
  34. Fir’auni avuga abwira abakuru bamukikuje ati :- mu vy’ukuri uyu n’umurozi afise ubumenyi buhanitse
  35. Agomba abakure mugihugu canyu akoresheje uburozi bwiwe, none mwebwe mubivuga ko iki
  36. Nabo bavuga bati:- nimumuhe umwanya hamwe na mwene wabo hanyuma mubarungike mugisagara caho bakoraniriza abantu bose
  37. Bazokuzanira ibihangange vy’abarozi bose bafise ubumenyi buhanitse
  38. Barakoranijwe abarozi bose, mumwanya n’umusi wagenewe urwo rubanza
  39. Baca babwirwa abantu bati :- none mwese mwamaze gukorana
  40. Nkumbure tuzobakurikira abo barozi niba aribo bazoronka intsinzi
  41. Rero mugihe bashika abo barozi baciye babwira Fir’auni bati:- mbega turaronka impembo nitwa tahukana intsinzi
  42. Fir’auni abishura ati:- egome kandi mwebwe muzoba muri bamwe mu bantu banje bizigirwa
  43. Intumwa y’Imana Mussa (iii) ibabwira babarozi iti:- nimujugunye ivyo mushobora kujugunya
  44. Bajugunya imigozi yabo hamwe n’inkoni zabo nukuvuga bati:- kububasha bwa Fir’auni ni twebwe bene intsinzi
  45. Hanyuma intumwa y’Imana Mussa (iii) ica ijugunya inkoni yayo hasi yankoni ica iramiragura ivyo abo barozi badukanye
  46. Aho niho babarozi bose barwa hasi barapfukama
  47. Baca bavuga bati:- turemeye Umuremyi w’abantu bose
  48. Umuremyi wa Mussa (iii) hamwe na Haruna (iii)
  49. Fir’auni avuga ati:- mbega mwamwemeye uyo Mussa (iii) imbere yuko ndabaha uruhusha? Ntankeka niwe yabaye umukuru wanyu yabigishije uburozi, ubu rero muzotahura neza, ubu ngiye gucagagura amaboko n’amaguru yanyu ndabitandukanije hanyuma nce ndababamba kubiti mwese
  50. Nabo baca bavuga bati:- ntaco bitwaye mu vy’ukuri twese tuzo subira ku Muremyi wacu
  51. Ntankeka twebwe twizeye yuko Umuremyi wacu azotugirira ikigongwe kubera ibicumuro vyacu, kuko twebwe tubaye abambere mukwemera kuba aba Isilamu b’ukuri
  52. Twara murungikiye intumwa y’Imana Mussa (iii) ubutumire yuko yogenda ku bantu banje mugihe c’ijoro ntankeka muzo kurikiranwa
  53. Rero Fir’auni yaciye arungika ubutumwa bw’ugukoranya abantu bo mugisagara bose
  54. Mu vy’ukuri abo Bayahudi n’akarwi k’abantu bakeyi cane
  55. Nabo n’abantu badu shavuza cane
  56. Natwe turi benshi mugabo turabatinya
  57. Duca tubakura mu mirima yabo hamwe no mumusoko y’amazi
  58. Nukuba kura mububiko bwabo n’ahantu habo heza cane
  59. Nuko rero twahaye ibisigi kuri bene Israeri
  60. Baca bakurikira k’ubuseruko bw’izuba
  61. Mugihe zabonana ingabo zose uko ari zibiri, abantu b’intumwa y’Imana Mussa (iii) baciye bavuga bati:- twebwe duhava dufatwa
  62. Intumwa y’Imana Mussa (iii) ica ivuga iti:- oya! mu vy’ukuri Umuremyi wanje ari kumwe nanje ntankeka azondongora
  63. Mumwanya twara murungikiye intumwa y’Imana Mussa (iii) ubutumwa tumubwira duti:- kubita iyo nkoni yawe kuri ico kiyaga, naco gica cigaburwamwo ibiyaga bibiri no kumpande zose haca haba nk’imisozi mininiya
  64. Duca tuzana ngaho abandi bantu
  65. Duca turokora intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe nabo bari kumwe bose
  66. Hanyuma twibiza mumazi abo bandi bantu
  67. Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo icirwa mugabo benshi muribo simubemera
  68. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije
  69. Kandi ubasomere inkuru y’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii)
  70. Mugihe yabwira Se wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- mbega mwebwe musenga ibiki
  71. Nabo bamwishura bati:- twebwe dusenga amasanamu yamisi yose
  72. Nawe avuga ati:- mbega ayo masanamu musenga arabumva mugihe muyahamagaye
  73. Canke harico abamarira canke abagirira inabi
  74. Nabo bamwishura bati:- ahubwo twasanze badata bacu bagira uku nyene tugira
  75. Nawe abishura ati:- mbega mwarababonye abo musenga
  76. Mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu babayeho imbere yanyu
  77. Ntankeka abo n’abansi banje dukuyemwo Umuremyi w’ibiremwa vyose
  78. Kuko ariyo yandemye kandi niyo yandongoye
  79. Kandi niyo intamika nukunywesha
  80. No mugihe nsinzikajwe n’ingwara niyo indonsa akoyokwe
  81. Kandi niyo izonyica hanyuma ize insubize ubuzima
  82. Kandi niyo nizeye yuko izongirira ikigongwe kubicumuro vyanje k’umusi w’impembo
  83. Muremyi wanje numpe itegeko, kandi umpuze n’abagira ibikorwa vyiza
  84. Kandi umpezagire mukuvugwa kuneza n’abantu bazoza munyuma yanje
  85. Kandi umpezagire mubazosigirwa ibisigi vy’imirima irimwo imihezagiro myiza yo mw’ijuru
  86. Kandi ugirire ikigongwe Data wanje ntankeka yari mubantu bazimiye
  87. Kandi ntuntetereze k’umusi wukuzurwa kw’abantu bose
  88. Umusi waho amatungo yabo ataco azobamarira canke ibibondo vyabo
  89. Dukuyemwo uwuzoba yatumbereye Imana yiwe afise umutima mwiza
  90. N’ijuru rizokwegerezwa ribe hafi ku bantu beranda
  91. N’umuriro udahera witiriwe Jahannamu uzokwerekanwa icese kubagizi b’inabi
  92. Bazobwirwa bati:- bari hehe abo mwahora musenga
  93. Atari Imana mbega boshobora kubafasha canke kwifashisha bonyene
  94. Rero bazotabwa mumuriro udahera hamwe n’abacumuzi bagenzi babo
  95. Hamwe n’ingabo za Shetani zose
  96. Bazovuga bamwe bahora babasenga mugihe bazoba bariko baratongana bari mumuriro udahera
  97. Ndarahiye kw’izina ry’Imana, mu vy’ukuri twebwe twari mubuzimire buri k’umugaragaro
  98. Mugihe twabagirira ineza n’Umuremyi w’ibiremwa vyose
  99. Kandi ntibatuzimije atari babantu babi
  100. Natwe ntidufise abadusabira
  101. Canke abagenzi bwite dufise
  102. Iyo tuba dufise aho tugarukira twari kuba aba Isilamu
  103. Ntankeka muri ibi vyose harimwo itegero rininiya mugabo benshi muribo s’abemera
  104. Mu vy’ukuri umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije
  105. Abantu b’intumwa y’Imana Nuhu (iii) barahakanye intumwa z’Imana
  106. Ubibutse mugihe yababwira uwo mugenzi wabo ariwe Nuhu (iii) ati:- mbega mwebwe ntimuzotinya
  107. Mu vyukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe
  108. Rero nimutinye Imana yanyu y’ukuri kandi mungamburukire
  109. Kandi sindabashakira ko impembo, mugabo impembo yanje iri k’umuremyi w’ibiremwa vyose
  110. Rero nimutinye Imana yanyu y’ukuri kandi mungamburukire
  111. Nabo bamwishura bati:- mbega tukwemere wewe mugihe abagowe aribo bagukurikira
  112. Nawe avuga ati:- nomenya gute ibikorwa vyanyu mwahora mugira
  113. Iharurwa ryabo ntarihari atari ku muremyi wanje gusa iyo mwobimenya
  114. Nanje sinzo kwirukana abemeye Imana yabo y’ukuri
  115. Jewe ntaco ndimwo, atari uko ndimubatuza bari k’umugaragaro
  116. Nabo bavuga bati:- nutareka ewe Nuhu (iii) iryo tuza ryawe ntankeka uzoba uri mubazoterwa amabuye
  117. Nawe avuga ati:- Muremyi wanje, ntankeka abantu banje banyihakanye
  118. Rero nuducire urubanza ruri hagati yanje hamwe nabo, urwo rubanza rube rwiza, kandi undokore hamwe nabo ndikumwe nabo hamwe n’abemeye Imana yabo y’ukuri
  119. Kubera ivyo twaciye tumurokora hamwe nabo bari kumwe bose bari mubwato bwari butwaye ibintu vyinshi
  120. Hanyuma twibiza mumazi mubasigaye
  121. Ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo mugabo benshi muribo ntibari mubemera Imana yabo y’ukuri
  122. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije
  123. Na bene Aadi nabo barahakanye intumwa z’Imana
  124. Mugihe mwene wabo Hudu (iii) yababwira ati:- mbega mwebwe ntimuzotinya Imana yanyu
  125. Ntankeka jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe
  126. Nimutinye Imana yanyu y’ukuri, kandi mungamburukire
  127. Kandi ntaco nshaka kuri ibi vyose, mugabo impembo yanje iri ku muremyi w’abantu bose
  128. Mbega mwiyubakira amazu ahari agatumba, uku n’ugufyinata muriko muragira
  129. Mukiyubakira n’inzitiro nk’uko mubona yuko muzoramba mubuzima bwanyu bwose
  130. No mugihe muteye abandi mubatera n’ubwishime
  131. Nimutinye Imana yanyu y’ukuri kandi mungamburukire
  132. Nimutinye uwabahaye ibi vyose muzi
  133. Ko ariwe yabahaye ibikoko hamwe n’ibibondo vy’abahungu
  134. Hamwe n’imirima n’amasoko y’amazi n’inzuzi
  135. Mu vy’ukuri ndabafitiye ubwoba bw’ibihano vy’umusi w’imperuka
  136. Nabo bamwishuye bati:- n’ibisanzwe kuri twebwe kuko udushikirije ubwo butumwa canke ntube mubabu dushikiriza
  137. Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari ingeso z’abantu baho hambere
  138. Natwe ntituzohanwa
  139. Rero baramuhakana natwe duca tubibiza mumazi, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo mugabo benshi muribo ntibari mu bantu bemera Imana yabo y’ukuri
  140. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha hamwe n’impuhwe zihagije
  141. Bene Thamuda nabo nyene barahakanye intumwa z’Imana
  142. Mugihe mwene wabo yabwira intumwa y’Imana Swaleh (iii) ati:- mbega mwebwe ntimutinya Imana yanyu
  143. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe
  144. Nimutinye Imana yanyu y’ukuri, nanje mungamburukire
  145. Kandi nanje sindabasaba impembo kuri ivyo, mugabo impembo yanje iri ku muremyi w’ibiremwa vyose
  146. Mbega muzosigwa mumahoro muri ibi bintu biri ngaha iwanyu
  147. Mumirima hamwe no mumasoko y’amazi
  148. N’ibiterwa vy’imitende bifise ivyamwa vyiza
  149. Mukabaza n’imisozi nukuyigira mwo amazu yanyu y’ukwinezereza mwo gusa
  150. Nimutinye Imana yanyu y’ukuri, nanje mungamburukire
  151. Kandi ntimu gamburukire amategeko yabo bahakanyi b’Imana
  152. Nabagira ubwononyi gusa kuri iy’Isi mugabo ntibayigire neza
  153. Nabo bavuga bati:- mu vy’ukuri wewe uri mubantu barozwe
  154. Wewe ntanakimwe urimwo ahubwo uri umuntu nkatwe, rero nutuzanire ibitangaro niwaba uvugisha ukuri kwama
  155. Nawe abishura ati:- iyi nyana y’Ingamiya nibe ifise izamu ryukunywa amazi, namwe mube mufise izamu ryanyu ryukuvoma k’umusi wageneweko
  156. Kandi ntimuyikoreko ngo muyigirire inabi hanyuma ntimuze mufatwe n’ibihano vy’umusi w’imperuka
  157. Mugabo abo bantu barayikereye iyo Ngamiya nukuba mumaganya
  158. Rero ibihano birabafata, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo, mugabo benshi muribo ntibavyemera
  159. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije
  160. Abantu b’intumwa y’Imana Lutwi (iii) nabone barahakanye intumwa z’Imana
  161. Mugihe yababwira mwene wabo na Lutwi (iii) ati:- mbega mwebwe ntimutinya Imana yanyu
  162. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe
  163. Rero ni mutinye Imana yanyu, nanje mu ngamburukire
  164. Kandi jewe sindabasaba impembo kuri ibi vyose, mugabo impembo yanje iri kumana w’ibiremwa vyose
  165. Mbega mwebwe murangura amabanga yabubatse n’abagabo nkamwe mubiremwa vy’imana
  166. Mukareka abo Umuremyi wanyu yabaremeye mubagore banyu, mu vy’ukuri mwebwe muri mubantu mwarenze uburimbi
  167. Nabo bamwishura bati:- nutareka kutubuza wewe Lutwi (iii) ntankeka wewe uzoba uri mubantu bazokwirukanwa ngaha muri iki gisagara turimwo
  168. Nawe abishura ati:- mu vy’ukuri jewe ndimu bantu banka cane ivyo bikorwa vyanyu bigaritse vy’umwanda
  169. Muremyi wanje nundokore n’aba bantu banje kuri ibi bintu bariko baragira
  170. Natwe duca turamurokora n’abantu biwe bose
  171. Dukuyemwo umutamakazi yari mubicara inyuma y’abandi bose
  172. Hanyuma duca turabahonya b’abandi
  173. Duca tubamanurira imvura y’isegenya mbi cane, nayo yari iyaba gabishijwe
  174. Ntankeka ibi vyose harimwo ibitekerezo, mugabo benshi muribo ntibari mubantu bemera Imana yabo y’ukuri
  175. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije
  176. N’abantu bo mukibira nabone barahakanye intumwa z’Imana
  177. Mugihe intumwa y’Imana Shuebu (iii) yababwira ati:- mbega mwebwe ntimutinya Imana yanyu
  178. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe
  179. Nimutinye Imana yanyu kandi mu ngamburukire
  180. Kandi sindabasaba impembo iyariyo yose, mugabo impembo yanje iri kumuremyi w’ibiremwa vyose
  181. Nimwuzuze igipimo neza mugabo ntimube mubantu bagabanya kuri ivyo bipimo
  182. Kandi mupime kuminzani y’ukuri
  183. Kandi ntimuba gabanirize abantu kubintu vyabo, kandi ntimugendere kuri iy’Isi namwe muri mu bantu b’abononyi
  184. Nimutinye uwabaremye hamwe n’ibiremwa vyabayeho vyose
  185. Nabo bavuga bati:- mu vy’ukuri wewe uri mubantu barozwe
  186. Na wewe ntiwari bwabeho, mugabo uri mubantu nkatwe, mu vy’ukuri twebwe tukubona nkuko uri mu bantu b’ababeshi
  187. Rero nutumanurire ibimanyu vy’amajuru niwaba uri mubantu bavugisha ukuri
  188. Nawe abishura ati:- Umuremyi wanje niwe afise ubumenyi buhagije bw’ivyo muriko muragira
  189. Baramwihakanye baca bahura n’ibihano vy’umusi w’igitutu, ntankeka ivo vyari ibihano vy’umusi uhambaye
  190. Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibitekerezo mugabo benshi muribo ntibari mubantu bemera Imana yabo y’ukuri
  191. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije
  192. Ntankeka iyi Qur’aani ntagatifu nimanurwa ry’Umuremyi w’ibiremwa vyose
  193. Yamanuye ibi vyose nukunagura intahe y’ukuri kandi yizigigwa
  194. Hejuru y’umutima wawe kugira ngo ube mu bantu batuza
  195. Mururimi rw’icarabu rutomoye neza ruri k’umugaragaro
  196. N’ibi vyose biri mubitabu vy’aho hambere
  197. Mbega nticari ikimenyetso kuribo yuko ibi vyose muncabwenge zabene Israeri babizi
  198. Nk’iyo tumanurira kuri umwe muribo atari mubwoko bw’Abarabu
  199. Agaca abasomera ayo majambo ntibari kuba mubemera bimwe vy’ukuri
  200. Uku rero niko twinjiza mumishaha y’abantu babi
  201. Nabo ntibazo kwemera kugeza aho bazobona ibihano bibabaza
  202. Rero bazoshikirwa n’ivyo bihano giturumbuka nabo batabizi
  203. Bazovuga bati:- mbega twebwe tuzoronswa akanya
  204. Mbega bahimiriza kubihano vyacu
  205. Ubibona gute nk’iyo twobanezereza nk’imyaka myinshi
  206. Hanyuma ivyo bihano bibashikire nkuko bavyemerewe
  207. Bizobamarira iki muvyo banezerejwe
  208. Kandi ntitwahoneje igisagara icarico cose, n’uko hari abatuza abantu
  209. N’icibutso mugabo ntitwari mubahemukiye imitima yacu
  210. Nayo mashetani ntiyamanutse n’iyi Qur’aani ntagatifu
  211. Kandi ntibiba kuribo kandi ntibabishoboye
  212. Ntankeka barazitiwe mukwumva
  213. Rero ntuze usabe iyindi Mana hamwe n’Imana y’ukuri kugira ngo ntuze ube mu bantu bazohanwa n’Imana
  214. Utuze abantu bawe muri kumwe nabo n’abari hafi yawe
  215. Kandi wunamike ibaba ryawe kuri urya agukurikira muri barya bakwemeye
  216. Nibiyonkora wewe nuvuge uti:- jewe ndikure yivyo muriko muragira
  217. Kandi wizere Umuremyi wawe gusa afise ububasha n’Impuhwe zihagije
  218. Kuko ariwe akubona aho uhagaze hose
  219. N’ihindagurika ryawe ryose hamwe n’abapfukama bose bashize imitwe yabo hasi
  220. Mu vy’kuri Imana niyo yumva kandi niyo nyene ubumenyi buhagije
  221. Mbega ndababwire mubo Amashetani yama amanukirako
  222. Amanukira k’umuntu mukuru wumwadukizi w’ikintu afise ibicumuro bininiya cane
  223. Babashikiriza amajambo bumvise, mugabo benshi muribo n’ababeshi gusa
  224. N’abategura amajambo y’ubuhizi bakurikiranwa n’abantu bazimiye
  225. Mbega ntubona yuko abo bantu bakikuza kumpande zose
  226. Nabo bakavuga yuko aribo bavuga ivyo badashobora gushira mungiro
  227. Dukuyemwo abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza nuguhayagiza Imana kenshi na kenshi nukwihorana mugihe bahemukiwe ivyabo, n’ubu vuba mu bantu bahemukira abandi bazomenya ihindagurika ry’ingene bazo hindagurika