23.The Believers

  1. Mu vy’ukuri aba Isilamu batsinze
  2. Kubera yuko mumasengesho yabo baba bari abagamburutsi
  3. Nibo bita kure y’ibintu atakamaro bibafitiye
  4. Nibo n’imperezwa zabo bazitanga ukuri kwama
  5. Nibo n’ibitsina vyabo babikingira
  6. Dukuyemwo abakenyezi babo, canke kuri barya bantu batunzwe n’amaboko yabo y’iburyo, abo nibo badatabwako umwikomo
  7. Uwushaka ibitari ibi abo nibo bazoba barenze imbibe zagenywe
  8. Nabafise ivyabo hamwe n’amasezerano yabo bayacungera neza
  9. N’amasengesho yabo barayakingira
  10. Abo nibo basamuragwa
  11. Abazorarwa ijuru nibo bazoribamwo mubuzima bwabo bwose
  12. Mu vyukuri twaremye ikiremwa muntu mw’ivu ryiza
  13. Hanyuma tumurema mw’ima ry’intanga ryashinguwe mugitereko kibitswe ahantu heza
  14. Hanyuma tugira iryoma ry’intanga kuba ikimanyu c’amaraso hanyuma tugira ico kimanyu c’amaraso kuba ikimanyu c’inyama, hanyuma tugira ico kimanyu c’inyama kuba amagufa, nayo magufa duca tuyambika inyama hanyuma duca tumugira ikindi kiremwa, rero haninahazwa Imana ariwe muremyi mwiza w’abaremyi
  15. Hanyuma mu vy’ukuri mwebwe munyuma y’ibi vyose mwese muzoba abapfu
  16. Hanyuma mu vy’ukuri mwebwe k’umusi w’imperuka muzozurwa
  17. Mu vy’ukuri twararemye hejuru yanyu amayira indwi natwe ntitwari kuba kubiremwa vyacu ngo nabibagiwe
  18. Twaramanuye kuva mubicu amazi ahagije nukuyashikana kw’isi, ntankeka ni twebwe dufise ubushobozi bwukuyakuraho
  19. Kubera ayo mazi twarabagiriye imirima y’ivyamwa vy’imitende hamwe n’imizabibu, nukuronkeramwo ivyamwa vyinshi no murivyo nivyo mufungura
  20. N’igiti kivuye k’umusozi witiriwe Siynaai, gikuramwo amavuta hamwe n’inyama kubazifungura
  21. Mu vy’ukuri mwebwe murafise icigwa kininiya kubijanye n’ibikoko tuba nyweshereza mubiri munda zavyo, nukuronka murivyo amavuta menshi n’ibindi navyo nivyo mwikenura
  22. No hejuru yavyo no hejuru y’amato muhekwako
  23. Ntankeka twebwe twararungitse intumwa y’Imana Nuhu (iii) ku bantu biwe nukuvuga ati:- emwe bantu banje, nimusenge Imana yanyu y’ukuri kuko ntayindi Mana ihari atariyo yonyene rudende gusa, mbega mwebwe ntabwoba mufise
  24. Abakuru b’abahakanyi b’Imana y’ukuri muribo baravuze bati:- ntiyari kuba uyu Nuhu (iii) atari uko ari umuntu nkamwe agomba kwironderera iteka hejuru yanyu niyaba Imana ibishaka mu vy’ukuri yari kumanura Abamarayika kuko twebwe ntitwumvise ibi vyose kubavyeyi bacu baho hambere
  25. Ntiyari kuba uyu mugabo n’umuntu afise ibisazi, rero nimu murindire kugeza kumwanya wiwe
  26. Intumwa y’Imana Nuhu (iii) yavuze iti:- Muremyi wanje, nuntabare kuko abanje baramaze kumpakana
  27. Rero twaramushikirije ubutumwa yuko yotegura ubwato imbere y’amaso yacu no kubutumwa bwacu, rero nihashika itegeko ryacu harimwo n’itanuri ry’umwuzurire w’amazi, aho niho uzoca winjira muri ubwo bwato n’ibintu bibiri bibiri vy’ubwoko bwose hamwe n’abantu bawe bose dukuyemwo abo ijambo rizoba ryaciyeko hejuru yabo muribo kandi ntumvugishe kubijanye n’abahemukiye imitima yabo, ntankeka abo bantu bazokwibizwa mumazi
  28. Niwaruhuka hamwe nabo muzoba muri kumwe muri ubwo bwato nuce uvuga uti:- turakengurukiye Imana yaturokoye nabo bantu bahemukiye imitima yabo
  29. Nuvuge uti:- Muremyi wanje numanure kw’imanuro ry’imigisha yawe kuko ari wewe mwiza w’imanuro
  30. Ntankeka muri ibi vyose harimwo icirwa kininiya, mu vy’ukuri ni twebwe tugirira abantu ibibazo
  31. Hanyuma twarazanye inyuma yabo abandi bantu
  32. Tubarungikira intumwa z’Imana zo muribo zibabwira ziti:- nimusenge Imana yanyu y’ukuri kuko atayindi Mana mufise atariyo yonyene rudende gusa, mbega mwebwe ntimuyitinya
  33. N’abakuru bo mu bantu biwe barahakanye Imana y’ukuri nukutemera ihuriro ry’umusi w’umuhero w’Isi, tubaha n’amatungo y’ubuzima bwo ng’aha kw’Isi baca bavuga bati:- ntiyari kuba uyu muntu nuko ameze nkamwe kuko n’umuntu afungura muvyo namwe mufungura, nukunywa akanywa muvyo munywako
  34. Nimwamu gamburukira umuntu ameze nkuyo muzoba muri mu bantu b’uruhombo
  35. Mbega abemerera yuko mugihe muzosandaba nukuba ivu n’amagufa, yuko muzozurwa
  36. Ntibizobaho ivyo mwemererwa
  37. Ntakindi atari ubu buzima bwacu bwo ng’aha kw’Isi butuma dupfa n’ukubaho, ntakindi kandi natwe ntituri mubantu bazozurwa
  38. Ntiyari kuba uyu atari uko ari umuntu abeshera Imana natwe ntitumwemera
  39. Avuga ati:- Muremyi wanje nuntabare kubera yuko bampakanye
  40. Ivuga iti:- mumwanya mutoyi isase bazoba bari mumaganya
  41. Baca bahonywa n’ijwi ry’ukuri, nukubagira nk’umwavu, rero iryo honywa ryabo ryarabashikiye abo bantu bahemukiye imitima yabo
  42. Hanyuma munyuma yabo twaciye tuzana abandi bantu
  43. Nta bantu bashobora gutanguza isanganya ryayo canke kuritebesha
  44. Hanyuma twararungitse intumwa zacu umwe inyuma y’uwundi, umwe muri iyo mirwi mugihe washikirwa n’intumwa yawo barayihakana duca tubakurikizako bamwe muribo n’abandi duca tubagira kuba arivyo biganiro kuribo, rero ihonywa ryabo bantu ryarabashikiye abo bantu batemera Imana yabo y’ukuri
  45. Munyuma twararungitse intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe na mwene wabo Haruna (iii) bafise n’ibitangaro hamwe n’ivyemezo biri k’umugaragaro
  46. Nokwa Fir’auni n’abategetsi biwe bakuru bakuru mugabo bari mubantu bishima kandi b’amanyama
  47. Bavuze bati:- twaremye abantu bameze nkatwe bakaba kandi bari muncuti zabo kandi bari mubaja bacu
  48. Rero barabahakanye icese nukuba mubantu bahonejwe
  49. Ntankeka rero twarahaye intumwa y’Imana Mussa (iii) igitabu kugira ngo bashobore kurongoka
  50. Twaciye tugira umwana wa Mariyamu (iii) hamwe nanyina wiwe kuba ari ikimenyetso nukubaha ubuhungiro bwokuja ahantu hataramutse h’umutekano ntangere hamwe n’isoko ry’amazi
  51. Mwebwe ntumwa z’Imana, nimufungure ibifungurwa vyiza kandi mugire ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri jewe ndafise ubumenyi bw’ivyo mugira vyose
  52. Mu vy’ukuri aba bantu banyu n’abantu bamwe, nanje nd’Umuremyi wanyu, rero nimuntinye
  53. Mugabo bararicagaguye ijambo ryabo ryari hagati yabo barishira kure na kure, hanyuma umurwi umwe umwe waranezerejwe nivyo bafise
  54. Ni mubareke nuko kutibuka kwabo kugeza kugihe cagenywe
  55. Mbega bariyumvira muvyo twabahaye mumatungo hamwe n’ibibondo
  56. Egome, tubatanguriza kubaha mubintu vyiza mugabo ntavyo bazi
  57. Mu vy’ukuri abo batinya Umuremyi wabo n’abagamburutsi
  58. Nabo amajambo y’Umuremyi wabo bayemera
  59. Nabo Umuremyi wabo batamu gereranya n’ibindi bintu
  60. Nabo batanga muvyo bahawe n’Imana, mugihe imitima yabo itinya kubera yuko bazosubizwa ku Muremyi wabo
  61. Abo bose nibo bagira umwete w’ibikorwa mubintu vy’ineza kandi nibo baja imbere muri ivyo bikorwa
  62. Natwe ntiduhatagiza umutima w’umuntu atari nkuko wifashe wonyene kandi turafise igitabu kivugisha ukuri, rero ntibazo hemukirwa
  63. Mugabo imitima yabo isamajijwe nivyo nyene kandi barafise ibikorwa bagira bitari ivyo
  64. Kugeza aho tuzoba hamagarira mubihano bamwe muba nezereza babo, aho niho bazokoma induru
  65. Ntimukome induru kuri uno musi, ntankeka mwebwe ntimuzofashwa na twebwe
  66. Mu vy’ukuri amajambo yanje yarasomwa kuri mwebwe mugabo mwaca musubira inyuma n’ibitsintsiri vyanyu
  67. Mwishima muganira mw’ijoro kuri iyi Qur’aani muyikengera
  68. Mbega ntibiyumviriye ijambo canke bashikiriwe n’ibitashikiye abavyeyi babo baho hambere
  69. Canke ntibamenye intumwa yabo kukaba arico gituma bamuhakana
  70. Canke bavuga yuko ari umusazi ahubwo yabashikiye munzira y’ukuri kandi benshi muribo nabanka ukuri aho kuri
  71. Iyo hakurikizwa ukuri ivyo bipfuza vy’Amajuru n’Isi vyari kwononekara hamwe n’ibiri murivyo vyose, mugabo twarabazaniye icibutso cabo nabo bagishira kure nico cibutso cabo
  72. Canke urabasaba impembo, mugabo impembo y’Umuremyi wawe niyo nziza gusumba, nayo niyo nziza mubatanzi b’imigisha yayo
  73. Mu vy’ukuri wewe ubahamagarira munzira igororotse
  74. Na bamwe batemera umusi w’umuhero w’Isi bari kure niyi nzira igororotse
  75. Naho twari kubasabira impuhwe nukubakurira ingorane zabo bafise ntankeka bari kubandanya muri iyo nzira y’ubuzimire bwabo naho borengana bari muri ayo mabi yabo barimwo
  76. Mu vy’ukuri twarabahanye mugabo ntibigeze batumbera ku Muremyi wabo canke ngo bayigamburukire
  77. Kugeza aho twabugurira umuryango w’ibihano bikaze cane, aho niho baciye bihebura
  78. Nayo niyo yabaremeye amatwi n’amaso hamwe n’imitima, mugabo nibakeyi cane bashima
  79. Nayo niyo yabakwirije kuri iy’Isi kandi n’iwe niho muzokoranywa
  80. Nayo niyo irema igatako ikica, n’ihindagurika ry’ibintu vyose haba ihindagurika ry’Ijoro canke ihindagurika ry’Umutaga vyose nirwiwe, mbega mwebwe ntimutegera
  81. Ahubwo bavuga yuko ivyavuzwe n’abantu baho hambere
  82. Bavuze bati:- mbega nitwasandaba n’ukuba ivu n’amagufa masa, niho tuzozurwa
  83. Twaremerewe aho hambere ibi vyose twebwe hamwe n’abavyeyi bacu, mugabo ibi vyose ntivyabayeho mugabo n’inkuru z’ububeshi zabaho hambere
  84. Nuvuge uti:- iy’Isi turiko n’ibirimwo vyose nivyande? Nimwaba muzi n’ikintu nakimwe
  85. Nabo bazokwishura bati:- ni vy’Imana, na wewe nuvuge uti:- mbega mwebwe ntimwibuka
  86. Vuga uti:- ni nde muremyi w’Amajuru yose uko ari indwi n’Umuremyi w’inyegamo yiwe y’iteka
  87. Bazokwishura bati:- ni vy’Imana nawe nubishure uti :- mbega ntimuyitinya
  88. Vuga uti:- ni nde mukuboko kwiwe harimwo ubwami bw’ibintu vyose, nawe akaba ariwe acungereye ibintu vyose, kandi ntagicungerewe gusumbawe nimwaba mufise ubumenyi buhagije
  89. Nabo bazokwishura bati :- ubwo bubasha nubw’Imana nawe nuvuge uti :- none ni kuki muhendwa gutyo
  90. Ahubwo twabazaniye ukuri kwama, mu vy’ukuri abo bantu n’ababeshi
  91. Imana ntiyihaye ikibondo, kandi ntiyari kumwe n’iyindi Mana, iyo biba gutyo ku Mana iyariyo yose yari kwitwarira muvyo yiremeye nabamwe muribo bari kunanirana n’abandi, Imana rero iri kure n’iryo hayagizwa bayihayagizako
  92. Niyo nyene ubumenyi bw’ibiri mumbari hamwe n’ibiboneka, kandi niyo nyene iteka gusumba kuri abo bayi gereranyako n’ibindi bintu
  93. Vuga uti:- Muremyi wanje, iyo unyereka ibihano vyabo wemereye mubantu babi
  94. Muremyi wanje, ntunshire mu bantu bahemukiye imitima yabo
  95. Mu vy’ukuri twebwe mukukwereka ivyo twabemereye, turafise ubushobozi bwavyo
  96. Nukure ibintu bibi mukuriha ibikorwa vyiza, kuko twebwe turafise ubumenyi bw’ivyo bavuga vyose
  97. Kandi uvuge uti:- Muremyi wanje, ndikinze kuri wewe kubera amosha mabi y’amashetani
  98. Kandi ndikinze kuri wewe Muremyi wanje kugira ngo ntibanyice
  99. Kugeza aho umwe muribo ashikirwa n’urupfu akavuga ati :- Muremyi wanje, nunsubize kw’Isi
  100. Kugira ngo nkore ibikorwa vyiza vy’ubu, aho gukora ivyo nasigaje inyuma, oya ! mu vy’ukuri iri n’ijambo gusa uvuga kubwawe n’imbere yabo hariho ubundi buzima inyuma y’urupfu kugeza k’umusi wukuzurwa kw’abantu
  101. Mugihe hazovuzwa inzamba, aho niho hatazoba ubucuti hagati yabo kuri uwo musi kandi ntawuzobaza uwundi
  102. Nayo bamwe hazoba kuminzani y’ibikorwa vyabo biremereye, abo nibo bene intsinzi nyakuri
  103. Nayo abazoba bafise kuminzani yabo ihoyahoya abo bantu nibo bataye imitima yabo muruhombo n’ubwicaro bwabo nubwo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu
  104. Uwo muriro uzobabura amaso yabo nabo bazoba bari muriwo bahekenya amenyo yabo kubera ibihano bikaze cane
  105. Mbega ntamajambo yanje mwamye musomerwa namwe mugaca muyahakana
  106. Bavuze bati :- Muremyi wacu, twebwe twararengewe n’amabi yacu nukuba mubantu batakaye
  107. Muremyi wacu, nudukure muri uwu muriro udahera, nitwasubira kugira ibindi bicumuro tuzoba twarahemukiye imitima yacu
  108. Imana ivuga iti:- nimugume muriwo kandi ntimumvugishe
  109. Ntankeka hari umurwi w’abantu banje wavuga uti :- Muremyi wacu twebwe turemeye mugabo nutugirire ikigongwe n’Impuhwe zawe, kuko ari wewe mwiza w’impuhwe zose
  110. Mugabo mwebwe mwaraba jajuriyeko kugeza naho babibagiza kunyibuka kandi mwahora mubatwenga
  111. Mu vy’ukuri uno musi ndabahemvye Ijuru kubera ukwihangana kwanyu, kandi ntankeka abo bantu nibo bene intsinzi
  112. Imana izovumera iti:- mbega mwabaye kw’Isi imisi ingana gute muharuye kurugero rw’imyaka
  113. Bazokwishura bati:- twebwe twicaye ngaha kw’Isi umusi umwe gusa canke igice cawo, rero nimubabaze abagira ibiharuro
  114. Izobishura iti:- mwebwe ntimwabaye kw’Isi atari ikiringo kigufiya gusa iyo muba mubizi
  115. Mbega mwiyumviriye yuko twabaremeye ubusa yuko mutazosubizwa iwacu
  116. Haninahazwa Imana Umwami w’ukuri kuko atawundi asengwa bimwe vy’ukuri atariwe wenyene rudende gusa, Umuremyi w’inyegamo ry’iteka rihagije
  117. Nayo uwuyisenga hamwe n’Imana n’iyindi Mana nawe akaba atavyemezo afise kuri ibi, ntankeka iharurwa ryiwe riri ku Muremyi wiwe, mu vy’ukuri abahakanyi b’Imana y’ukuri ntaco bazoshikako
  118. Nawe nuvuge uti:- Muremyi wanje, nugirire ikigongwe uteko ubahe n’impuhwe zawe kuko ari wewe mwiza wizo mpuhwe