22.The Pilgrimage

  1. Mwebwe bantu, nimutinye Umuremyi wanyu, mu vy’ukuri igigimanga ry’umusi w’umuhero w’Isi n’ijambo rihambaye cane
  2. Umusi muzobona uwo muhero w’Isi umukenyezi uwariwe wese yonsa azokwibagira ikibondo yonsa, n’uwufise imbanyi akazo kwibaruka imbanyi yiwe hataragera, hanyuma ukazobona abantu baborewe mugabo nabo bataborewe mugabo bikazoba ari ibihano vy’Imana bikaze cane
  3. No mu bantu bawe baharira kubera Imana atabumenyi bafise, bagakurikira inyosha mbi za shetani yiyonkoye
  4. Yandikiwe kuriwe yuko uwuzo cudika nayo mu vy’ukuri izomu takaza nukumu rongora mubihano vyo mumuriro udahera ukaze cane
  5. Mwebwe bantu! Ni mwaba mufise amakenga kubijanye n’ukuzurwa kwanyu ni mwitegereze ingene twabaremye, mu vy’ukuri twabaremye tubakuye mw’ivu, hanyuma tuguma tubarema muntanga, hanyuma kuba ikimanyu c’amaraso, hanyuma kuba ikimanyu c’Inyama caremwe nikitaremwe kugira ngo tubamenyeshe ubushobozi bwacu, natwe twicarika munda y’umuvyeyi ico twishakiye kukiringo cagenywe, hanyuma tukaba kuramwo muri uruyoya, hanyuma tukabarera kugirango mushike mubigero vyanyu, rero hariho abitaba umuremyi wabo batara shikana ivyo bigero no muri mwebwe harimwo abasubizwa mubuzima buteye agahinda kugeza naho adashobora kumenya ikintu icarico cose mugihe yari afise ubumenyi bukwiye, kandi ukayibona Isi ihumuye n’agacerere ntangere mugabo tuyimanuriye ko amazi ikanyiganga nugukura hamwe nukunagisha ubwoko bw’ibiterwa vyiza bitandukanye
  6. Ivyo vyose nukubera yuko Imana iriho, kandi niyo izura abapfuye, kandi niyo ifise ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
  7. Nuko umuhero w’Isi uzoshika, kandi ntankeka kuri ivyo, kandi mu vy’ukuri Imana izozura abari muntatemwa zabo
  8. Nomu bantu harimwo abaharira kubijanye n’Imana atabumenyi bafise, canke uburongozi, canke igitabu kidafise umuco ukwiye
  9. Abahindura amazosi yabo kugira ngo bazimize abantu munzira y’Imana, abo bantu bazoteterezwa ngaha kw’Isi, hanyuma tuze tubahonjeshe umwe muribo k’umusi w’umuhero w’isi ibihano biturira cane
  10. Ibi vyose n’ukubera ivyo amaboko yawe yatanguje, kandi ntankeka Imana ntihemukira abantu bayo
  11. Nomu bantu harimwo abasenga Imana yabo y’ukuri biherereye bashikiwe n’ineza bagaca bahumura kuriyo, mugabo bashikiwe n’ivyago ubabona mumaso yiwe hahindutse kuko yaronse uruhombo rwo ngaha kw’Isi no mw’Ijuru, urwo nirwo ruhombo ruri k’umugaragaro
  12. Barabasaba abatari Imana atanabi zibagirira canke ataco zibamarira, ubwo rero nibwo buzimire buri kure y’ukuri
  13. Barabasaba muri bamwe atankeka inabi yabo iri hafi cane gusumba ineza yabo, mu vy’ukuri abo n’ivyitso bibi kandi n’abagenzi babi ata kamaro bafitiye uwariwe wese
  14. Ntankeka Imana izokwinjiza bamwe bayemeye bimwe vy’ukuri nukugira ibikorwa vyiza mumirima icamwo inzuzi imbere yabo, mu vy’ukuri Imana igira uko yishakiye
  15. Uwikeka yuko Imana itazo mutabara ngaha kw’Isi no mw’Ijuru, nazinge umugozi awushire hejuru hanyuma yiyahure, hanyuma arabe n’ingeso ziwe yuko zishobora gukura ivyamu shavujije
  16. Uku niko twamanuye iyi Qur’ani ntagatifu kugira ngo abe ari amajambo ari k’umugaragaro, ntankeka Imana irongora uwo yishakiye
  17. Mu vy’ukuri abemeye Imana yabo y’ukuri nabo ari Abayahudi hamwe n’Abasaa’ibu n’Abakirisu hamwe n’aba Majusi hamwe n’abagereranya Imana n’ibindi bintu, mu vy’ukuri Imana izobacira urubanza ruri hagati yabo k’umusi w’imperuka, mu vy’ukuri Imana niyo cabona iri hejuru y’ibintu vyose
  18. Mbega ntubona yuko Imana ipfukamirwa n’ibiri mumajuru yose hamwe n’ibiri kw’Isi, hamwe n’Izuba n’Ukwezi n’Inyenyeri hamwe n’Imisozi n’Ibiti n’Ibikoko hamwe n’abantu benshi muribo, na benshi muribo bategekanijwe kuronka ibihano vy’Imana, n’uwo Imana yatetereje ntawundi muntu ashobora kumuha urupfasoni, mu vy’ukuri Imana igira ivyo yishakiye
  19. Aba bantu batumvikana uko ari babiri kubera Umuremyi wabo, rero bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bazokwambikwa impuzu z’umuriro hanyuma basukirwe hejuru y’imitwe yabo amazi y’amarike
  20. Kubera ayo mazi hazoshushwa ibiri munda zabo no kunkoba z’imibiri yabo
  21. Kubera abo bantu hazoba hateguwe amahiri y’ivyuma
  22. Uko bazo gerageza gusohoka kuva muri uwo muriro udahera kubera ububabare bwawo, bazoca basubizwa muriwo babwirwe bati:- nimuhonje ibihano biturira
  23. Mu vy’ukuri Imana izobinjiza bamwe bayemeye bimwe vy’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, hanyuma bace baronswa imirima icamwo inzuzi imbere yabo muri iyo mirima bazokwambikwa imyambaro yo mw’Ijuru izoba ihwahutse cane
  24. Bazoyoborwa n’amajambo meza bateko hanyuma bayoborwe munzira ya mw’ijuru nyene kuninahazwa hose
  25. Mu y’ukuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri n’ugukingira abandi bantu munzira y’Imana, nugukingira abandi kwinjira mungoro y’Imana yaninahajwe ariwo twagize baba ngaho muri ico gisagara hamwe n’ingenzi, n’uwuzo kwipfuza kugira ububisha bwiwe muri iryo sengero muguhemukira umutima wiwe rero tuzomuhonjesha ibihano bibabaza cane
  26. Mugihe twicarika intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) kuri yanyubakwa ntagatifu duca tumubwira duti:- ntugereranye Imana n’ibindi bintu kandi usukure iyi nyubakwa yanje kubera abayikikuza hamwe nababa ngaho hamwe n’abunama n’abapfukama
  27. Nubwire abantu kubijanye n’inkuru z’urugendo rutagatifu rwitiriwe Ihidja, uzoca ushikirwa n’abantu baje kumaguru yabo no hejuru y’ibikoko binamvye kubera uburuhe bwo munzira bavuye mumihingo yose yakure
  28. Kugirango birabire akamaro kivyo bagira muguhayagiza izina ry’Imana y’ukuri kumisi izwi kubera ivyo Imana yabahaye, navyo n’ibikoko bifise amaguru ane, rero nimufungure kuri ivyo bikoko kandi muhe kuri ivyo bifungurwa kubabikeneye aribo bantaho nikora
  29. Hanyuma bisukure kumwanda wabo, hanyuma bakwize muvyipfuzo vyabo vyose bace bakikuza ingoro y’Imana ntagatifu yakera narindi
  30. Uku rero bibe k’umuntu ahayagiza ibintu bitagatifu vy’Imana, kugira gutyo nivyo vyiza imbere y’Umuremyi wawe, rero mukaba murekuriwe kubikoko vyose dukuyemwo ivyo musomerwa muri iki gitabu ceranda ca Qur’aani, rero nimwirinde n’umwanda w’amasanamu kandi mwirinde n’imvugo z’ububeshi
  31. Mube abera imbere y’Imana mutayigereranije n’ibindi bintu, rero uwuzoyigereranya n’ibindi bintu ni nkaho azoba avuye mw’ijuru hanyuma inyoni nazo zigaca zimwirukako canke umuyaga nawo ugaca umuta ahantu hakure cane
  32. Uku rero kuwusonera ibimenyetso vy’Imana ivyo n’ibintu vy’uwutinya Imana biri k’umutima w’umuntu
  33. Murabifitiyemwo akoyokwe kugeza k’umusi wageneweko, hanyuma ibagiro ryaho riri hafi y’inyubakwa ya kera cane
  34. N’imirwi y’abantu twarayiteguriye ahantu h’ibagiro ry’ivyo bitungwa vyabo bijanye n’amasengesho, kugira ngo bahayagize izina ry’Imana kubijanye nivyo bikoko bifise amaguru ane, rero Imana yanyu n’Imana imwe yonyene rudende, rero nimuce bugufi cane kuriyo, kandi mubabwire inkuru nziza kubantu bagamburukira Imana yabo
  35. N’abantu nkiyo havuzwe Imana, imitima yabo ica ijugumira, n’abigumya kubijanye nibibashikiye nuguhagarika amasengesho no muvyo twabahaye barabitanga
  36. N’Ingamiya twazigize kuba nk’ibimenyetso vy’Imana kuri ivyo murabifitiyeko ineza nyinshi cane, rero nimuhayagize izina ry’Imana kurivyo mugihe muhagaze mubitondesheje kumirongo mugomba kubibaga no mugihe bigwiriye kumbavu zavyo, rero ni mubifungure ko nuguhako abo bantu batemera Imana yabo y’ukuri babasavye hamwe n’abasegerezi mugabo badasaba uwariwe wese, uko rero niko twabagamburukije kubera mwebwe kugira ngo namwe mushobore gushima
  37. Izo nyama zabo ntizishikira Imana y’ukuri canke amaraso yazo mugabo zishikira umugamburutsi muri mwebwe, uku rero niko twabagamburukije kugira ngo bahayagize Imana kubera uku kubarongora, kandi ubashikirize ubu butumwa bwiza kubagira ineza
  38. Mu vy’ukuri Imana yama ikingira bamwe bayemeye bimwe vy’ukuri, ntankeka rero Imana ntikunda umuntu adashima kandi w’umuhakanyi wayo
  39. Harekuriwe gusa bamwe batewe kubera yuko bahemukiwe imitima yabo mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubushobozi bwukubafasha
  40. Abakuwe mungo zabo atakuri kurimwo mugabo kumpamvu yuko bavuze bati:- Umuremyi wacu niyo Mana, niyaba Imana itabakingiye abantu bamwe muribo, ntankeka abantu bari gusenyura amasengero n’ayandi masengero avugirwamwo izina ry’Imana mugihe cose, kandi ntankeka Imana niyo nyene ubushobozi n’intsinzi ihagije
  41. Abo twatsimbataje ngaha kw’Isi n’abahagarika amasengesho nugutanga imperezwa hamwe nugutegeka mukugira ibikorwa vyiza hamwe nugutuza amabi ayariyo yose aho aherereye, n’ingaruka ry’ibintu vyose niku Mana yonyene
  42. Nibaguhakana umenye yuko bahakanye abamyeho imbere yabo bantu b’intumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Aadi (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Thamudu (iii)
  43. N’abantu b’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) hamwe n’abantu b’intumwa y’Imana Lutwi (iii)
  44. N’abantu bo kwa Mad’yana hamwe n’intumwa y’Imana Mussa (iii) nabone baramuhakanye nca ndabaha ikiringo cabo bahakanyi b’Imana y’ukuri nca ndabashira muminwe yanje, mbega ibihano vyanje vyababereye gute
  45. N’ibisagara bingahe twahoneje vyamye bihemuka, hanyuma haca harwa hejuru y’ibisakazo vy’inzu zabo, n’amariba angahe y’amazi vyatawe hamwe n’amazu yari akoma komeye cane
  46. Mbega ntibagenda genda kuri iy’Isi kugira ngo baronke imitima n’ubwenge bwugutegera canke amatwi yukwumvirako, mu vy’ukuri amaso y’umuntu ntaronka ubuhumyi, mugabo imitima iri mubikiriza vy’abantu niyo ironka ubuhumyi
  47. Baraguhimiriza ngo ubazanire ibihano, mugabo Imana ntizota indagano yayo, mu vy’ukuri umusi umwe Kumuremyi wawe nink’imyaka igihumbi nkuko mwebwe muyiharura
  48. N’ibisagara bingahe nahaye isango mugihe bahemuka, munyuma ndabafata mukuboko kwanje n’iwanje niho abantu bose bazogarukira
  49. Vuga uti:- emwe bantu! ntakeka jewe kuri mwebwe ndimuba gabisha kandi mboneka neza k’umugaragaro
  50. Rero abemeye Imana yabo y’ukuri hamwe nukugira ibikorwa vyiza bazo girirwa imbabazi hamwe n’imigisha yabo y’iteka ntangere
  51. Nabarya bihangana muguhakana amajambo yacu abo nibo bantu bo mumuriro udahera
  52. Natwe ntitwigeze turungika imbere yawe intumwa y’Imana yahawe igitabu canke intumwa y’Imana itahawe igitabu cayo bwite, mugabo mugihe yasomye Shetani ica ishiramwo inzigo muri ivyo bisomwa vyiwe, mugabo Imana ica ikuramwo ivyo Shetani yashizemwo inzigo yavyo, hanyuma Imana igaca ikomeza amajambo yayo matagatifu, nayo niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
  53. Kugira ngo ikore ivyotera Shetani ingorane ziri hagati y’abantu bafise ingwara ziri mumitima yabo kandi nayo imitima yabo ikomeye cane, ntankeka mubahemukiye imitima yabo naba canamwo bimwe biri kure y’ukuri
  54. Kugira ngo bamenye abahawe ubumenyi yuko ari ivy’ukuri kuvuye Kumuremyi wawe kandi bayemere, kandi kugira ngo imitima yabo igamburuke, mu vy’ukuri Imana niyo ibarongora bamwe bemeye bimwe vy’ukuri munzira igororotse
  55. Bazoguma babandanya bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri kuba bari mumpungenge kugeza aho umuhero w’Isi uzobashikira giturumbuka canke bashikirwe n’ibihano vy’umusi atamahoro bizoba bibafitiye
  56. Ubwami bw’uwo musi buzoba ari ubw’Imana yonyene gusa ari nayo izocira urubanza ruri hagati yabo, rero bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikogwa vyiza, bazoba bari mumirima myiza ifise imigisha ntangere
  57. Nayo abahakanye Imana yabo y’ukuri nuguhakana amajambo yacu matagatifu abo bantu bazoronka ibihano bibatetereza
  58. Nabamwe bimutse kubera idini ry’Imana hanyuma bakicwa canke bagasandaba, ntankeka Imana izobahemba, mu vy’ukuri Imana niyo nziza isasagaza imigisha yayo kuri bose
  59. Izobinjiza ahantu bazo kwishima bonyene kandi ntankeka niyo ifise ubumenyi kandi niyo ntore
  60. Uku niko bimeze kuwihora nkuko yabigiriwe, hanyuma agahemukirwa ntankeka Imana izomufasha mu vy’ukuri niyo ifise ikigongwe n’impuhwe nyinshi zihagije
  61. Ibi vyose nukubera yuko Imana yinjiza Ijoro Mumutaga, nukwinjiza Umutaga mw’Ijoro, kandi Imana niyo yumva nukubona
  62. Ivyo vyose nukubera yuko Imana iriho, nabarya basenga ibintazi ivyo bintu ntashingiro bifise n’Imana niyo iri hejuru y’ibintu vyose kandi niyo nkuru
  63. Mbega ntubona yuko Imana imanura amazi avuye mubicu hanyuma Isi nayo igaca ihinduka ikaba urwatsi rutoto, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibintu vyinyegeje nibiri k’umugaragaro
  64. Nivyiwe wenyene mubiri Mumajuru yose n’ibiri kw’Isi vyose mu vy’ukuri Imana niyo nyene amatungo yose, hamwe n’ihayagizwa ryose niryo rimukwiriye
  65. Mbega ntiwabonye yuko Imana yagamburukije ibintu vyose kubera mwebwe bantu mubiri ngaha kw’Isi hamwe n’amato aca mubiyaga bininiya kw’itegeko ryayo kandi ikaba ariyo ifashe amajuru yose uko angana kugira ngo ntakoroke hejuru y’Isi atari kw’itegeko ryayo, mu vy’ukuri Imana kubantu bayo n’intungane kandi niyo ifise impuhwe zihagije
  66. Niyo yabaremye kandi niyo izobica, hanyuma izobazura, mu vy’ukuri ikiremwa muntu wese ntashima kungabirano yahawe n’Imana
  67. Abantu bose twarabahaye amasengesho ngenderwako bagirako mukuyagira, rero ntibahiganwe na wewe kuri ibi, rero kuri wewe nubashikirize ubu butumwa bw’idini bw’Umuremyi wawe, ntankeka ni wewe uri hejuru y’uburongozi bw’ukuri cane
  68. Nibabandanya baharira na wewe, nuce uvuga uti:- Imana yonyene niyo ifise ubumenyi bw’ivyo muriko muragira vyose
  69. Imana izocira urubanza ruri hagati yanyu k’umusi w’imperuka kubijanye n’ivyo mwahora mutumvikanako
  70. Mbega ntuzi yuko Imana ifise ubumenyi bw’ibiri mu Majuru no kw’Isi, ntankeka rero ibi vyose biri mugitabu cayo, mu vy’ukuri ibi vyose kumana n’ibintu vyoroshe cane
  71. Basenga ibitari Imana itamanukiyeko amategeko yayo kandi atabumenyi babifitiyeko n’abahemu bahemukiye imitima yabo ntibazoba bafise abafasha babo
  72. Mugihe basomerwa amajambo yacu matagatifu ari k’umugaragaro, uca ubona urwanko gwuzuye mumaso yabahakanye Imana yabo y’ukuri, nabo bakama begereje kubatera bamwe babasomera ayo majambo yacu matagatifu, rero nawe nuce uvuga uti:- mbega mwebwe ndababwire ibintu bibi gusumba ibi? N’umuriro udahera Imana yateguriye abantu bayihakanye, kandi n’ingaruka mbi cane kuribo
  73. Mwa bantu mwe! Haratangwa akarorero kuri mwebwe namwe nimutegere neza mu vy’ukuri barya musaba aho gusaba Imana y’ukuri, ntibashobora kurema n’Insazi naho mwokorana kuri uwo mugambi wukurema, naho iyo nsazi yobanyaga ikintu ntimushobora kwankira urwo rusazi ico kintu, uyu muntu yadebukiwe bimwe vy’ukuri k’uwushaka kunyaga hamwe n’uwushaka kunyagwa kuwushaka nuwushakwa
  74. Ntibaninahaza Imana nkuko bitegetswe mukuyininahaza, mu vy’ukuri Imana ntankeka niyo nyene ububasha n’intsinzi nyakuri
  75. Imana niyo itora intumwa zayo muba Marayika no mubantu bayo, mu vy’ukuri Imana niyo yumva nukubona
  76. Niyo ifise ubumenyi buhagije buri imbere y’ibiremwa vyiwe n’ibiri inyuma yavyo, no ku Mana niho hazogarukira ibintu vyose
  77. Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimusenge mwunamye kandi mupfukamye mushize imitwe yanyu hasi, kandi musenge Umuremyi wanyu muteko mugire ineza kugira ngo muronke intsinzi nyakuri
  78. Nimurwanire idini ry’Imana nkuko yabitegetse kuko ariyo yabatoye, kandi ntiyabashiriye hejuru yanyu ibintu biremereye mw’idini ikaba ariyo migenzo ya so wanyu Ibrahimu (iii) ariwe yabahaye izina rya Isilamu kuva kera na rindi, no muri ibi kandi mwiswe kuri iryo zina kugira ngo intumwa y’Imana ibabere icabona kuri mwebwe, namwe mube ivyabona kubantu bose, rero nimu hagarike amasengesho yanyu hamwe nugutanga imperezwa muteko mufatane munda kubera Imana yanyu, kuko niwe Muremyi wanyu, Umuremyi w’intungane ameze gute kandi umufasha mwiza ameze gute