21.The Prophets

  1. Hageze aho abantu iharurwa ryabo ry’umusi w’imperuka ryashitse nabo ataco bibuka n’uguhakana gusa
  2. Ntabutumwa bushasha buzobashikira buvuye ku Muremyi wabo atari uko babwumva nabo babifata minenegwe
  3. Imitima yabo yaribagijwe nabo bongorerana mumbari bamwe bahemukiye imitima yabo babwirana bati:- uyu Muhammadi (aui) atari uko ari umuntu nkamwe, noneho mwashikiye kuburozi namwe aho muri mwibonera
  4. Intumwa y’Imana Muhammadi (iii) yavuze iti:- Umuremyi wanje niyo ifise ubumenyi bwibivugirwa mw’Ijuru no kw’Isi, nayo niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
  5. Mugabo abahakanyi b’Imana bavuze bati:- ibi vyose n’indoto zivanganye n’izindi, ahubwo nivyo yigiriye kubwiwe, kandi uyu muntu n’umwanditsi yiyandikira amajambo y’ubuhizi gusa, rero natuzanire ibitangaro nkuko barungitswe izindi ntumwa z’Imana zaho hambere
  6. Ntibemeye abari imbere yabo aribo banyagihugu baba Qurayshi bo mugisagara icarico twahoneje, mbega aba bantu bazokwemera
  7. Ntitwaba rungitse imbere yawe atari abagabo twahaye ubutumwa, rero nimubabaze abacibuka nimwaba mwebwe mutabizi
  8. Natwe ntitwabahaye imibiri idafungura ibifungurwa, kandi ntibari kuba ari abantu bokubaho mubuzima bwabo bwose
  9. Hanyuma twarabemereye amasezerano nukubarokora hamwe nabo twishakiye, nuguhonya abamaze kurenga imbibe z’Imana
  10. Ntankeka twaraba manuriye igitabu, murico harimwo ubutumwa kuri mwebwe, mbega ntimutegera
  11. N’ibisagara bingahe twahoneje ku bantu bamye bahemukira imitima yabo, natwe munyuma duca turema abandi bantu
  12. Mugihe bikeka ibihano vyacu, mumwanya baciye batangura kwiruka
  13. Ntimwiruke ahubwo nimugaruke kuvyo mwahora mwinezereza ko mumazu yanyu kugira ngo mubazwe
  14. Nabo bavuga bati:- Oh! mu vy’ukuri twari mubahemukiye imitima yacu
  15. Haca habandanya ivyitwazo vyabo kugeza naho tubagira nk’abatemwe nukuzimwa impwemu zabo nugucikana
  16. Ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati nkugufyinata
  17. Iyo dushaka gufyinata twari kwigirira twebwe nyene nkiyo tuba dushaka gufyinata
  18. Ahubwo ivyo dushaka kugira nibi:- nuguta ukuri hejuru y’ikinyoma kugaca kumena ifufu ry’umutwe hanyuma ikinyoma kikazimangana, n’ibihano vy’Imana birabarindiriye kubera ibi vyose muvuga
  19. N’ibiri mumajuru yose no kw’Isi ni vy’Imana, n’abari iwe ntibishima mukuyi senga kandi ntibaruha
  20. Bayininahaza ijoro n’umutaga kandi ntibadebukirwa
  21. Canke baronse izindi Mana kw’Isi bakurikira
  22. Nkiyo hobayeho iyo mw’Ijuru no kw’Isi izindi Mana atari Imana y’ukuri, ntankeka ayo majuru n’Isi yari kwononekara, mugabo Imana irisukuye, Umuremyi w’inyegamo yayo hamwe n’ivyo bayihayagiza ko
  23. Imana ntibazwa ivyo ikora mugabo ibiremwa bantu bose nibo bazobazwa
  24. Canke bafashe aho bofashe izindi Mana nk’Imana y’ukuri, wewe vuga uti:- nimuzane ivyemezo vyanyu kuko ivyo ndababwira n’icibutso c’abari kumwe nanje, hamwe nabamweho imbere yanje, mugabo benshi muribo ntabumenyi bw’ukuri bafise, kuri ivyo ntibavyitayeho
  25. Ntawe ntitwa rungitse imbere yawe intumwa iyariyo yose mugabo twaramweretse yuko atayindi Mana isengwa atari jewe gusa, rero nimunsenge
  26. N’abahakanyi b’Imana bavuga bati:- nyene imigisha myinshi yigiriye ikibondo, Imana irisukuye ahubwo abo bamarayika n’abashumvyi b’Imana bafise iteka ntangere
  27. Ntibayitanguza ko ijambo, nabo bakorera kw’itegeko ryayo
  28. Niyo ifise ubumenyi bw’ibiri imbere yabo hamwe n’ibiri inyuma yabo, nabo Bamarayika ntibasabira uwariwe wese ku Mana atari uwo Imana yemereye ivyo bisabisho vyiwe, nabo kubera ukuyitinya baragamburuka
  29. N’uwuzovuga muribo ati:- jewe nd’Imana aho kubayo nyezina, uyo muntu tuzo muriha impembo y’umumuriro udahera witiriwe Jahannamu, uko rero niko duhemba abahemukiye imitima yabo
  30. Mbega ntibabonye bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri yuko Amajuru n’Isi vyose vyakurikirana hanyuma turabi tandukanya hanyuma tugira mubijanye n’amazi ubuzima bw’ibintu vyose, mbega ntimwemera
  31. Dushira kw’Isi imisozi, kugira ngo ntinyigange, hanyuma dushiramwo amayira aboneka ari k’umugaragaro kugira ngo abantu batumbere inzira bacamwo
  32. Hanyuma tugira Ijuru kuba ari urusenge ruzitiwe neza mugabo abahakanyi b’Imana y’ukuri bararengwa mukutemera n’ivyo bimenyetso vy’Imana
  33. Nayo niyo yaremye Ijoro n’Umutaga hamwe n’Izuba n’Ukwezi, rero ivyo vyose bireremba mumizingi y’avyo vyagenewemwo
  34. Natwe ntitwaremye ikiremwa muntu uwariwe wese w’imbere yawe ngo abe uwuzoramba burundu, none wewe niwasandaba nibo bazoramba mubuzima bw’abo bwose
  35. Umutima w’umuntu uwariwe wese uzohonja urupfu, kandi turaba gerageza mubijanye n’ishari hamwe n’amahoro, n’iwacu mwese niyo muzosubizwa yo
  36. Bakubonye bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri nta nakimwe bakugira, ahubwo bara kwimwenyura bavuga bati:- mbega uyu niwe avuga Imana zanyu nabi kandi abo nibo bahakana Imana nyene imigisha ihagije
  37. Umuntu awariwe wese yaremwe yihutirwa, ubu vuba jewe nzobereka ibimenyetso vyanje, kuri ivyo rero ntimumputagize
  38. Bavuga bati:- iri sango twemerewe ryuguhanwa rizoba ryari nimwaba muvugisha ukuri
  39. Iyo babimenya bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri mugihe batazokingira umuriro uzoba uri mumaso yabo canke mumigongo yabo kandi batazofashwa
  40. Ahubwo uzoba shikira giturumbuka kandi uze ubahendeshe hanyuma ntibazo shobora kuwusubiza inyuma canke ntibazohabwa ikiringo kanaka
  41. Ntankeka barakengereye intumwa z’Imana zabayeho aho hambere yabo, rero bamwe bakengereye izo ntumwa z’Imana muribo barashikiwe nivyo bahora bakengera ko
  42. Vuga uti:- ni nde ashobora kubakingira mw’Ijoro no k’Umutaga n’ibihano vy’Imana, mugabo kuribo ntibitaho mukwibuka Umuremyi wabo
  43. Mbega barafise izindi Mana zibakingira gusumba twebwe, none ntibashobora kwifasha bonyene, kandi ntibazo kingirwa natwe
  44. Ahubwo twaraba nezereje cane abo bahakanyi b’Imana y’ukuri hamwe n’abavyeyi babo kugeza naho ubuzima bwabo buba burebure kubera ivyo, mbega ntibabona yuko tugira kuri iy’Isi yabo nukugabanya imbibe zayo? Mbega nibo bene intsinzi
  45. Vuga uti:- jewe ndiko ndabatuza kumajambo y’ubutumwa bw’Imana, rero intumva ntizumva ubutumwa naho zotuzwa
  46. Naho bokorwako n’igice gitoyi gusa c’ibihano vy’Umuremyi wawe, ntankeka bovuze bati:- ibi bihano vyacu mu vy’ukuri twebwe twarahemukiye imitima yacu
  47. Natwe tuzo shiraho iminzani y’ukuri k’umusi w’imperuka n’umutima w’umuntu uwariwe wese ntuzo hemukirwa na gatoyi naho coba ico kintu gifise uburemere bw’igishishwa c’umutende tuzo bishikiriza natwe turahagije kuba abamenyi buguharura
  48. Mu vy’ukuri twarahaye intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Haruna (iii) igitabu gitandukanya n’umuco hamwe n’ubutumwa kubantu bagamburukira Imana y’abo y’ukuri
  49. N’abatinya Umuremyi wabo mugihe biherereye, kandi bagatinya n’umusi w’imperuka
  50. N’iyi Qur’ani n’ubutumwa bwahezagiwe twamanuriye kuri wewe, mbega mwebwe murabuhakana
  51. Mu vy’ukuri twarahaye intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) uburongozi bwiwe kuva kera kandi twari tumuzi neza
  52. Mugihe yabwira Se wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- mbega aya masanamu mwicarirako imisi yose muyasenga
  53. Nabo bamwishura bati:- twebwe twasanze basogokuru bacu bayasenga
  54. Nawe abishura ati:- ntankeka mwebwe hamwe nabaso banyu mwari mubuzimire buri k’umugaragaro
  55. Nabo bamwishura bati:- mbega waje ngaha ufise amajambo y’ukuri canke uri mubantu bafyinata
  56. Nawe abishura ati:- ahubwo Umuremyi wanyu n’urya muremyi w’Amajuru n’Isi yayaremye, nanje ndi muvyabona vyemeza ibi vyose
  57. Ndarahiye kw’izina ry’Imana yuko jewe nzoyagirira nabi aya masanamu yanyu nimwampa umugongo mugenda iyo mugenda
  58. Rero aca arasenyura yamasanamu yose ayagira ibimanyu manyu, asigaza ryasanamu rininiya muriyo kugira ngo barisubire mwo
  59. Bagarutse bavuze bati:- ni nde yagize gutya izi Mana zacu? Mu vy’ukuri uyu muntu ari mubahemu bakuru
  60. Baca bavuga bati:- twumvise umusore umwe yitwa Ibrahiimu (iii)
  61. Bati:- nimu murengutse imbere y’amaso y’ishengero ry’abantu bamubone neza kumabi yiwe
  62. Bavuga bati:- mbega ni wewe wagize gutya izi Mana zacu wewe Ibrahimu
  63. Nawe abishura ati:- Oya! uwabigize gutyo n’iri sanamu rikuru ryabo, rero nimuribaze yuko ashobora kuvuga kubijanye n’ibi bintu
  64. Baca bisubirako babaza imitima yabo nukuvuga bati:- mu vy’ukuri mwebwe mwamye muhemukira imitima yanyu
  65. Hanyuma baca bunamika imitwe y’abo hasi bavuga bati:- mu vy’ukuri uramaze kumenya yuko aya masanamu atavuga n’ikintu nakimwe
  66. Abishura ati:- mbega mwebwe musenga iyitari Imana ataco ibamarira n’ikintu na kimwe kandi ata nabi ibagirira
  67. Nimuceceke nivyo musenga biteye kubiri n’amasengesho y’Imana, mbega mwebwe ntimutegera
  68. Bavuga bati:- nimu muturire n’umucanwa kugira ngo murokore Imana zanyu nimwaba mwebwe muri mubagira ikintu nyaco
  69. Natwe duca tuvuga duti:- wa mukomezwa we! nube imbeho n’amahoro kubera intumwa y’Imana Ibrahiimu (iii)
  70. Bamusabiye inabi mugabo twaciye tubagira kuba aribo bene uruhombo
  71. Duca turamurokora hamwe n’intumwa y’Imana Lutwi (iii) tubajana mukindi gisagara twahezagiye kubera abantu bose
  72. Nayo intumwa y’Imana Ibrahiimu (iii) twamuhaye ikibondo citiriwe izina rya Is’haqa (iii) hamwe n’uwundi yitwa Ya’aqubu (iii) kuba ariwe mwuzukuru wiwe, na bose twaciye tubagira kuba ari abantu beranda
  73. Hanyuma turaba hezagira kuba indongozi ziyobora abandi bantu kw’itegeko ryacu, nukuba rungikira ubutumwa nukuba bwereka nukugira ineza hamwe n’uguhagarika amasengesho hamwe n’ugutanga imperezwa, kandi iwacu bamye ari abantu batu gamburukira
  74. Intumwa y’Imana Lutwi (iii) twaramuhaye amategeko n’ubumenyi nukumurokora n’abantu b’ico gisagara camye kigira amarorerwa mabi cane, ntankeka abo bantu bari abantu babi cane basenyura amategeko y’Imana
  75. Duca twinjiza iyo ntumwa y’Imana Lutwi (iii) mumihezagiro yacu, mu vy’ukuri yari mubagira ineza
  76. Kandi bibuke intumwa y’Imana Nuhu (iii) mugihe yashikiriza ubutumwa bwiwe aho hambere, natwe twaramwemerera, duca turamurokora hamwe n’abantu biwe mungorane niniya nkizo
  77. Twaramurokoye kubera abantu bahakanye amajambo yacu, mu vy’ukuri abo bantu bari abantu babi cane, duca tubibiza mumazi bose uko bangana
  78. Kandi ubibutse kubijanye n’intumwa y’Imana Daudi (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Sulaimanu (iii) mugihe baca urubanza kubijanye n’itongo mugihe zarisha muri iryo tongo intungwa z’abandi mw’ijoro, natwe kubera urwo rubanza twari ivyabona
  79. Duca tubwira intumwa y’Imana Sulaimanu (iii) n’umwe muribo twamuhaye intahe n’ubumenyi, hanyuma duca tugamburutsa imisozi yose hamwe n’intumwa y’Imana Daudi (iii) ihayagiza Imana, tugamburutsa n’inyoni nazone zigamburukira Imana hamwe nawe natwebwe nimubagira ivyo dushaka
  80. Duca twigisha intumwa y’Imana Daudi (iii) ingene yohingura impuzu z’ingwano kubera mwebwe, kugira ngo zibakingire mungwano zanyu, mbega muzoba muri mubantu bashima
  81. No kuntumwa y’Imana Suleimanu (iii) twara gamburukije umuyaga ukaze cane ugira kumategeko yiwe ngaha kw’Isi twahezagiye natwe nitwebwe dufise ubumenyi bw’ibintu vyose
  82. Twara gamburukije amashetani yibirira mumazi nukugirira ibindi bikorwa bitari ivyo, natwe twari muba bacungera
  83. N’intumwa y’Imana Ayyubu (iii) mugihe Umuremyi wiwe yamu hamagara avuga ati:- jewe nahuye n’ingorane, nawewe niwe ufise Impuhwe gusumba abandi batanga impuhwe
  84. Twaramwemereye nukumukurira ingorane yari afise, duca tumuha abantu biwe n’abandi b’akarorero nkabo bari kumwe nabo, n’impuhwe zivuye iwacu hamwe n’icibutso ciza kubantu bagira amasengesho yabo
  85. N’intumwa y’Imana Ismaili (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Idrissa (iii) hamwe na Dhul’kifli (iii) abo bose bari muntumwa z’Imana zitenyenya
  86. Duca twinjiza mumpuhwe zacu, kuko bari mubantu beranda
  87. N’uwitwa Dha-nnuni ariwe ntumwa y’Imana Yunusu (iii) mugihe yagenda nawe bamwihakanye abiwe nawe aca yiyumvira yuko twebwe tutazo mushobora, rero yaciye ahamagara ari mumwijima avuga ati:- ntawundi asengwa bimwe vy’ukuri atari wewe gusa uninahazwa, mu vy’ukuri jewe nari muba hemukiye imitima yabo
  88. Turamwakirira igisabisho ciwe nukumurokora mugahinda yarimwo, uku rero niko turokora abantu bemeye Imana yabo y’ukuri
  89. N’intumwa y’Imana Zakariya (iii) mugihe yahamagara Umuremyi wiwe avuga at:- Muremyi wanje ntunsige ndi jenyene, na wewe niwe mwiza wabasigirwa ibisigi
  90. Duca turamwemerera ibisabisho vyiwe nukumuha intumwa y’Imana Yahya (iii), nuguca dukiza umutambukanyi wiwe, ntankeka bari bafise umwete wukugira ineza nukudusaba n’ishaka ryinshi hamwe nugutinya, nabo bari bafise ubugamburutsi ntangere
  91. Nuwikingiye k’umutima wiwe nuguhuhera umutima wacu nukumugira ngo abe hamwe n’umwana wiwe kuba ari ibitangaro ku bantu bose
  92. Mu vy’ukuri aba bantu banyu n’abantu bamwe nanje ndi Umuremyi wanyu, kuri ivyo nimunsenge
  93. Nabo baca baradohoka kuri rino jambo ryabo riri hagati yabo, kandi nabo bazo garuka iwacu
  94. N’uwuzogira ibikorwa vyiza mugihe nawe ari umu Isilamu uyo muntu ntazo kwankirwa kumwete wiwe yagize, mu vy’ukuri ivyo yagize twebwe tuzovyandika
  95. Kirazira yuko igisagara twahoneje yuko abo bantu bazogaruka iwacu
  96. Kugeza aho hazobohorwa uwitwa Ya’ajuja na Ma’ajuja nabo bamanuka bava kumisozi yose
  97. Hazoshika kuri rya sango ry’ukuri, ari naho hazosokoka amaso y’abahakanyi b’Imana y’ukuri bavuga bati:- Yoh! Ntankeka twebwe twari mubiyibagiye nibi bintu, ahubwo twarahemukiye imitima yacu
  98. Mu vy’ukuri mwebwe hamwe nivyo musenga mukureka gusenga Imana yanyu y’ukuri, muzoba muri inkwi z’uwo muriro udahera witiriwe Jahannamu, namwe muzowu shikira
  99. Iyo aba ari izindi Mana, ntibari gushikirwa nuwo muriro witiriwe Jahannamu, n’ingene bangana bose bazoba bari muri uwo muriro udahera
  100. Muri uwo muriro udahera bazo komerayo induru, nabo muriwo ntibazo kwumva
  101. Mu vy’ukuri abo ineza yacu yashikiye, bazoba bari kure nuwo muriro udahera witiriwe Jahannamu
  102. Ntibazo kwumva isumo ryuwo muriro udahera witiriwe Jahannamu, nabo bazowubamwo mubuzima bwabo bwose kuvyo bipfuriza imitima yabo
  103. Ntuzoba tetereza ubwo bwoba buhanitse, n’Abamarayika bazoba sanganira bababwire bati:- uwu niwo wamusi wanyu mwamye muraganirwa
  104. Umusi tuzozinga amajuru nkakumwe tuzinga urupapuro twandikako, nkuko twatanguye irema ryambere niko tuzorisubira mwo kurigira, iyi n’indagano iri hejuru yacu kandi ntankeka nitwebwe tubigira
  105. Mu vy’ukuri twaranditse mugitabu c’Imana ca Zaburi munyuma yaho twandika k’urubaho rubitswe neza yuko iy’Isi izosigirwa abantu banje beranda
  106. Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ubutumwa ku bantu bagira amasengesho y’ukuri
  107. Natwe ntitwa kurungitse atari uko wobabera impuhwe ku bantu bose
  108. Vuga uti:- jewe sinahawe ubu butumwa atari uko Imana yanyu ari Imana imwe yonyene rudende gusa, mbega muremeye kuba aba Isilamu
  109. Nibatemera kuri ivyo wewe n’uvuge uti:- ndabamenyesheje bimwe vy’ukuri yuko jewe atabumenyi mfise bw’ibiri hafi canke ibiri kure y’ivyo mwahawe ko indagano
  110. Mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’imvugo iri k’umugaragaro hamwe n’ubumenyi bw’ivyo munyegeza
  111. Kandi ntanakimwe nomenya yuko ari urwanko kuri mwebwe n’umunezero kugeza kumwanya mugufiya gusa
  112. Yavuze ati:- ewe Muremyi wanje nubacire urubanza rw’ukuri, n’Umuremyi wacu niwe nyene impuhwe asabwa imfashanyo kuri ivyo muvuga vyose. mito