20.Taa-Haa

  1. Twa,Hha. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa)
  2. Nti twakumanuriye iyi Qur’ani ntagatifu kugira ngo ugire amakenga
  3. Ahubwo ikubere ubutumwa ku bantu bayigamburukira
  4. N’imanurwa rivuye kuwaremye Isi n’Amajuru yadugijwe hejuru
  5. Niyo Mana nyene imigisha n’inganji iri hejuru y’inyegamo yiwe nyeranda
  6. Ibiri mu Majuru n’ibiri kw’Isi hamwe n’ibiri hagati yavyo hamwe n’ibiri hasi y’Isi vyose nirwiwe
  7. Niwavuga kw’ijwi rininiya mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’amabanga hamwe nivyinyegeje cane biri mumbari
  8. Imana, ntayindi isengwa mu vy’ukuri atari yo yonyene rudende gusa, nayo niyo ifise amazina meza
  9. Mbega warashikiwe n’ikiyago c’intumwa y’Imana Musa (iii)
  10. Mugihe yabona umuriro aca abwira umuryango wiwe ati:- nimu rindire gatoyi mu vy’ukuri jewe nabonye umuriro kumbure ndaba zanira igishirira muri uwo muriro canke ndaza kuronka mwo uwundongora muri uwo muriro
  11. Mugihe yashikayo yarahamagawe abwirwa ati:- ewe Musa (iii)
  12. Ntankeka ni jewe Muremyi wawe, rero niwambure inkweto zawe mu vy’ukuri wewe uri mumwaba mutagatifu witiriwe Twuwaa
  13. Nijewe nagutoye rero niwumvirize ubutumwa ushikirizwa
  14. Mu vy’ukuri nijewe Mana, kuko ntayindi isengwa bimwe vy’ukuri atari jewe jenyene, rero nimunsenge kandi muhagarike amasengesho yose kandi mumpayagiza
  15. Ntankeka umusi w’umuhero w’Isi uzoshika, nanje nkaba nshaka kuwunyegeza uwo musi kubigira mpaka kugira ngo umutima w’umwumwe wese urihwe kuvyo wakoze
  16. Ntibakuzitire kuri ivyo, bamwe batavyemera nugukurikira ivyo imitima yabo yishakira, nawe ntuze urwe muruhombo
  17. None ico kiri mukuboko kwawe kw’iburyo n’igiki ewe ntumwa y’Imana Musa (iii)
  18. Intumwa y’Imana Musa (iii) ibishura iti:- iyi n’inkoni yanje negamira ko kandi niyo mpungurisha ivyatsi kubera ibitungwa vyanje, kandi nkayikoresha mubindi bikorwa
  19. Imana ivuga iti:- nuyite hasi iyo nkoni yawe ewe ntumwa y’Imana Musa (iii)
  20. Arayita hasi, mumwanya ica ihinduka inzoka yiruka cane
  21. Imana ivuga iti:- nuyifate iyo nzoka kandi ntugire ubwoba, ubu rero duca tuyisubiza nkuko yamye aho hambere
  22. Hanyuma ukurikize ukuboko kwawe mukwaha kwawe kuzoca kuvayo kwera derere atanabi gufise kukaba ari ikindi gitangaro kuri wewe
  23. Kugira ngo tukwereke ibitangaro vyacu binini biniya
  24. Nugende kwa Fir’auni, ntankeka niwe yarenze imbibe zagenywe
  25. Intumwa y’Imana Musa (iii) ivuga iti:- ewe Muremyi wanje nunyagurire igikiriza canje
  26. Kandi unyorohereze ibikorwa vyanje wampaye
  27. Kandi unziturire ipfundo riri hagati y’ururimi rwanje
  28. Bashobore gutahura amajambo yanje nzobabwira
  29. Kandi ungirire umushikira nganji wo mumuryango wanje
  30. Mwene wanje Haruna (iii) abe ariwe mufasha wanje
  31. Umuhe ubushobozi bukwiye kuri we
  32. Kandi umushire hamwe nanje muri ubu buzi bwanje
  33. Kugira ngo tuguhayagize cane
  34. Kandi tukuvuge wewe cane na cane
  35. Mu vy’ukuri ni wewe utubona
  36. Imana ivuga iti:- mu vy’ukuri wewe urahawe muvyo ntumwa y’Imana Musa (iii). wasavye ewe
  37. Mu vy’ukuri twarakugiriye impuhwe ubugira kabiri
  38. Mugihe twereka umuvyeyi wawe ivyerekanywe
  39. Yuko woshira ikibondo cawe mw’isandugu hanyuma urishire mumwonga, n’uwo mwonga uzomuta kunkengera yarwo kugira ngo umwansi wanje aze amutore n’umwansi wiwe, kandi nashizemwo urukundo ruvuye iwanje kandi umunye ibiri mumaso yanje
  40. Wibuke igihe mushiki wawe yagenda ku bantu ba Fir’auni avuga ati:- mbega ndaba menyeshe umuntu yomurera? Duca tumusubiza kwa nyoko wawe kugira ngo amaso yiwe anezerwe kandi ntagire agahinda, kandi waragandaguye umuntu duca turakurokora nako gahinda, dutako turaku gerageza kubigeragezo vyinshi hanyuma ubaho imyaka myishi n’abantu bokwa Madiani, hanyuma wagarutse ngaha nkuko vyateguwe ewe ntumwa y’Imana Musa (iii)
  41. Kandi nagutoye kubera jewe ngo ube intumwa yanje
  42. N’ugende hamwe na mwene wanyu mufise ivyemezo vyanje, kandi ntimuruhe mukunyibuka
  43. Nimugende kwa Fir’auni, ntankeka yarengeje akarimbi
  44. Mumubwire amajambo yoroshe nkumbure yoshobora gufata ubwo butumwa canke agatinya
  45. Nabo bavuga bati:- ewe Muremyi wacu mu vy’ukuri twebwe turatinya yuko atorenga akarimbi kubera twebwe canke akatwishima ko
  46. Imana ivuga iti:- ntimutinye, ntankeka ni jewe ndikumwe namwe kuko ni jewe numva kandi mbona
  47. Rero ni mugende iwe kandi mumubwire muti:- mu vy’ukuri twebwe turi intumwa z’Umuremyi wawe, rero n’ubareke abo bene Israeri tujane nabo kandi ntubahane, mu vy’ukuri tukuzaniye ibimenyetso bivuye k’Umuremyi wawe, n’amahoro azoba ari ku bantu bakurikira uburokoke
  48. Mu vy’ukuri twazaniwe ubutumwa yuko ibihano bizoshikira bamwe bahakana aya majambo y’Imana y’ukuri n’ukuyaha umugongo
  49. Fir’auni avuga ati:- Umuremyi wanyu ni nde ewe Mussa
  50. Intumwa y’Imana Musa (iii) amwishura ati:- Umuremyi wacu nurya yahaye ikintu cose ishusho ryaco bwite hanyuma arakirongora
  51. Avuga ati:- mbega ni gute bamyeho mubinjana vyaho hambere mukahise utarashika
  52. Avuga ati:- ubumenyi bwivyo vyose buri k’Umuremyi buri mugitabu cayo, Umuremyi wanje atazimira canke atibagira
  53. Ariyo yabagiriye iy’Isi kuba ubusaswa nukuba girira muriyo amayira hamwe nukuba manurira amazi avuye mubicu, no kuriyo twanagishijeko ubwoko bw’imbuto zitandukanye
  54. Nimufungure kandi murishe ibitungwa vyanyu, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bafise ubwenge
  55. Kuri iy’Isi niho twabaremeye, no muriyo niho tuzoba subizamwo, no kuva muriyo niho tuzoba kuramwo ubugira kabiri
  56. Mu vy’ukuri twaramweretse Fir’auni ibimenyetso vyacu vyose, mugabo yarabi hakanye aravyanka
  57. Avuga ati:- uje kudukura mugihugu cacu ukoresheje uburozi bwawe wewe Musa
  58. Rero twebwe tuzo kuzanira uburozi bumeze nkubwo bw’iwawe, rero nugire isango riri hagati yacu na wewe, atari ayo twebwe tuzosenyura canke wewe, hanyuma tuze duhurire ahantu hateguwe neza
  59. Intumwa y’Imana Musa (iii) ivuga iti:- isango ryanyu n’umusi mukuru w’ibisharizo n’abantu baze bakoranywe mugitondo
  60. Fir’auni aragaruka nugutegura imigambi yiwe hanyuma arashika n’abarozi biwe
  61. Intumwa y’Imana Musa (iii) ibabwira iti: mwa bantu mwe! ntimwadukane ububeshi hejuru y’Imana ntize ibahanagure kubera ibihano vyayo, nayo uwadukana ibintu ntantsinzi afise
  62. Rero barahaririye kuri urwo rubanza ruri hagati yabo, baca barupfundika mumwiherero
  63. Bavuga bati:- mu vy’ukuri aba bantu babiri n’abarozi bagomba babakura mugihugu canyu bakoresheje uburozi bwabo, kandi bagomba kubakurira imico n’imigenzo yanyu myiza mufise
  64. Kuri ivyo rero nimwegeranye ivyanyu vyose hanyuma muje iwabo mutonze kumirongo, mu vy’ukuri kuri uno musi uri hejuru hazotsinda uwuzotsinda
  65. Bavuga bati:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) mbega ni wewe utangura kujugunya canke ni twebwe bambere dutangura kujugunya
  66. Intumwa y’Imana Mussa (iii) ibishura iti:- nimutangure mwebwe kujugunya, bagize gutya baza babona yamigozi yabo hamwe n’inkoni zabo zibonekana imbere y’Intumwa y’Imana Mussa (iii) kubera uburozi bwabo zigenda ningoga na ningoga
  67. Intumwa y’Imana Mussa (iii) ica itangura kugira ubwoba mumutima wiwe
  68. Duca tumubwira duti:- ntugire ubwoba mu vy’ukuri wewe niwe uzoba uri nyene intsinzi
  69. Nujugunye ikiri mukuboko kwawe kw’iburyo, kizoca kimira ivyo vyose bagize, mu vy’ukuri bagize ingeso z’umurozi gusa, nayo umurozi wese ntantsinzi afise ahariho hose
  70. Babarozi bose baratsindwa baca barapfukama bashira imitwe yabo hasi bavuga bati:- turamwemeye Umuremyi w’intumwa y’Imana Haruna (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Mussa (iii)
  71. Fir’auni aca avuga ati:- mbega mwamwemeye imbere yuko ndabaha uruhusha, ntankeka niwe mukuru wanyu yabigishije ubu burozi, rero, nzobaca amaboko yanyu hamwe n’amaguru yanyu ndabikabishije ukuboko kw’iburyo n’ukuguru kw’ibubanfu n’ukuboko kw’ibubanfu hamwe n’ukuguru kw’iburyo hanyuma nce ndaba bamba kubishitsi vy’ibiti vy’imitende, ntankeka muzoca mutahura neza uwariwe muri twebwe akaze cane muguhana nukubi bandanya
  72. Nabo bavuga bati:- twebwe ntituzo gutora wewe gusumba vyabimenyetso biri k’umugaragaro vyadushikiye, tukaba turahiye kuwa turemye yuko tutazo gutora, rero nugire ivyo ushaka kugira, wewe urashobora gutanga itegeko rijanye n’ubu buzima bwo ngaha kw’Isi gusa
  73. Mu vy’ukuri twebwe twemeye Umuremyi wacu kugira ngo atugirire ikigongwe kubijanye n’amakosa yacu twagize hamwe n’uburozi bwawe wadutegetse kugira, n’Imana niyo nziza n’iyiramba
  74. Mu vy’ukuri uwuzoshika imbere y’Umuremyi wiwe afise ivyaha, mu vy’ukuri amenye yuko azoronka umuriro udahera witiriwe Jahannamu, muriwo ntazopfira muriwo canke ntazowuba mwo mubuzima bwiza
  75. Nuwuzo shikirwa nawe ari umu Isilamu w’ukuri yagize ibikorwa vyiza, rero abo nibo bazoronswa ubutegetsi bwo hejuru
  76. N’imirima idahera icamwo imyonga imbere y’abo, bakazoba mwo mubuzima bwabo bwose, n’ivyo rero niyo mpembo y’abantu bisukuye
  77. Mu vy’ukuri twebwe twara murungikiye ubutumwa intumwa y’Imana Mussa (iii) ngo atware abantu banje mw’ijoro, hanyuma abagirire inzira yo kunkengera y’ikiyaga rero ntuze utinye gufatwa kandi ntutinye ikintu icarico cose
  78. Fir’auni yaciye aba kurikira ari kumwe n’ingabo ziwe, baca bubikirwa mukiyaga nicabubitse
  79. Na Fir’auni aca atakaza ingabo ziwe zose kandi ntiyashoboye kuzirongora
  80. Mwebwe bene Israeri, mu vy’ukuri twarabarokoye n’umwansi wanyu nuku bemerera yuko mwoja kuruhande bw’iburyo bw’uwo musozi nukuba manurira ubuki bwitiriwe Manna hamwe n’inyoni ziryoshe zitiriwe Salwaa
  81. Nimu fungure muri ivyo bintu vyiza twabahaye mugabo ntimurenge imbibe kuri ivyo, ntimuhave mumanukirwa n’ishavu ryanje, kuko uwozo manukirwa n’ishavu ryanje uyo azoba ari mubatakaye
  82. Mu vy’ukuri jewe ndi mubagirira ikigongwe cinshi cane ku bantu basavye ico kigongwe n’ukwemera bimwe biboneka hamwe nukugira ibikorwa vyiza, kandi akagumana n’uburokoke
  83. None n’igiki catumye wihuta nugusiga abantu bawe ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii)
  84. Avuga ati:- bari inyuma yanje bankurikira, nanje naje ndakwihutira wewe Muremyi wanje kugira ngo ungwirize imihezagiro yawe
  85. Imana ivuga iti:- tubashiriyeho ibibazo abo bantu bawe munyuma yawe, nuyo Samiriyyu niwe yabatakaje
  86. Intumwa y’imana Mussa (iii) ica isubira inyuma kubantu bayo n’ishavu ryinshi n’agahinda kenshi, aca avuga ati:- bantu banje mbega Umuremyi wanyu ntiyabemereye indagano nziza? None iyo ndagano yayo yabaye ndende kuri mwebwe canke mwashatse yuko mumanukirwa n’ishavu rivuye ku Muremyi wanyu, kuri ivyo mwarenze kumasezerano yanje
  87. Baca bavuga bati:- twebwe ntitwarenze kumasezerano yawe kugushaka kwacu mugabo twarikorejwe amatu y’inzahabu twatijije ku bantu turayata, uku niko Samiriyyu yabitaye
  88. Aca abazimana intama y’umubiri ukwiye, ifise n’ijwi baca bavuga bati:- iyi niyo Mana yanyu hamwe n’Imana ya Mussa (iii), mugabo uyu Mussa (iii) yibagiye
  89. Mbega ntibabonye yuko iyo ntama ataco ibasubiza mw’ijambo canke ataco baganza mukuba girira inabi canke mukuba girira ineza
  90. Intumwa y’Imana Haruna (iii) yarababwiye kuva kera ati:- emwe bantu banje! Mu vy’ukuri mwebwe mwara teranijwe n’inzigo gusa kuri iki n’IMana ifise impuhwe, rero ni munkurikire kandi mu ngamburukire kumategeko yanje
  91. Nabo bishura bati:- twebwe ntituzoreka namba kumusenga kugeza aho intumwa y’Imana Mussa (iii) azogaruka iwacu
  92. Mugihe intumwa y’Imana Mussa (iii) yagaruka yavuze ati:- ewe Haruna (iii) n’igiki cakubujije kuta nkurikira mugihe wababona bazimiye
  93. Mbega icakubujije kuta nkurikira, mbega wiyonkoye kumategeko yanje
  94. Avuga ati:- ewe mwene Mama wanje, ntunfate kubwanwa bwanje canke kumutwe wanje, mu vy’ukuri jewe naratinye kugira ngo ntuze uvuge yuko ari wewe watandukanije bene Israeri hanyuma ntiwarindira ijambo rivuye kuri jewe
  95. Intumwa y’Imana ivuga iti:- ewe Samiriyyu, vyabaye gute kugira ngo ugire gutyo
  96. Nawe yishura ati:- jewe nabonye ivyo abandi batabonye nca mfata urugendo rugufiya rw’intumwa y’Imana, hanyuma ndaruvamwo, uku rero niko umutima wanje wantumye
  97. Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- nugende mu vy’ukuri hazoba kuri wewe mubuzima bwawe uvuga uti:- ntunkoreko wewe ntankeka urafise amasezerano atamenwa kandi urabe Imana yawe wabandanije gusenga, ntankeka tuzo muturira hanyuma tumwibize mukiyaga azimangane burundu
  98. Mu vy’ukuri uwusengwa wanyu n’Imana yonyene gusa, kuko atayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene rudende, kuko niyo ikwijije mubintu vyose k’ubumenyi bwayo
  99. Uku niko tukubwira muri zankuru zivyabaye, kandi ntankeka twebwe tuguhaye ubutumwa buvuye kuri twebwe
  100. Abazo kwiyonkora kuriwe mu vy’ukuri k’umusi w’imperuka bazokwikorera amatu y’ibicumuro vyabo
  101. Bazoba muri ivyo bicumuro mubuzima bwabo bwose, naho n’ahantu habi hameze gute k’umuntu kuri uwo musi w’imperuka kwikorera ayo matu y’ibicumuro
  102. Umusi hazovuzwa inzamba nukwegeranya abafise ivyaha kuri uwo musi w’imperuka, mugihe amaso yabo azoba asa n’ubururu kubera ubwoba
  103. Bazo kwongorerana bamwe n’abandi nukuvuga bati:- mbega ntimwabaye kw’Isi atari nk’imisi icumi gutya
  104. Twebwe turafise ubumenyi buhanitse bw’ivyo bazovuga, mugihe bazovuga abantu babo bababona ko aria bantu b’iteka muribo no munyifato zabo, bababwira yuko mwebwe mutabayeho kw’Isi atari umusi umwe gusa
  105. Barakubaza inkuru zijanye n’imisozi, wewe n’ubabwire uti:- Umuremyi wanje azoyisenya gura yose
  106. Azosiga ari imbuga iringaniye neza cane
  107. Ntuzobona kuri iy’Isi ahari ahantu hashunguruka canke ahaduga
  108. Kuri uwo musi bazokurikira uwukeneye icarico cose ataco adafise ubuzimire, hanyuma amajwi yose azo gamburukira ijwi ry’Imana nyene Impuhwe kandi ntuzokwumva atari imidiho y’amaguru y’abantu gusa
  109. Kuri uwo musi ntagisabisho c’uwundi muntu kizofasha atari uwuzoba yahawe uruhusha na nyene Impuhwe hamwe nukumemererwa amajambo yiwe
  110. Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri imbere yabo hamwe n’ibiri inyuma yabo, kandi nabo ntiba shobora kuyimenya Imana ukuri kwama
  111. N’ayandi maso y’abantu azoteterwa imbere y’Imana ifise ubuzima budahera, igira ibintu vyose, kandi nabononekewe abantu bagira ubuhemu
  112. Nayo uwuzogira ibikorwa vyiza nawe ari umu Isilamu, ntazotinya guhemukirwa canke kwimwa ivyiwe
  113. Uku niko twamanuye iyi Qur’ani ntagatifu mururimi rw’icarabu, kandi tukaba twarasiguye muri ico gitabu umwanya uwariwo wose harimwo ituzwa ry’ubwoko bwose kugira ngo abantu bashobore gutinya n’ukubaha ivyibutso bishasha
  114. Nihaninahazwe Imana rugira vyose Umwami w’ukuri, kandi ntiyihutire iyi Qur’ani imbere mukuyisoma imbere yuko yuguhera kw’ubutumwa bwayo, kandi uvuge uti:- Muremyi wanje nunyongereze ubumenyi bukwiye
  115. Aho hambere twaramuhaye isango intumwa y’Imana Adamu (iii) mugabo yararyibagiye kandi ntitwabonye kuriwe ishaka rininiya
  116. N’igihe twababwira Abamarayika duti:- nimu pfukamire intumwa y’Imana Adamu (iii) baragamburutse bose dukuyemwo uwitwa (Shetani) niwe yanse gupfukamira intumwa y’Imana Adamu (iii)
  117. Duca tuvuga duti:- ewe Adamu (iii) mu vy’ukuri uyu n’umwansi wawe hamwe n’umutambukanyi wawe, rero ntabakure mw’Ijuru muzoba mwitaye mungorane
  118. Mu vy’ukuri iyo mw’ijuru ntuzo sonzerayo kandi ntuzobura ico wambara
  119. Mu vy’ukuri muri ayo Majuru ntuzo nyoterwayo canke ntuzo ronkerayo ubushuhe
  120. Mugabo Shetani yaramwoheje imubwira iti:- ewe Adamu (iii) mbega ndakumenyeshe igiti c’ubuzima budahera hamwe n’Ubwami budahera
  121. Baca batarukira gufungura kuri cagiti uko ari babiri, hanyuma ibitsina vyabo bica birabonekana, baca batangura kwimadika ivyatsi vyo mw’Ijuru, nayo intumwa y’Imana Adamu (iii) ica ihemukira Umuremyi wayo nuguca ihuvya inzira gatoyi
  122. Hanyuma Umuremyi wiwe yaciye imutora nuku mwemerera ikigongwe ciwe nuku murongora
  123. Imana ica ivuga iti:- nimumvire ngaha mwese, mugihe mwabaye abansi kubandi, nimwashikirwa n’uburokoke buvuye iwanje, nayo uwuzo kurikira ubwo burokoke bwanje uwo muntu ntazozimira canke ntazogira ingorane
  124. Nayo uwuzoba kure n’ubutumwa bwanje, mu vy’ukuri uwo muntu azoronka ubuzima bw’ingorane, hanyuma k’umusi w’umuhero w’Isi tuzomuzura nawe ari impumyi
  125. Nawe azokwishura ati:- ewe Muremyi wanje, mbegako unzuye ndi impumyi, nanje nari nkomeye mbona
  126. Imana izovuga iti:- egome nuko nyene washikiwe n’amajambo yacu urayibagira, nawe uno musi uzokwibagirwa
  127. Uku niko tuzohemba umwe wese yimonogoje mukurenga akarimbi n’ukutemera amajambo y’Umuremyi wiwe, kandi ntankeka ibihano vy’umusi w’imperuka birakaze cane kandi n’ibiguma bibandanya igihe cose
  128. Mbega ntivya menyekanye yuko ari ibinjana bingahe twahoneje imbere yabo, n’aba baguma bijanda jandira mumazu yabo, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bafise ubwenge
  129. Iyo hataba ijambo ryabanje kuba rivuye ku Muremyi wawe, hamwe n’umwanya wagenewe, ntankeka hari gushika ibihano vy’uguhonywa abo bantu babi
  130. Niwihangane kuvyo bakuvuga ko vyose kandi uhayagize Umuremyi wawe hamwe n’ukuyitakambira imbere yaho izuba ritaraseruka n’imbere yaho ritaragoroba hamwe no mumyanya hamwe no mumyanya y’ijoro nahone uyitakambire, no hagati y’umurango kugira ngo uronke ivyo guhumuriza
  131. Kandi ntusamarire n’amaso yawe kuvyo twanezereje bamwe mu bantu muribo, ivyo navyo n’ihiganwa ry’ubuzima bwo ngaha kw’Isi gusa kugira ngo tubahe ibibazo kurivyo, n’imigisha y’Umuremyi wawe niyo myiza cane kandi iguma ibandanya
  132. Kandi utegeke abantu bawe bose gusenga, kandi nawe kubwawe ugume ubandanya nivyo, twebwe ntidugusaba imigisha iyariyo yose ahubwo ni twebwe tuyiguha, n’impera nziza izomenyekana kubatinya Imana yabo y’ukuri
  133. N’abahakanyi b’Imana y’ukuri bavuze bati:- ni kuki atatuzaniye ibitangaro bivuye ku Muremyi wiwe, mbega ntimwashikiwe n’ivyemezo biri k’umugaragaro biri mubitabu vyaho hambere
  134. Iyo tubahonya n’ibihano imbere yukuza kw’iyo ntumwa y’Imana, bari kuvuga bati:- ewe Muremyi wacu ni kuki utatuzaniye intumwa y’Imana tugaca dukurikira ayo majambo yawe imbere yuko twebwe tumaramara gutya n’uguteterwa
  135. Vuga uti:- umwe wese muri twebwe ararindiriye impembo yiwe, rero namwe nimurindire ubu vuba muzotahura uwariwe uwuzoba ari munzira y’ukuri n’uwuzoba ari muburokoke