19.Mary

  1. Kaaf, Hha, Ya, Aayn, Swaad. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa)
  2. N’icibutso hamwe n’impuhwe z’Umuremyi wawe muguha impuhwe zayo umushumvyi wayo intumwa y’Imana Zakariya (iii)
  3. Mugihe Umuremyi wiwe yamu shikiriza ubutumwa abumu shikiriza mw’ibanga
  4. Avuga ati:- Muremyi wanje, ntankeka amagufa yanje ntagikomeye, n’umutwe wanje usigaye uyagayaga kubera uruyenzi, kandi sinari mfise imigisha mibi Muremyi wanje, muku gusaba wewe
  5. Mu vy’ukuri jewe ntewe n’amakenga kuncuti zanje zo munyuma yanje, n’umutambukanyi wanje n’ingumba, rero ndagusavye umpe uwuzo nsigarira avuye iwawe
  6. Uwuzo nsigarira hamwe n’ugusigarira uruvyaro rwa bene Yaaqubu (iii) kandi umugire wewe Muremyi wanje abe mubantu bakwemera
  7. Ewe Zakariya! Tuguhaye inkuru nziza yuko uzo kwibaruka ikibondo n’izina ryiwe ni Yahya (iii) ntituragira imbere yiwe kuwufise izina rimeze nk’iryo
  8. Nawe avuga ati:- Muremyi wanje, mbega nzoronka gute ikibondo mugihe umutambukanyi wanje ari ingumba nanje nkaba nshitse muza bukuru burengeje urugero
  9. Avuga ati:- nuko nyene bimeze ivyo Umuremyi wawe yavuze yuko ibi vyose ari ibintu vyoroshe kuri jewe, mu vy’ukuri nakuremye kuva kera na wewe ataco wari bwabe
  10. Avuga ati:- Muremyi wanje, nungirire ikimenyetso, nayo imwishura iti:- ikimenyetso cawe nuko utazo shobora kuvugana n’abantu kukiringo c’imisi itatu, mugihe wewe uri muzima
  11. Hanyuma aca aseruka ku bantu biwe ari imbere yaho umuyobozi w’amasengero ahagarara abereka akoresheje ukuboko kwiwe gusa y’uko boninahaza Imana yabo kuva mugitondo no kumugoroba
  12. Ewe Yahya! nufate iki gitabu wahawe n’Imana nkankama, natwe duca tumuha ubuhizi akiri mutoyi
  13. Tumuha n’ikigongwe kivuye iwacu hamwe n’isukuriro nukuba umugamburutsi
  14. N’umugira neza kubavyeyi biwe kandi ntiyari mubishima canke mubiyonkora
  15. N’amahoro y’Imana yari hejuru yiwe kuva k’umusi yavuka, no k’umusi yitaba Umuremyi wiwe, no k’umusi azozurwa ari muzima
  16. N’umuvuge Mariyamu (iii) muri iki gitabu gitagatifu mugihe yatandukana n’umuryango wiwe n’ukugenda ahantu k’uruhande rw’ubuseruko bw’iryo sengero
  17. Aca ahashira uruzitiro rw’ukwikingira n’abantu, duca tumurungikira uwazanye amategeko yacu ariwe Jibrilu (iii) aca yigira nk’umuntu akwiye nkawe
  18. Mariyamu (iii) aca avuga ati:- mu vy’ukuri jewe ndikinze ku Mana nyene impuhwe nyinshi ankingire na wewe niwaba utinya Imana yawe
  19. Wa mumarayika aca avuga ati:- mu vy’ukuri jewe ndi intumwa y’Umuremyi wawe, kugira ngo ndaguhe ikibondo gitagatifu
  20. Mariyamu aca avuga ati:- nshobora gute kuronka ikibondo mugihe jewe ntarakorwako n’umugabo nanje nkaba ntari umugore ashurashura
  21. Wamumarayika avuga ati:- nuko nyene Umuremyi wawe yavuze yuko ari ibintu vyoroshe kuri jewe, kugira ngo tumugireko igitangaro ku bantu bose n’impuhwe zivuye iwacu, n’iri n’ijambo ryaciriwe ko intahe
  22. Mariyamu (iii) aca arasama imbanyi yiwe aca agenda ahantu hakure
  23. Hanyuma ibise bimutwara kugishitsi c’igiti c’umutende avuga ati:- iyo nsandaba imbere y’ibi vyose nkaba nk’uwibagiwe burundu
  24. Mumwanya aca ashikirwa n’ijwi rivuye munsi yiwe rivuga riti:- ntugire agahinda, mu vy’ukuri Umuremyi wawe yamaze kushiraho ikiriba c’amazi aho munsi yawe
  25. Nunyiganze kuri ico gishitsi c’igiti c’umutende hazoca hakoroka ivyamwa vyiza vy’imitende zihiye neza
  26. Hanyuma ufungure n’ukunywa, n’ijisho ryawe riture, niwa bona umuntu uwariwe wese ukubajije inkuru zico kibondo wewe nuvuge uti:- mu vy’ukuri jewe nagize icipfuzo canje ku Mana nyene imigisha y’abantu mu kwisonzesha, kuri ivyo rero jewe uno musi uri hejuru sinzo vugisha n’umuntu n’umwe
  27. Aca agenda nawe kubagenzi biwe ahetse cakibondo ciwe baca bavuga bati:- ewe Mariyamu (iii) mu vy’ukuri wewe uzanye ikintu c’igitangaza
  28. Ewe mushiki w’intumwa y’Imana Haruna (iii) So wawe ntiyari umuntu mubi canke nyoko wawe ntiyari umushurashuzi
  29. Mariyamu yaberetse ca kibondo ngo kibe arico babaza, bavuga bati:- tuganira gute n’uruhinja rukiri mubusaswa bwiwe
  30. Wamwana avuga ati:- mu vy’ukuri jewe nd’umushumvyi w’Imana yampaye igitabu nukungira kuba nd’intumwa y’Imana
  31. Kandi yangize ngo mbe uwahezagiwe ahondi hose, kandi yansigiye iragi ry’ugusenga n’ugutanga imperezwa mugihe nkiri muzima
  32. Yansigiye iragi ryukugirira ineza umuvyeyi wanje, kandi ntiyangize ngo mbe umuntu yishima canke kuba kuba mu bantu babi
  33. N’amahoro y’Imana ari kuri jewe kuva k’umusi mvuka, n’umusi nzosandabira, no k’umusi nzozurwa nukuba muzima
  34. Uwu niwe ntumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii) niyo mvugo y’ukuri bagirirako amakenga
  35. Ntibibaho ku Mana kugira ikibondo, ahubwo irisukuye mugihe ishakiye ijambo iribwira gusa kuba rigaca riba
  36. Mu vy’ukuri Imana n’Umuremyi wanje kandi n’umuremyi wanyu, rero nimuyisenge kuko iyi niyo nzira igororotse
  37. Mugabo iyo mirwi yabo bantu babi baracanye mwo bamwe kubandi, rero ibihano bikaze cane bizoba shikira bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, mugushera kuri uwo musi mukuru
  38. Bazokwumva kandi babone neza na neza kuri uwo musi bazo dushikira, mugabo abahemukiye imitima yabo ubu bari mubuzimire buri k’umugaragaro
  39. Kandi ubatuze k’umusi w’agahinda mugihe itegeko rizoba ryamaze kwemezwa nabo basamaye kandi batemera
  40. Ntankeka twebwe tuzo sigirwa iy’Isi hamwe nabari hejuru yayo, n’iwacu niho bazosubizwa yo
  41. Numuvuge intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) muri iki gitabu gitagatifu, ntankeka yari umuntu w’imvuga kuri cane kandi yari intumwa y’Imana
  42. Bibutse mugihe yabwira Se wiwe ati:- ewe data wanje, ni kuki usenga ibitumva hamwe n’ibitabona hamwe n’ibitagufitiye akamaro na kamwe
  43. Ewe data wanje, mu vy’ukuri jewe nashikiwe n’ubumenyi butagushikira, rero n’unkurikire ndakurongore munzira y’ukuri kwama
  44. Ewe data wanje, ntusenge Shetani mu vy’ukuri Shetani niyo idohokera Imana nyene impuhwe zihagije
  45. Ewe data wanje, mu vy’ukuri jewe ntinya yuko woshikirwa n’ibihano bivuye kwa nyene impuhwe zihagije hanyuma ukazoba uri umugenzi wa Shetani
  46. Se wiwe amwishura ati:- mbega wewe urashavujijwe nizi Mana zanje ewe Ibrahimu (iii)? Rero nuta reka ibi uriko uravuga, ni ngombwa yuko nzogutera amabuye, kandi umvireho uje kure yanje, kandi mumwanya mugufiya cane
  47. Intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) ivuga iti:- amahoro y’Imana abekuri wewe, jewe nzogusabira ikigongwe ku Muremyi wanje kuko niyo ingirira ikigongwe cane
  48. Nanje ndigiriye nikingiye nivyo musenga biteye kure n’Imana, kandi nzogusabira ku Muremyi wanje kandi sinzobura ico nshaka ndagisavye Umuremyi wanje
  49. Mugihe yavavanura nabo hamwe n’ivyo bahora basenga biteye kubiri n’Imana y’ukuri, twaciye tumuha intumwa y’Imana Is’haqa (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Ya’aqubu (iii) n’umwe wese muribo twaciye tumugira intumwa y’Imana
  50. Duca tntumwa y’Imana iubaha impuhwe zacu n’ukuba girira ihayagizwa ry’ukuri ryiza
  51. Kandi uvuge intumwa y’Imana Mussa (iii) muri iki gitabu gitagatifu mu vy’ukuri yari mubatowe n’Imana kandi yari intumwa y’Imana
  52. Twara muvugishije kuruhande rw’iburyo bw’uwo musozi mutagatifu tura mwegereza ngo tuganire natwe mumwiherero
  53. Natwe kumpuhwe zacu tumuha mwene wabo Haruna (iii) ngo abe intumwa y’Imana
  54. Kandi umuvuge muri iki gitabu gitagatifu intumwa y’Imana Ismaili (iii), ntankeka yari imvuga kuri y’indagano nyakuri, kandi yari intumwa y’Imana
  55. Nawe yarategeka abantu biwe kugira amasengesho n’ugutanga imperezwa, kandi yari mubizigirwa imbere y’umuremyi wiwe
  56. Kandi umuvuge muri iki gitabu gitagatifu intumwa y’Imana Idirisa (iii) ntankeka yari mubantu bimvuga kuri cane nukuba intumwa y’Imana
  57. Twaramuhaye iteka ryo hejuru cane
  58. Abo nibo bahawe imigisha n’Imana, muntumwa z’Imana bo muruvyaro rw’intumwa y’Imana Adamu (iii), hamwe no muruvyaro rwabo twakiye hamwe n’intumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe no muruvyaro rw’ntumwa y’Imana Ibrahimu (iii) na bene Israeri, hamwe nabo twayoboye nukuba tora mugihe basomewe amajambo ya nyene Imigisha myinshi baca barwa hasi bunamika imitwe yabo hasi nugu korora amosozi
  59. Mugabo munyuma yabo haciye hategurwa imisore mibi ititaho amasengesho y’Imana n’ugukurikira ivyo imitima yabo mibi yishakiye, kuri ivyo bazohura n’ibihano bikaze cane
  60. Atari uko, nibasaba imbabazi nukuguma bemera Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bantu bazokwinjira mw’ijuru, kandi ntibazo hemukirwa n’ikintu nakimwe
  61. Amajuru adahera y’Imana nyene imigisha mininiya yemereye abashumvyi biwe mumbari, ntankeka indagano yiwe niyizoshika
  62. Muri ayo majuru ntibazo kwumva mwo amajambo y’insaku atari amajambo y’amahoro gusa, kandi bazoronkerayo imigisha yabo yo mugitondo niyo kumugoroba
  63. Iryo niryo juru tuzoba sigira mubashumvyi bacu bamwe mubabaye abatinya Imana yabo y’ukuri
  64. Natwe ntitumanuka atari kw’itegeko ry’umuremyi wawe, kuko ariyo ifise ubumenyi bw’ibiri imbere yacu hamwe n’ibiri inyuma yacu hamwe n’ibiri hagati y’ivyo vyose, n’Umuremyi wawe si uwibagira
  65. Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati yavyo vyose, rero nimuyisenge yonyene gusa, kandi ubandanye n’amasengesho yayo, mbega uramuzi nyene izina ryiwe
  66. N’abantu bavuga bati:- mbega ninaba narapfuye ni vy’ukuri nzozurwa nsubire kuba muzima
  67. Mbega umuntu ntiyibuka yuko twamuremye imbere yuko ataraba ikintu icarico cose
  68. Rero ndarahiye ku Muremyi wawe yuko mu vy’ukuri abantu bose tuzobegeranya hamwe n’amashetani, hanyuma tuberekana kuruhande rw’umuriro witiriwe Jahannamu, bace bahapfukamira
  69. Hanyuma mu vy’ukuri tuzoba kurayo mumoko yabo yose, bamwe muri barya bahakanye Imana yabo y’ukuri gusumba nyene imigisha ihagije
  70. Kandi mu vy’ukuri twebwe turabazi neza cane abakwiwe guturirwa muri uwo muriro udahera
  71. Kandi nta n’umwe muri mwebwe atari uwuzoshikira uwo muriro udahera witiriwe Jahannamu, kandi ningombwa ku Muremyi wawe yamaze gucira urwo rubanza
  72. Hanyuma tuzorokora bamwe batinya Imana yabo bimwe biboneka, hanyuma dusigaze abahemukiye Imana yabo y’ukuri bapfukamye muri uwo muriro udahera
  73. No mugihe basomewe amajambo yacu ari k’umugaragaro, baca bavuga bamwe bahakana Imana y’ukuri babwira abemeye Imana y’ukuri bati:- ni igiki kiri hagati y’imirwi ibiri ifise ubwicaro bwiza hamwe n’uwufise abantu b’iteka
  74. N’ibinjana bingahe twahoneje imbere y’abo vyari bifise ibisharizo vyiza gusumba n’amaratiro meza cane
  75. Vuga uti:- abari mubuzimire nyene imigisha myinshi izo bongereza ikiringo kugeza aho bazo kwibonera muvyo batujijwe, kumbure vyoba ari ibihano canke n’umusi w’umuhero w’Isi, aho niho bazomenya uwuzoba afise ubwicaro bubi canke n’uwuzoba afise ingabo zidafise ubushobozi
  76. N’Imana yama ibongereza uburokoke bamwe barokotse, n’ibikorwa vyiza bisigara nibirya n’ivyo vyiza mugihe c’impembo yawe imbere y’Umuremyi wawe kandi bikaba ari vyiza mu vyabaye
  77. Mbega wabonye umwe mubahakanye amajambo yacu nukuvuga ati:- mu vy’ukuri jewe narahawe amatungo n’ibibondo
  78. Mbega yaronse inkuru zitazwi, canke yaronse indagano ku Mana nyene imigisha myinshi ihagije
  79. Sivyo none, mu vy’ukuri turandika ivyo avuga vyose, kandi tuzo mwongereza ikiringo kirekire c’ibihano
  80. Tuzotorana muvyo avuga vyose, kandi azo kwishikana wenyene
  81. Baragize izindi mana atari Imana y’ukuri kugira ngo babatere intege mukuba fasha
  82. Oya! Bazohakana amasengesho yabo, kandi bazoba abatumvikana nabo
  83. Mbega ntubona yuko twarungitse amashetani hejuru ya bamwe batemera Imana y’ukuri baguma bakokeza kugira amabi
  84. Rero ntubatware ningoga na ningoga abo bahakanyi b’Imana y’ukuri kugira ngo bahanwe, mugabo duharura igitigiri c’imisi yabo
  85. Umusi tuzo begeranya abatinya Imana yabo y’ukuri tubajana kwa nyene imigisha yuko ari abashitsi bayo
  86. Hanyuma tuzoba sunika abantu babi mumuriro udahera witiriwe Jahannamu mugihe bazoba bafise inyota y’amazi y’umurengera
  87. Ntabushobozi bazoba bafise bwugu sabirwa atari bamwe bafashe amasezerano ku Mana nyene imigisha n’impuhwe zihagije
  88. N’abahakanyi b’Imana bavuga bati:- nyene imigisha ihagije yarigiriye ikibondo
  89. Ntankeka mwazanye ijambo rishavuza cane mukuvuga ibi vyose
  90. Mukuvuga yuko nyene imigisha ifise ikibondo
  91. Nkuko bivugira yuko nyene imigisha ihagije yoba ifise ikibondo
  92. Kandi ntibibaho kwa nyene imigisha ihagije yuko yoba ifise ikibondo
  93. Nta n’umwe ari mw’Ijuru no kw’Isi atari uko azoshika kwa nyene imigisha ihagije mugihe nawe ari umushumvyi wayo
  94. Yabafashe nukuba harura bimwe bikwiye
  95. N’umwe muribo azoshikira Imana yiwe k’umusi w’imperuka ari wenyene
  96. Mu vy’ukuri bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, nyene imigisha ihagije izoba girira urukundo
  97. Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu twarayoroheje mururimi rwawe rw’icarabu, kugira ngo ubashikirize ubutumwa bwayo kubatinya Imana yabo y’ukuri nukuba tuza kuriyo abantu bafise amatati
  98. N’ibinjana bingahe vy’abantu twahoneje imbere yabo, mbega urabona mwo n’umwe muribo canke urumva n’imigambi yabo