16.The Bee

  1. Itegeko ry’Imana rizoshika, rero ntimuyihimirize kuko niyo yisukuye n’ivyoba bigabanutse vyose hamwe nukuyininahaza kwose nukubayi gereranya Imana n’ibindi bintu vyabo bahakanyi b’Imana y’ukuri
  2. Ibamanurira Abamarayika hamwe n’ubutumwa kw’itegeko ryayo kubo yishakiye mubashumvyi biwe yuko batuza abantu, atawundi akwiye gusengwa atari jewe jenyene gusa, rero nimuntinye
  3. Niwe yaremye Amajuru n’Isi bimwe vy’ukuri, ari n’iteka ntangere ry’ukuta gereranya Imana n’ibindi bintu vyabo bahakanyi b’Imana
  4. Niyo yaremye ikiremwa muntu kw’Ima ry’intanga, mukanya ng’uyo wa muntu yabaye umuntu w’amananiza aboneka neza k’umugaragaro
  5. Niyo yaremye ibikoko, murivyo muharonkeramwo ubushuhe n’ubundi bumaro n’ibindi navyo mukavyikenurako
  6. Mukanezerwa mugihe muzicuye k’umugoroba nomugihe mubiturukije kuja kurisha mugitondo
  7. Nugutwara amatu yanyu iyajana mubisagara mudashobora kuyashikana atari kumakenga n’igorane zihanitse, mu vy’ukuri Umuremyi wanyu n’intore cane kandi niyo nyene imigisha ihagije
  8. N’ibitwazi vyanyu arizo farasi hamwe n’ibimeze nk’ifarasi hamwe n’indogobwe kugira ngo muvyurireko bisharije, none mwebwe muzorema ivyo mutazi
  9. Ni hejuru y’Imana kwerekana inzira y’ukuri, kuko hariho izindi nzira zitameze neza, rero iyo Imana ibishaka ntankeka yari kubarongora mwese uko mungana
  10. Niyo ibamanurira amazi meza avuye mubicu kuriyo muharonkera mwo ibinyobwa no kuriyo niho hanaga ibiterwa murivyo niho murishiriza mwo ibitungwa vyanyu
  11. Ibanagishiriza ibiterwa vy’ubwoko bwose harimwo imizayituni hamwe n’imitende n’imizabibu hamwe n’ibindi vyamwa vy’ubwoko bwose, ntankeka muri ivyo vyose harimwo ikimenyetso ku bantu biyumvira yuko Imana iriho
  12. Yarabagamburukije Ijoro n’Umutaga hamwe n’Izuba n’Ukwezi n’Inyenyeri nazone zaragamburukijwe kw’itegeko ryayo, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ikimenyetso ku bantu bafise ubwenge
  13. N’ibi yakwiragije kw’Isi bifise amabara atandukanye mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ikimenyetso ku bantu bumva ubutumwa bw’Imana
  14. Nayo niyo yagamburukije ikiyaga, kugira ngo murico muronke ibifungura bishasha kandi mukure murico ibisharizo mwambara, uca ubona rero ubwato buca muri ivyo biyaga kugira ngo murondere imihezagiro yayo kandi muyikengurukire
  15. Kw’Isi ishiraho imisozi kugira ngo ntinyigange namwe muri kuriyo, ibashiriraho inzuzi n’amayira kugira ngo mushobore gutumbera
  16. N’ibindi bimenyetso ni kunyenyeri bakurikira inzira zabo
  17. Bati:- umwe arema yoba angana na bamwe batarema, mbega mwebwe bantu ntimwibuka
  18. Nimwa harura imigisha y’Imana ntimuzo shobora kuyiharura, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
  19. N’Imana irafise ubumenyi bw’ivyo munyegeza hamwe n’ivyo muserura
  20. Na barya musenga batari Imana y’ukuri ntanakimwe barema ahubwo nibo baremwe
  21. N’abapfuye batari bazima, ntabumenyi bafise bwukumenya igihe bazozurwa
  22. Imana yanyu n’Imana imwe yonyene rudende, mugabo bamwe batemera umusi w’imperuka imitima yabo niyo ihakana nabo bagaca bishima
  23. Ntankeka Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo banyegeza hamwe n’ivyo baserura, mu vy’ukuri ntikunda abishima
  24. Mugihe babwiwe bati:- Umuremyi wanyu yamanuye iki? nabo bishura bati:- n’amajambo y’ububeshi gusa y’abantu bakera
  25. Kugira ngo bikorere amatu yabo akwiye yo k’umusi w’imperuka, n’ahantu h’amatu yabamwe babatakaza ata bumenyi bafise nimwumvirize, ayo matu bazoba bikoreye nimabi cane
  26. Baragize ingeso bamwe bamyeho imbere yabo rero Imana ica isenyura amazu yabo iyata mumishingi nayo ibisenge vy’amazu bibarwako, baca bashikirwa n’ibihano batazi iyo vyavuye
  27. Hanyuma k’umusi w’imperuka Imana izobatetereza n’ukuvuga iti:- bari hehe bamwe mwahora mugereranya nabo n’ibindi bintu hamwe nanje, rero kuberabo mwahora mutongana nabo, nabo bazovuga bamwe bahawe ubumenyi bati:- mu vy’ukuri ibimaramare hamwe n’agahinda k’uno musi uzoba shikira abahakanyi b’Imana
  28. Mubo Abamarayika bishe n’abahemukiye imitima yabo rero bazo kwitaba itegeko ry’Imana baze bavuge bati:- ntitwamye tugira amabi ayariyo yose, egome ntankeka Imana niyo ifise ubumenyi buhagije cane kuvyo mwahora mugira
  29. Kuri ivyo rero nimwinjire mumiryango yo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu nukwicara muriwo mubuzima bwanyu bwose, n’ubwo bwicaro nabwo n’ahantu habi cane ku bantu bishima
  30. Mugihe babwiwe bamwe bemera Imana yabo y’ukuri bati:- ni ikihe kintu Umuremyi wanyu yamanuye? nabo bazokwishura bati:- Imana yatumanuriye amahoro hamwe nabagize ibikorwa vyiza ng’aha kw’Isi bazoronka ineza, mu vy’ukuri inzu yo mw’Ijuru niyo nziza cane, kandi niyo nzu nziza yabagamburukira Imana yabo y’ukuri
  31. Imirima y’ubuzima bwabo bwose bazoyinjiramwo hanyuma haze haracamwo imbere yabo inzuzi z’amazi, muriyo bazoronkeramwo ivyo bipfuza mwo vyose, uko niko Imana iriha abayi gamburukira
  32. Bamwe Abamarayika bica bari munzira nziza bakavuga bati:- amahoro y’Imana azoba kuri mwebwe, rero nimwinjire mw’Ijuru kubera ivyo mwahora mugira
  33. Hari ikindi barindiriye abo bahakanyi b’Imana yabo y’ukuri atari uko Abamarayika babashikira canke bashikirwe n’itegeko ry’Umuremyi wawe, nivyaba ari uko bagize bamwe bamyeho imbere yabo, n’Imana ntiyaba hemukiye, mugabo nibo bahemukiye imitima yabo
  34. Rero bashikiwe n’amabi y’ivyo bagize, baca bakikuzwa n’ibihano bamye bahora bafata minenerwe
  35. Nayo bamwe bagereranya Imana n’ibindi bintu bavuga bati:- iyo Imana ibishaka ntitwari gusenga icarico cose atariyo yonyene gusa, haba twebwe canke abavyeyi bacu, canke ntitwari kubuza icarico cose atariyo yonyene, rero nivyaba ari uko bagize bamwe bari imbere yabo, mbega hoba hari hejuru y’intumwa z’Imana atari ugushikiriza ubutumwa buri k’umugaragaro gusa
  36. Ntankeka twararungitse intumwa y’Imana ku bantu yuko bosenga Imana yabo y’ukuri, nugutandukana na Shetani mubi, rero harimwo muribo abo Imana yarongoye, hakaba n’abandi bari mubuzimire bwatsimbataye kuribo, rero ni mugendere kuri iy’Isi hanyuma murabe ivyabaye kuribo mumpera yabo bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
  37. Niwaba ufise ishaka rininiya ryukuba rongora, mugabo Imana ntirongora uwutakaza uwundi, kandi ntibazo baronka abazoba tabara
  38. Nabo bararahira kw’izina ry’Imana kundahiro ikomeye cane yuko Imana itazozura abapfuye, none ni kuki itobazura nayo ari indagano yategetswe kuriyo mugabo benshi muribo ntavyo bazi na gatoyi
  39. Kugira ngo ibamenyeshe muvyo batumvikanyeko kandi bamenye abahakanye Imana yabo y’ukuri yuko bari ababeshi
  40. Imvugo yacu kukintu dushaka ngo kibe nukukibwira ngo kibe kigaca kiba ubwo nyene
  41. N’abimutse kubera Imana yabo y’ukuri munyuma yaho bamaze guhemukirwa ntankeka twebwe tuzobicarika ngaha kw’Isi n’ineza ntangere n’impembo y’umusi w’imperuka nininiya cane iyo boyimenya
  42. Bamwe bihanganye n’ukwizera k’Umuremyi wabo
  43. Natwe ntitwarungitse intumwa y’Imana imbere yawe tweretse ubwo butumwa, rero nimubabaze abacibuka mutabizi. atari niba abagabo mwebwe
  44. Kubimenyetso biri k’umugaragaro hamwe n’ibitabu, tukaba twakumanuriye ubutumwa kugira ngo usigurire abantu ivyamanuriwe kuribo kugirango biyumvire
  45. Mbega barabemeje muri bamwe bagira ingeso mbi yuko Imana itazoba cinyiza kuri iy’Isi canke batazo shikirwa n’ibihano bivuye aho batazi
  46. Canke Imana ntizobafata mukugenda kwabo hirya no hino hanyuma ntibaze bashobore kuyica muminwe yayo
  47. Canke ntizobahana mukubagabanya buhoro buhoro, mu vy’ukuri Umuremyi wanyu n’intungane, kandi niyo nyene impuhwe zihagije
  48. Mbega ntibabibona ibintu vyose Imana yaremye mugihe ibitutu vyavyo bikikuje kuva iburyo n’ibubamfu, kandi bipfukamira Imana imitwe yabo iri hasi mugihe bifise ubugamburutsi nyakuri
  49. Vyose bipfukamira Imana imitwe nayo iri hasi, kubigira mw’ijuru no kw’Isi haba mubikoko hamwe n’Abamarayika nabone batishima
  50. Batinya Umuremyi wabo ari hejuru yabo, nukugira ivyo bategetswe
  51. N’Imana yaravumereye iti:- ntimugire Imana ngo zibe zibiri, mu vy’ukuri niwe Muremyi umwe wenyene gusa, rero nimuntinye jewe gusa
  52. Nirwiwe ibiri mw’Ijuru no kw’Isi, n’amasengesho yose akwiriye wenyene gusa k’umisi yose, mbega muzotinya uwutari Imana
  53. N’imigisha yose mufise niyavuye ku Mana hanyuma mugihe muhuye n’ivyago ivyarivyo vyose muca mutakambira kuriyo
  54. Hanyuma ibakuriyeko ivyo vyago vyose, umurwi umwe muri mwebwe uca ugereranya Umuremyi wabo n’ibindi bintu
  55. Barahakana kuri yamigisha twabahaye, rero nibanezerwe gatoyi, ubu vuba niho muzotahura amabi yanyu
  56. Nabimwe muvyo twabahaye babashiriraho Imana zabo batazi ivyo bagirirwa, kw’izina ry’Imana ntankeka mwebwe muzobazwa kuvyo mwahora mwadukana navyo
  57. Begeka ku Mana yuko ifise abigeme, nininahazwe kubwayo mugihe kuribo bishakira abo bikundiye nabo ari abahungu
  58. Umwe muribo aronse inkuru yukuvuka k’umwana w’umwigeme, uca ubona mumaso yiwe hirabuye nukwuzuramwo agahinda
  59. Agaca yinyegeza n’abantu kubera iyo nkuru mbi yabwiwe, mbega abane n’ico kibondo kubera agahinda canke amuhambe mw’ivu, nimwumve ubwo bubisha bwabo nayo mategeko yabo
  60. Imana zabo batemera, Imana yabo y’ukuri hamwe n’umusi w’imperuka barafise uburorero bubi, n’Imana niyo nyene ihayagizwa ry’iteka, kandi niyo ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
  61. Mbega iyo Imana ihana abantu kubera ibicumuro vyabo, ntiyosigaje n’igikoko nakimwe kuri iy’Isi, mugabo irabarindiriza kugeza kugihe categekanijwe, hagera ico kiringo ntibashobora kurorezwa n’isaha n’imwe canke ntibashobora kuyitanguzako
  62. Bayiha Imana muvyo badashaka n’imvugo zabo zivugisha ububeshi yuko bazoronka amahirwe, ntankeka abo bantu babikiwe umuriro udahera nabo bazo wusuzwamwo
  63. Kw’izina ry’Imana twebwe twararungitse intumwa z’Imana ku bantu babayeho imbere yawe, mugabo Shetani yarabasharijije ibikorwa vyabo, kuri ivyo rero ubu niyo mugenzi wabo, nabo bazoronswa ibihano bibabaza cane
  64. Ntitwa kumanuriye iki gitabu atari uko wobasigurira muvyo batumvikana ko, hanyuma habe uburongozi n’impuhwe ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri
  65. N’Imana niyo yamanuye amazi avuye mw’ijuru, no kuri iyo Si irayi remurura mugihe yari yarapfuye, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ikimenyetso ku bantu bumva
  66. Ntankeka no mubikoko harimwo ibitekerezo bininiya kubera mwebwe, kuko tubanywesha mubiri munda zavyo no mubiri hagati y’umwanda wavyo no mumaraso yavyo, hakabamwo amata meza ku bantu bayanywa
  67. Nomuvyamwa vy’imitende hamwe n’imizabibu nivyo muhingurira mwo ibinyobwa biboreza nukuronkeramwo imigisha myiza, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibitekerezo ku bantu bakoresha ubwenge bwabo
  68. N’Umuremyi wawe yarabwiye inzuki yuko zokwiyubakira amazu yazo kumisozi no kubiti hamwe no kubitiba vyubatswe n’abantu
  69. Hanyuma mufungure kuvyamwa vy’ubwoko bwose, kandi uce munzira y’Umuremyi wawe yoroheje gucamwo, hava munda zavyo ibinyobwa bifise amabara atandukanye, murivyo harimwo urukizwa kubantu mu vy’ukuri harimwo ibitekerezo ku bantu bafise ivyiyumviro
  70. N’Imana niyo yabaremye kandi niyo ibica, no muri mwebwe harimwo abasubizwa mubuzima bubi cane, kugeza naho atamenya n’ikintu nakimwe n’ubwenge yahorana nabwo, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi hamwe n’ubushobozi bukwiye
  71. N’Imana yarabahaye iteka bamwe muri mwebwe gusumba abandi kubijanye n’imigisha yayo, na bamwe bahawe iyo migisha ntibasubiza iyo migisha yabo kubo batunze n’amaboko yabo y’iburyo, kugira ngo bangane kuri iyo migisha, mbega bahakana imigisha y’Imana
  72. N’Imana yarabaremeye abakenyezi nkuko namwe mumeze, hanyuma ibahezagira kuva kubakenyezi banyu ibibondo hamwe n’abuzukuru, nukuba hezagira ibintu vyiza vyiza, mbega baremera ibitari ivy’ukuri n’uguhakana imigisha y’Imana
  73. Nabareka Imana yabo y’ukuri, nugusenga abatabafitiye imigisha nagatoyi, haba iyivuye mw’Ijuru canke ng’aha kw’Isi, kandi ntabubasha bw’ikintu nakimwe bafise
  74. Ntimugirire uburorero ku Mana, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi, namwe ntanakimwe muzi
  75. Imana itanga akarorero k’umushumvyi atunzwe na Sebuja nawe ataco yishoboje, n’uwundi nawe tukaba twamuhaye imigisha myiza ivuye kuri twebwe, nawe akaba atanga muri iyo migisha mumwiherero canke k’umugaragaro, none abo bantu barangana ikenguruko ryose ni ry’Imana, mugabo benshi muribo ntavyo bazi
  76. N’Imana itanga akarorero k’abantu babiri, umwe muribo n’ikiragi adashoboye n’ikintu nakimwe nawe afise ingorane na Sebuja wiwe, kuko aho amweretse kuja nta nakimwe amumarira, mbega uyo muntu angana nurya ategeka ibintu vy’ukuri nawe ari hejuru y’inzira igororotse
  77. Ntahandi hari amabanga y’Amajuru hamwe n’ibiri kw’Isi atari ku Mana, kandi ntihari kuba ijambo ry’umuhero w’Isi atari uko vyari kuba nkugukoma urugohe canke kuba hafi yaho cane, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubushobozi bw’ibintu vyose
  78. N’Imana niyo yabakuye munda z’abavyeyi banyu mugihe mutari muzi n’ikintu nakimwe, itako ibaha n’amatwi hamwe n’amaso hamwe n’imitima kugira ngo mushobore gukenguruka
  79. Mbega ntibabona ingene inyoni zikoreshwa ziri mukirere c’ijuru, rero ntawuzi zitira mukirere kugira ngo ntizikoroke atari Imana yonyene gusa, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri
  80. N’Imana yarabahezagiye amazu yanyu ngo abe aribwo buraro bwanyu kandi ibahezagira amazu y’inshato z’ibikoko mubona yuko yoroshe mugihe c’ingendo zanyu n’igihe c’ukuruhuka kwanyu, no kw’isufi zavyo hamwe no kumoya yazo n’imishatsi yazo, hamwe no kubikoresho bakoresha mugihe kirekire
  81. N’Imana mubintu yaremye yarabagiriye ibintu bizana igitutu, nukubagirira amazu ari mumisozi, kandi ibagirira impuzu zibakingira ubushuhe, n’impuzu z’ivyuma zibakingira mugihe c’ingwano zanyu, uku rero niko Imana ibakwiriza imigisha yayo kugira ngo muyigamburukire
  82. Nibahakana sikuri wewe atari ugushikana ubutumwa bwawe buri k’umugaragaro
  83. Barafise ubumenyi bw’imigisha y’Imana mugabo barayihakana, kandi benshi muribo n’abahakanyi b’Imana
  84. N’Umusi tuzorengutsa ivyabona ku bantu bose hanyuma ntibazo kwemererwa kubahakanye Imana yabo y’ukuri, canke ntibazobwirwa ngo nimusabe ikigongwe
  85. Na bamwe bahemukiye imitima yabo mugihe bazobona ibihano vy’Imana, ntibazo gabanirizwa ivyo bihano, kandi ntibazohabwa ikindi kiringo
  86. Nayo abagereranije Imana n’ibindi bintu mugihe bazobona abo bagereranije Imana n’ibindi bintu bazovuga bati:- Muremyi wacu, aba nibo bagereranywa bacu b’Imana y’ukuri twahora dusenga aho kugusenga wewe Mana yacu, niho bazobabwira iri jambo abo bagereranya Imana n’ibindi bintu yuko mu vy’ukuri mwebwe muri ababeshi
  87. No kuri uwo musi w’imperuka bazokwemera amategeko yose imbere y’Imana, kandi bazokwibagira ivyo bahora badukana navyo
  88. Abahakanye Imana yabo y’ukuri nukuzitira inzira y’Imana, tuzo bongereza ibihano hejuru y’ibindi bihano kubera ubwononyi bwabo
  89. N’umusi tuzohagarika ivyabona kubantu babo bose bababona kubijanye nabo, hanyuma tukuzane nawewe ube muvyabona hejuru yabo, natwe twakumanuriye iki gitabu gisigura ibintu vyose, kandi kirimwo uburokoke n’imigisha hamwe n’inkuru z’umunezero ku bantu bemeye yuko ari aba Isilamu
  90. Mu vy’ukuri Imana itegeka ibintu vy’ubutungane, hamwe nukugira impuhwe hamwe nuguha abagenzi, hamwe n’ugutuza abafise umwanda w’amabi n’ubuhemu, kandi ikaba kebura kugira ngo mushobore kumenya nugukurikira
  91. Nimukwize indagano mutanga kw’izina ry’Imana mugihe muzitanze, kandi ntimuze mudohoke kurizo mugihe mwamaze kuzemeza, mugihe mwamaze kuyigira Imana kuba ariyo cabona canyu, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo mugira vyose
  92. Kandi ntimube nkawa mukenyezi yaca urunyuzi rwiwe ibice bice mugihe rwari rukomeye, hanyuma mugira indahiro zanyu kuba ariyo nzira zuguhendana hagati yanyu, kubera umurwi umwe w’abantu kuba ariwo ufise ubushobozi gusumba uwundi, mu vy’ukuri Imana iriko irabagerageza muri iyo nzira, kandi ntankeka izobibereka k’umusi w’imperuka kuvyo mwahora mutumvikanako
  93. N’Imana iyo ibishaka mu vy’ukuri yari kubagira umurwi umwe wonyene gusa, mugabo ireka hakazimira uwo yishakiye, nukurongora uwo yishakiye, mu vy’ukuri muzobazwa kuvyo mwahora mugira
  94. Kandi ntimugire indahiro zanyu kuba ariyo nzira yuguhendana hagati yany(u, hanyuma ukuguru ntikuze kunyerere munyuma yaho kwari guhagaze neza, n’uguhonja amabi yanyu kubera ukuzitira inzira y’Imana nukuronka ibihano bininiya cane)
  95. Kandi ntimugurishe indagano z’Imana kukiguzi ataco kimaze, n’ibiri ku Mana nivyo vyiza kuri mwebwe nimwaba mutahura neza
  96. Ivyo mufise vyose bizohera, n’ibiri ku Mana nivyo bizoramba, mu vy’ukuri twebwe tuzoha impembo zabigumije kuvyo bahora bagira
  97. Abagira ineza mubagabo no mubagore nabo ari aba Isilamu, twebwe tuzobahindurira ubuzima bwiza nukubaha impembo zabo niniya cane kubera ineza bahora bagira
  98. Niwaba ushaka gusoma iyi Qur’ani ntagatifu, ni wikingire ku Mana yawe ikurinde na Sheteni yavumwe n’Imana
  99. Mu vy’ukuri Shetani ntabubasha ifise kuri barya bemeye Imana yabo y’ukuri n’abizera Umuremyi wabo
  100. Ubushobozi bwayo nikuri barya bantu bayigira basoma mbike bayo no hejuru yabagereranya Imana n’ibindi bintu
  101. Mugihe duhinduye ijambo ry’Imana kurindi jambo, n’Imana nayo ikaba ifise ubumenyi bw’ivyo imanura, baca bavuga bati:- wewe wiyadukije gusa, mugabo benshi muribo ntabumenyi bafise
  102. Vuga uti:- Mutima mweranda niwo wamanuye kuva k’Umuremyi wawe w’ukuri, kugira ngo bemeze kuri bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri yuko uburongozi hamwe n’inkuru nziza kuba Isilamu
  103. Ntankeka turazi neza yuko bavuga bati:- hariho umuntu amwigisha ururimi rw’uwo batumberezako, n’imvugo y’abanyamahanga, n’iyi n’imvugo y’ururimi rw’icarabu rutomoye neza
  104. Mu vy’ukuri bamwe batemera amajambo y’Imana y’ukuri, Imana ntizobarongora, mugabo bazoronka ibihano bibabaza cane
  105. Abadukana ububeshi nibarya batemera amajambo y’Imana y’ukuri abo rero nibo babeshi
  106. Uwuhakana Imana yiwe y’ukuri munyuma yubu Isilamu bwiwe, nuko dukuyemwo uwategetswe nawe umutima wiwe uturuye kw’idini rya Isilamu, mugabo uwugururiye igikiriza ciwe k’ubuhakanyi bw’Imana, abo nibo ishavu ry’Imana rizoba hejuru yabo, kandi bazoronka ibihano bininiya cane
  107. Ivyo vyose nukubera yuko bakunze cane ubuzima bwo ng’aha kw’Isi gusumba ubuzima bwo mw’Ijuru, kandi nuko Imana itarongora abahakanyi b’Imana
  108. Abo nibo bantu Imana yazivye imitima yabo n’amatwi yabo, hamwe n’amaso yabo, abo rero nibo bibagiwe bimwe vy’ukuri
  109. Ntankeka yuko abo bantu aribo bantu bari muruhombo rwo k’umusi w’imperuka
  110. Hanyuma mu vy’ukuri Umuremyi wawe kuri barya bimutse munyuma yukugira ingorane z’ibihano, hanyuma bakarwanira idini hamwe n’ukwihangana, ntankeka Umuremyi wawe inyuma y’ibi vyose niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
  111. Umusi waho umutima wumw’umwe wese uzoshika kwiregura, n’umutima wumw’umwe wese uzorihwa kubikorwa wagize, kandi nabo ntibazo hemukirwa
  112. N’Imana ibatangirako akarorero kugisagara cari gifise amahoro n’umutekano ntangere, imigisha yaco yagishikira kubwinshi buvuye kumpande zose, mugabo barahakanye imigisha y’Imana, kuri ivyo rero Imana ica irambika ico gisagara impuzu y’ikigoyi n’ubwoba kubera ivyo bahora bagira
  113. Yarabashikiye intumwa y’Imana ivuye muribo mugabo barayihakanye, rero ibihano vyarabashikiye mugihe bonyene bari bihemukiye kumitima yabo
  114. Nimufungure kuvyo Imana yabahaye, arivyo vyarekuriwe n’amategeko kandi vyiza, kandi mukengurukire imigisha y’Imana mu vy’ukuri nimwaba muyisenga bimwe biboneka
  115. Yarababujije gufungura kubikoko vyapfuye vyonyene hamwe n’amaraso, n’inyama z’ingurube hamwe n’ivyabazwe kw’izina ritari iry’Imana, mugabo uwugeramiwe n’ikigoyi canke atiyonkoye kandi atarenze imbibe mu vy’ukuri Imana niyo ifise ikigongwe cinshi hamwe n’impuhwe zihagije
  116. Kandi ntimuvuge kubera ububeshi buvugishwa n’indimi zanyu zivuga yuko:- ibi n’ibirekuriwe n’amategeko y’Imana, nibi navyo ntibirekuriwe n’amategeko y’Imana, rero ntimuze mwadukane n’ububeshi ku Mana, mu vy’ukuri bamwe badukana ububeshi ku Mana ntantsinzi bafise
  117. N’umunezero mukeyi nabo bazoronka ibihano bibabaza cane
  118. N’abayahudi twarababujije kuvyo twababwiye kuva kera, natwe ntitwaba hemukiye ahubwo nibo bonyene bahemukiye imitima yabo
  119. Hanyuma mu vy’ukuri Umuremyi wawe kuri barya bagize amabi yabo kubujuju bwabo hanyuma bagaca basaba ikigongwe kuri ivyo bagaca bagira ibikorwa vyiza, ntankeka Umuremyi wawe munyuma y’ivyo vyose niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
  120. Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yari indongozi nubugamburutsi ku Mana bimwe bikwiye, kandi ntiyari mubantu bagereranya Imana n’ibindi bintu
  121. Yarashimira imigisha y’Imana, nukumutora hamwe nuku muyobora munzira igororotse
  122. Duca tumuha ubugira neza, kuri iy’Isi mu vy’ukuri niwe k’umusi w’imperuka azoba ari mu bantu beranda
  123. Hanyuma tukwereka yuko ukurikira imigenzo y’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) agamburuka bimwe bikwiye, kandi ntiyari mu bantu bagereranya Imana n’ibindi bintu
  124. Mu vy’ukuri umusi wa gatandatu wagenywe kubera abatumvikana kuwo musi, mu vy’ukuri Umuremyi wawe azocira urubanza ruzoba hagati yabo k’umusi w’imperuka kuvyo bahora batumvikana ko
  125. Bahamagare munzira y’Umuremyi wawe, ukoresheje ubuhizi n’ubutumwa bwiza, hanyuma uharire nabo munzira nziza, mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’ukumenya uwatakaye munzira yiwe, nawe niwe abazi abarongotse
  126. Nimwihorana nimwihore neza naneza nkuko mwabonewe, rero nimwihangana mu vy’ukuri ivyo nivyo vyiza ku bantu bihangana
  127. Niwihangane, n’uwihangana kwawe ntikube atari kubera Imana gusa, kandi ntugire agahinda kubera abo bantu, kandi ntube mu bantu batuntuye kubeera ingeso zabo bagira
  128. Mu vy’ukuri Imana iri kumwe nabamwe bayigamburukira hamwe n’abagira ineza