15.The Rock

  1. Alif, Laam, Ra. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa). Aya majambo ari muri iki gitabu akoranije ibintu bikenewe vyose, nukuvyerekana neza k’umugaragaro
  2. Kenshi na kenshi bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri bazokwipfuza iyo bobaye aba Isilamu
  3. Nimubareke bafungure kandi binezereze hanyuma bahendwe n’icizero c’ububeshi, mugabo ubu vuba bazotahura
  4. Natwe ntitwahoneje igisagara icarico cose atari uko ico gisagara ikiringo caco categekanijwe
  5. Abantu abaribo bose ntibashobora kuba imbere y’isanganya ryabo, canke ntibashobora guteba mugihe umwanya wabo wageze
  6. Baravuze bati:- ewe wamanuriwe ubutumwa, mu vy’ukuri wewe uri umusazi
  7. Mbega ni kuki utatuzanira abo bamarayika bokuduhonya niyaba ari mubantu bavugisha ukuri
  8. Twebwe ntitumanura Abamarayika atari k’ukuri, aho rero ntibazohabwa ikiringo
  9. Mu vy’ukuri nitwebwe twamanuye ubu butumwa ariyo Qur’ani nyeranda kandi mu vy’ukuri nitwebwe tuzoyakingira
  10. Ntankeka twarazanye intumwa z’Imana imbere yabo iri mumirwi y’abantu bari imbere
  11. Kandi ntibashikiwe n’intumwa y’Imana iyariyo yose atari uko bayikengereye
  12. Ni nk’uku twinjiza mumitima yaba bahakanyi b’Imana
  13. Ntibemera ibi vyose mugihe yaho bahitiwe n’uburorero bw’abantu baho hambere yabo
  14. Iyo tubugurira abo bahakanyi b’Imana umuryango w’ijuru bakaguma baduga
  15. Rero bari kuvuga bati:- amaso yacu yarozwe, ahubwo twebwe turi mu bantu barozwe
  16. Mu vy’ukuri twashize mw’Ijuru ibituro nugushariza kubera abantu baziraba
  17. Tukaba tuzikingiye n’amashetani aguma yirukanwa
  18. Mugabo uwumviriza inkuru munzira z’ubusuma, rero aca akurikirwa n’igishirira c’umukomezwa kiboneka neza
  19. N’Isi twarayishashe no muriyo tuyishira mwo imisozi nuku nagishamwo ibintu vyose kurugero rwaco
  20. Twaraba giriye muriyo ibintu vy’ubuzima bwanyu nivy’ubuzima bwabarya mutunze mwebwe ataco mubaha kubijanye n’imigisha
  21. Ntakintu nakimwe atari uko amamuko yaco ava muri twebwe, kandi ntitukimanura atari kurugero rukwiye
  22. Kandi tuzana imiyaga yuzuye mwo urume nukumanura amazi y’imvura avuye muri ivyo bicu, hanyuma tukaba nywesha kuriyo kandi si mwebwe muyashiraho
  23. Ni twebwe turema kandi tukica, natwe ni twebwe basirwa
  24. Kandi turabazi abatangura muri mwebwe kandi turabazi abacererwa
  25. Ntankeka Umuremyi wawe niwe azobegeranya, mu vy’ukuri niyo nyene ubuhizi n’ubumenyi buhagije
  26. Twararemye ikiremwa muntu tumukuye mw’ivu ryumutse rifise n’ijwi, rivuye muvyondo vyirabura vyavunditswe
  27. N’ibisigo twabiremye imbere yaho, mu muriro w’umuyaga w’ubushuhe bwinshi cane
  28. N’Umuremyi wawe igihe yabwira Abamarayika biwe ati:- mu vy’ukuri jewe nzorema umuntu ndamukuye mw’ivu ryumutse rifise ijwi rivuye muvyondo vyirabura bivunditswe
  29. Ninaheza kumurema nukumuhuheramwo umutima uvuye iwanje, rero nimu murweko nukumu gamburukira
  30. Rero abamarayika bose hamwe bara gamburuka
  31. Dukuyemwo uwitwa Ibilisi niwe yanse kuba hamwe naba gamburutse
  32. Imana yavuze iti:- ewe Ibilisi vyabaye gute kutabaye hamwe naba gamburutse
  33. Shetani imwishura iti:- jewe sinshobora kugamburukira umuntu waremye mw’ivu ryumutse rifise ijwi rivuye muvyondo bivunze
  34. Imana ivuga iti:- nuve ngaho mugihe wirukanywe nukuba kure y’imigisha yose
  35. Kandi mu vy’ukuri bizoba kuri wewe harimwo umuvumo kugeza k’umusi w’imperuka
  36. Shetani yishura iti:- Muremyi wanje numpe umwanya kugeza k’umusi bazozurwa abantu bose
  37. Imana yishura iti:- mu vy’ukuri wewe uri mubaronse ikibanza
  38. Kugeza k’umusi w’umwanya wagenewe ushitse niho uzosandaba
  39. Nayo yishura iti:- Muremyi wanje kubera yuko wanciriye urubanza rw’ukuzimira, nanje nzobaryosha ryosha aba bantu kuri iy’Isi nze ndabazimize bose
  40. Dukuyemwo abantu bawe beranda bisukuye neza naneza
  41. Imana ivuga iti:- iyi nzira yabo niyukuza iwanje kandi igororotse
  42. Mu vy’ukuri abantu banje, wewe ntabushobozi uzoba ufise kuribo, atari bamwe bagukurikira muri abo bazimiye
  43. Kandi ntankeka umuriro udahera witiriwe Jahannamu nibwo bwicaro bwabo bemerewe bose
  44. Uwo muriro ufise imiryango indwi, no kumuryango umw’umwe hariho ahantu hagabuwe
  45. Mu vy’ukuri abatinya Imana yabo y’ukuri bazoba bari mumirima n’amasoko y’amazi y’umusarara
  46. Nimuyinjiremwo n’amahoro ntangere
  47. Kandi tuzokuramwo amafundo yari mubikiriza vyabo, kandi bazoba abavandimwe bakundana bicaye hejuru y’inyegano zacami barabana
  48. Ntibazo korwako n’ingorane, canke ngo bakurwemwo
  49. Babwire abantu banje yuko jewe mfise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
  50. Mu vy’ukuri ibihano vyanje n’ibihano bibabaza cane bimwe vy’akarorero
  51. Kandi ubabwire inkuru z’abashitsi b’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii)
  52. Mugihe binjira munzu yiwe nukumuramutsa bavuze bati:- amahoro y’Imana abe kuri twese, nawe abishura nkuko nyene hanyuma aca avuga ati:- mu vy’ukuri twebwe turabinuvye
  53. Nabo bamwishura bati:- ntugire ubwoba twebwe tugufitiye inkuru nziza yuko uzokwibaruka ikibondo gifise ubumenyi buhanitse
  54. Nawe abishura ati:- munzaniye iyi nkuru mugihe namaze kuba umusaza, none n’iyihe nzira mumpaye y’izi nkuru nziza
  55. Nabo bamwishura bati:- tuguhaye iyi nkuru nziza y’ukuri, rero ntube mu bantu badebukirwa
  56. Nawe abishura ati:- ni nde adebukirwa kumigisha y’Umuremyi wiwe atari mu bantu bazimiye
  57. Yishura ati:- none ico mwipfuza n’igiki mwebwe mwatugendeye
  58. Nabo bamwishura bati:- mu vy’ukuri twebwe twarungitswe kuri ba bantu bacumuye
  59. Dukuye mwo abakurikiye intumwa y’Imana Lutwi (iii), ntankeka twebwe tuzoba rokora uko bangana bose
  60. Dukuye mwo umukenyezi wiwe, niwe twibaza yuko yoba ari mu bantu bazo kwicara inyuma ya bose
  61. Izo ntumwa mugihe zashika ku bantu b’intumwa y’Imana Lutwi (iii) bafise ishusho ry’abantu
  62. Lutwi (iii) yavuze ati:- mu vy’ukuri mwebwe muri mu bantu mutazwi kandi nanje sindabazi
  63. Baca bishura bati:- twebwe tukuzaniye bimwe muvyo bahora bagirira ko amakenga
  64. Dushitse iwawe n’ukuri, mu vy’ukuri twebwe turi muba vugisha ukuri
  65. Rero nugende n’abantu bawe mugice c’ijoro nawe ubakurikire inyuma yanyu ntihagire umwe muri mwebwe ahindukira inyuma, hanyuma mugende mutumbera iyo mwategetswe kuja
  66. Hanyuma tumucira intumwa y’Imana Lutwi (iii) kuri rya jambo yuko imizi yabo izocibwa mugitondo
  67. Haca haza abantu bo mugisagara banezerewe
  68. Intumwa y’Imana Lutwi (iii) yavuze iti:- mu vy’ukuri aba n’abashitsi banje ntimuntetereze
  69. Kandi mutinye Imana yanyu ntimunkengere
  70. Bavuga bati:- mbega twebwe ntitwakubujije kwakira abantu
  71. Yavuze ati:- aba bose n’abigeme banje nimwaba mwebwe muri mubagira ibikorwa
  72. Ndarahiye k’ubuzima bwawe mu vy’ukuri abo bantu bari mububorerwe bwabo bataya taya hirya no hino
  73. Mumwanya ibihano biraba fata mugihe izuba ryaseruka
  74. Hanyuma duca tugira ivyo bisagara kuba hasi hejuru, hanyuma tubashungurira imvura y’isegenya irimwo ivyondo vyo mumuriro udahera
  75. Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo icirwa ku bantu bapima ibintu n’ibindi
  76. N’ibi bisagara twahoneje biri munzira bacamwo mumwanya wose
  77. Ntankeka muri ibi vyose harimwo icirwa kubantu bemera Imana yabo y’ukuri
  78. Mu vy’ukuri abantu bo mumashamba bari mubahemukiye imitima yabo
  79. Kuri ivyo twarabahanye, n’ibi bisagara uko ari bibiri vyari munzira ziboneka neza
  80. Ntankeka abantu bo mugisagara c’Amabuye barahakanye intumwa z’Imana
  81. Twarabahaye impanuro zacu mugabo ntibazitaho
  82. Nabo bahora babaza amazu yabo ari mumisozi mumahoro ntangere
  83. Rero akaruru k’ibihano karabashikiye mugitondo cakare
  84. Ntaco vyabamariye muvyo bahora bagira
  85. Natwe ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose atari uko ari ivy’ukuri, kandi ntankeka umusi w’imperuka uzoshika, rero nugire c’ikigongwe ciza kuwukugiriye inabi, impembo yanyu muzoyisanga k’umusi w’imperuka
  86. Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe muremyi wa vyose kandi niwe afise ubumenyi buhagije
  87. Twaguhaye aya majambo y’Imana meranda uko ari indwi asomwa umwanya uwariwo wose, nukuguha iyi Qur’ani ntagatifu ikwiye
  88. Ntukwege amaso yawe mukuraba muvyo twanejereje imirwi itandukanye yabo bansi b’Imana, kandi ntubagirire agahinda kandi wunamike ibaba ryawe ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri
  89. Kandi uvuge uti:- mu vy’ukuri jewe ndi mubantu batuza mbonekana neza k’umugaragaro
  90. Nkuko twabamanuriye ibihano bose tubitandukanije mumirwi n’iyindi
  91. Abagize iyi Qur’ani ntagatifu kuba ariryo koraniro ry’ububeshi
  92. Nivyo, ndarahiye kw’izina ry’Imana yuko uko tuzoba baza abantu bose k’umusi w’imperuka
  93. Kuvyo bahora bagira vyose
  94. Rero bimenyeshe ivyo wategetswe kugira, kandi ube kure n’ibikorwa vyabagereranya Imana n’ibindi bintu
  95. Mu vy’ukuri twebwe turaguhagije mukugu kingira n’ivyo bafata minenerwe
  96. Abagira Imana hamwe n’izindi Mana z’ibintazi, rero ubu vuba bazotahura neza
  97. Mu vy’ukuri twebwe turazi neza yuko igikiriza cawe cugarijwe n’ivyo bivugira
  98. Nutakambire Umuremyi wawe hamwe n’ukuyihayaza, kandi ube muba yipfukamira bashize imitwe yabo hasi
  99. Kandi usenge Umuremyi wawe kugeza aho uzoshikirwa n’urupfu. Igisomwa c’Inzuki. Ikigabane ca (14). Camanukiye IMakkat. Gifise imirongo