15.The Rock
- Alif, Laam, Ra. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa). Aya majambo ari muri iki gitabu akoranije ibintu bikenewe vyose, nukuvyerekana neza k’umugaragaro
- Kenshi na kenshi bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri bazokwipfuza iyo bobaye aba Isilamu
- Nimubareke bafungure kandi binezereze hanyuma bahendwe n’icizero c’ububeshi, mugabo ubu vuba bazotahura
- Natwe ntitwahoneje igisagara icarico cose atari uko ico gisagara ikiringo caco categekanijwe
- Abantu abaribo bose ntibashobora kuba imbere y’isanganya ryabo, canke ntibashobora guteba mugihe umwanya wabo wageze
- Baravuze bati:- ewe wamanuriwe ubutumwa, mu vy’ukuri wewe uri umusazi
- Mbega ni kuki utatuzanira abo bamarayika bokuduhonya niyaba ari mubantu bavugisha ukuri
- Twebwe ntitumanura Abamarayika atari k’ukuri, aho rero ntibazohabwa ikiringo
- Mu vy’ukuri nitwebwe twamanuye ubu butumwa ariyo Qur’ani nyeranda kandi mu vy’ukuri nitwebwe tuzoyakingira
- Ntankeka twarazanye intumwa z’Imana imbere yabo iri mumirwi y’abantu bari imbere
- Kandi ntibashikiwe n’intumwa y’Imana iyariyo yose atari uko bayikengereye
- Ni nk’uku twinjiza mumitima yaba bahakanyi b’Imana
- Ntibemera ibi vyose mugihe yaho bahitiwe n’uburorero bw’abantu baho hambere yabo
- Iyo tubugurira abo bahakanyi b’Imana umuryango w’ijuru bakaguma baduga
- Rero bari kuvuga bati:- amaso yacu yarozwe, ahubwo twebwe turi mu bantu barozwe
- Mu vy’ukuri twashize mw’Ijuru ibituro nugushariza kubera abantu baziraba
- Tukaba tuzikingiye n’amashetani aguma yirukanwa
- Mugabo uwumviriza inkuru munzira z’ubusuma, rero aca akurikirwa n’igishirira c’umukomezwa kiboneka neza
- N’Isi twarayishashe no muriyo tuyishira mwo imisozi nuku nagishamwo ibintu vyose kurugero rwaco
- Twaraba giriye muriyo ibintu vy’ubuzima bwanyu nivy’ubuzima bwabarya mutunze mwebwe ataco mubaha kubijanye n’imigisha
- Ntakintu nakimwe atari uko amamuko yaco ava muri twebwe, kandi ntitukimanura atari kurugero rukwiye
- Kandi tuzana imiyaga yuzuye mwo urume nukumanura amazi y’imvura avuye muri ivyo bicu, hanyuma tukaba nywesha kuriyo kandi si mwebwe muyashiraho
- Ni twebwe turema kandi tukica, natwe ni twebwe basirwa
- Kandi turabazi abatangura muri mwebwe kandi turabazi abacererwa
- Ntankeka Umuremyi wawe niwe azobegeranya, mu vy’ukuri niyo nyene ubuhizi n’ubumenyi buhagije
- Twararemye ikiremwa muntu tumukuye mw’ivu ryumutse rifise n’ijwi, rivuye muvyondo vyirabura vyavunditswe
- N’ibisigo twabiremye imbere yaho, mu muriro w’umuyaga w’ubushuhe bwinshi cane
- N’Umuremyi wawe igihe yabwira Abamarayika biwe ati:- mu vy’ukuri jewe nzorema umuntu ndamukuye mw’ivu ryumutse rifise ijwi rivuye muvyondo vyirabura bivunditswe
- Ninaheza kumurema nukumuhuheramwo umutima uvuye iwanje, rero nimu murweko nukumu gamburukira
- Rero abamarayika bose hamwe bara gamburuka
- Dukuyemwo uwitwa Ibilisi niwe yanse kuba hamwe naba gamburutse
- Imana yavuze iti:- ewe Ibilisi vyabaye gute kutabaye hamwe naba gamburutse
- Shetani imwishura iti:- jewe sinshobora kugamburukira umuntu waremye mw’ivu ryumutse rifise ijwi rivuye muvyondo bivunze
- Imana ivuga iti:- nuve ngaho mugihe wirukanywe nukuba kure y’imigisha yose
- Kandi mu vy’ukuri bizoba kuri wewe harimwo umuvumo kugeza k’umusi w’imperuka
- Shetani yishura iti:- Muremyi wanje numpe umwanya kugeza k’umusi bazozurwa abantu bose
- Imana yishura iti:- mu vy’ukuri wewe uri mubaronse ikibanza
- Kugeza k’umusi w’umwanya wagenewe ushitse niho uzosandaba
- Nayo yishura iti:- Muremyi wanje kubera yuko wanciriye urubanza rw’ukuzimira, nanje nzobaryosha ryosha aba bantu kuri iy’Isi nze ndabazimize bose
- Dukuyemwo abantu bawe beranda bisukuye neza naneza
- Imana ivuga iti:- iyi nzira yabo niyukuza iwanje kandi igororotse
- Mu vy’ukuri abantu banje, wewe ntabushobozi uzoba ufise kuribo, atari bamwe bagukurikira muri abo bazimiye
- Kandi ntankeka umuriro udahera witiriwe Jahannamu nibwo bwicaro bwabo bemerewe bose
- Uwo muriro ufise imiryango indwi, no kumuryango umw’umwe hariho ahantu hagabuwe
- Mu vy’ukuri abatinya Imana yabo y’ukuri bazoba bari mumirima n’amasoko y’amazi y’umusarara
- Nimuyinjiremwo n’amahoro ntangere
- Kandi tuzokuramwo amafundo yari mubikiriza vyabo, kandi bazoba abavandimwe bakundana bicaye hejuru y’inyegano zacami barabana
- Ntibazo korwako n’ingorane, canke ngo bakurwemwo
- Babwire abantu banje yuko jewe mfise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
- Mu vy’ukuri ibihano vyanje n’ibihano bibabaza cane bimwe vy’akarorero
- Kandi ubabwire inkuru z’abashitsi b’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii)
- Mugihe binjira munzu yiwe nukumuramutsa bavuze bati:- amahoro y’Imana abe kuri twese, nawe abishura nkuko nyene hanyuma aca avuga ati:- mu vy’ukuri twebwe turabinuvye
- Nabo bamwishura bati:- ntugire ubwoba twebwe tugufitiye inkuru nziza yuko uzokwibaruka ikibondo gifise ubumenyi buhanitse
- Nawe abishura ati:- munzaniye iyi nkuru mugihe namaze kuba umusaza, none n’iyihe nzira mumpaye y’izi nkuru nziza
- Nabo bamwishura bati:- tuguhaye iyi nkuru nziza y’ukuri, rero ntube mu bantu badebukirwa
- Nawe abishura ati:- ni nde adebukirwa kumigisha y’Umuremyi wiwe atari mu bantu bazimiye
- Yishura ati:- none ico mwipfuza n’igiki mwebwe mwatugendeye
- Nabo bamwishura bati:- mu vy’ukuri twebwe twarungitswe kuri ba bantu bacumuye
- Dukuye mwo abakurikiye intumwa y’Imana Lutwi (iii), ntankeka twebwe tuzoba rokora uko bangana bose
- Dukuye mwo umukenyezi wiwe, niwe twibaza yuko yoba ari mu bantu bazo kwicara inyuma ya bose
- Izo ntumwa mugihe zashika ku bantu b’intumwa y’Imana Lutwi (iii) bafise ishusho ry’abantu
- Lutwi (iii) yavuze ati:- mu vy’ukuri mwebwe muri mu bantu mutazwi kandi nanje sindabazi
- Baca bishura bati:- twebwe tukuzaniye bimwe muvyo bahora bagirira ko amakenga
- Dushitse iwawe n’ukuri, mu vy’ukuri twebwe turi muba vugisha ukuri
- Rero nugende n’abantu bawe mugice c’ijoro nawe ubakurikire inyuma yanyu ntihagire umwe muri mwebwe ahindukira inyuma, hanyuma mugende mutumbera iyo mwategetswe kuja
- Hanyuma tumucira intumwa y’Imana Lutwi (iii) kuri rya jambo yuko imizi yabo izocibwa mugitondo
- Haca haza abantu bo mugisagara banezerewe
- Intumwa y’Imana Lutwi (iii) yavuze iti:- mu vy’ukuri aba n’abashitsi banje ntimuntetereze
- Kandi mutinye Imana yanyu ntimunkengere
- Bavuga bati:- mbega twebwe ntitwakubujije kwakira abantu
- Yavuze ati:- aba bose n’abigeme banje nimwaba mwebwe muri mubagira ibikorwa
- Ndarahiye k’ubuzima bwawe mu vy’ukuri abo bantu bari mububorerwe bwabo bataya taya hirya no hino
- Mumwanya ibihano biraba fata mugihe izuba ryaseruka
- Hanyuma duca tugira ivyo bisagara kuba hasi hejuru, hanyuma tubashungurira imvura y’isegenya irimwo ivyondo vyo mumuriro udahera
- Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo icirwa ku bantu bapima ibintu n’ibindi
- N’ibi bisagara twahoneje biri munzira bacamwo mumwanya wose
- Ntankeka muri ibi vyose harimwo icirwa kubantu bemera Imana yabo y’ukuri
- Mu vy’ukuri abantu bo mumashamba bari mubahemukiye imitima yabo
- Kuri ivyo twarabahanye, n’ibi bisagara uko ari bibiri vyari munzira ziboneka neza
- Ntankeka abantu bo mugisagara c’Amabuye barahakanye intumwa z’Imana
- Twarabahaye impanuro zacu mugabo ntibazitaho
- Nabo bahora babaza amazu yabo ari mumisozi mumahoro ntangere
- Rero akaruru k’ibihano karabashikiye mugitondo cakare
- Ntaco vyabamariye muvyo bahora bagira
- Natwe ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose atari uko ari ivy’ukuri, kandi ntankeka umusi w’imperuka uzoshika, rero nugire c’ikigongwe ciza kuwukugiriye inabi, impembo yanyu muzoyisanga k’umusi w’imperuka
- Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe muremyi wa vyose kandi niwe afise ubumenyi buhagije
- Twaguhaye aya majambo y’Imana meranda uko ari indwi asomwa umwanya uwariwo wose, nukuguha iyi Qur’ani ntagatifu ikwiye
- Ntukwege amaso yawe mukuraba muvyo twanejereje imirwi itandukanye yabo bansi b’Imana, kandi ntubagirire agahinda kandi wunamike ibaba ryawe ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri
- Kandi uvuge uti:- mu vy’ukuri jewe ndi mubantu batuza mbonekana neza k’umugaragaro
- Nkuko twabamanuriye ibihano bose tubitandukanije mumirwi n’iyindi
- Abagize iyi Qur’ani ntagatifu kuba ariryo koraniro ry’ububeshi
- Nivyo, ndarahiye kw’izina ry’Imana yuko uko tuzoba baza abantu bose k’umusi w’imperuka
- Kuvyo bahora bagira vyose
- Rero bimenyeshe ivyo wategetswe kugira, kandi ube kure n’ibikorwa vyabagereranya Imana n’ibindi bintu
- Mu vy’ukuri twebwe turaguhagije mukugu kingira n’ivyo bafata minenerwe
- Abagira Imana hamwe n’izindi Mana z’ibintazi, rero ubu vuba bazotahura neza
- Mu vy’ukuri twebwe turazi neza yuko igikiriza cawe cugarijwe n’ivyo bivugira
- Nutakambire Umuremyi wawe hamwe n’ukuyihayaza, kandi ube muba yipfukamira bashize imitwe yabo hasi
- Kandi usenge Umuremyi wawe kugeza aho uzoshikirwa n’urupfu. Igisomwa c’Inzuki. Ikigabane ca (14). Camanukiye IMakkat. Gifise imirongo